Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka ruzitunganya neza mu migambi ruzoroherezwa kuronka umutahe mw’ibanki y’urwaruka

hhbniInama ya mbere ihuza abanyamitahe bagizwe n’amakomine yose y’igihugu hamwe na Reta y’Uburundi bo mw’ibanki y’urwaruka yarakoraniye mu ntara ya Gitega ku wa 3 Gitugutu 2019 mu ntumbero yo kwitunganya kugira bashobore gushiraho iyo banki, yuguruwe n’Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore.Inama ya mbere ihuza abanyamitahe bagizwe n’amakomine yose y’igihugu hamwe na Reta y’Uburundi bo mw’ibanki y’urwaruka yarakoraniye mu ntara ya Gitega ku wa 3 Gitugutu 2019 mu ntumbero yo kwitunganya kugira bashobore gushiraho iyo banki, yuguruwe n’Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore.Aho yabanje gushikiriza abari bitavye iyo nama  indamutso y’U mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari nawe yatanze ico ciyumviro c’ibanki y’urwaruka. Prezida Nkurunziza akaba yavyemereye urwaruka mu nama yamuhuje n’arwo mu mwaka w’2016 mu ntara ya Gitega ko hojaho  ibanki y’urwaruka kugira ishigikire imigambi yarwo, inyuma yaho hakaba haciye hajaho umurwi w’abahinga wiga ibikenewe kugira ishobore kujaho. Iyo Banki ikaba izofasha mu kugabanya ubushomeri, kurwiza akazi biciye mu migambi y’iterambere ugo rwaruka ruzitegurira hamwe n’ukurwanya ubukene.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha ko iyo banki ije gufasha urwaruka gukoresha ingabire Imana yabahaye mu kwerekana ico bashoboye, iyo banki izorufasha   kandi kw’isununura mu mibereho yabo haba ku vy’ubutunzi hamwe no mu mibano. Ibanki y’urwaruka rero ngo ije guterera  ikintu kinini mw’iterambere mu gihugu cose kuko yo izokorana n’urwaruka rwo mu gihugu cose kandi ikaba ije kongereza ibanki zari zisanzwe zikorera mu gihugu. Yaciye asaba ibanki zari zihasanzwe, zaboneye izuba iy’urwaruka kubereka umwonga uhuma n’uwudahuma. Joseph Butore yarongeye atumirira urwaruka kwitunganya mu kuja hamwe kugira baze bashobore kuronka ubushobozi bwo kwaka ideni mw’ibanki y’urwaruka kuko izoha ideni abari mu mashirahamwe no mu makoperative.Umushikiranganji w’urwaruka no gutumatumanako Evelyne Butoyi nk’umworosha bikorwa muri iyo nama yamenyesheje ko iyo nama yatunganijwe  kugira  bashigikire uwo mugambi mwiza w’ abanyamitahe mu gushiraho ibanki y’urwaruka. Evelyne Butoyi yabandanije amenyesha ko iyo banki y’urwaruka  izogirwa n’umutahe uva mu ma komine yose y’igihugu, bagizwe na ba musitanteri bari bitavye iyo nama, akaba arizo zifise  umutahe munini hamwe na Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta.

Uyo mutahe akaba ungana n’imiriyaridi 10 z’amafaranga y’amarundi. Abo bari baje muri iyo nama nkabanyamutahe ba musitanteri barongoye ikomine zose bakaba bazobandanya bakora kugira bakwize ico amategeko abasaba na cane cane ibanki nkuru y’igihugu kugira hugururwe ibanki mu Burundi. Evelyne Butoyi yasozereye amenyesha ko amategeko  abahinga bazanye muri iyi nama avuga ko atamuntu  umwe kugiti ciwe ashobora kuronka ideni ariko abo banyamitahe bazobandanya bayahinyanyura baravye ivyiyumviro vyabo nuko imitahe yabo yokora. Umushikiranganji w’urwaruka yasubiye guhimiriza urwaruka kuja hamwe kugira baze bashobore kuronka umutahe, ariko abazitunganya neza kuruta abandi nibo bazoronswa amafaranga  muri iyo banki. Twobamenyesha ko iyo nama yarangiye hashizweko igikumu na Reta y’Uburundi hamwe na ba musitanteri yemeza icegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama.

Anitha Bizimana

Ouvrir