Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abinjiye mu murwi CNIDH bashasha barakarihirijwe ubwenge

buuuhhhgUmugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH waratunganije uruganda rwo gukarihiriza ubwenge abashasha bashizwe muri uwo murwi.  Urwo ruganda rukaba rwamaze iminsi itanu ni ukuvuga kuva ku wa 23 gushika ku wa 28 Nyakanga mu 2019, mu nyubakwa z’ihoteri  Royal palace i Bujumbura. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH waratunganije uruganda rwo gukarihiriza ubwenge abashasha bashizwe muri uwo murwi.  Urwo ruganda rukaba rwamaze iminsi itanu ni ukuvuga kuva ku wa 23 gushika ku wa 28 Nyakanga mu 2019, mu nyubakwa z’ihoteri  Royal palace i Bujumbura. Uwurongoye uwo murwi, Sixte vigny Nimuraba yamenyesheje ko intumbero y’urwo ruganda ari ukunonosorera abo banyamurwi ibijanye no gukingira agateka ka zina muntu. Ku civugo « Twese hamwe, duteze imbere agateka ka zina muntu ».

Sixte Vigny yabandanije amenyesha ko uwo murwi wavutse mu mwaka w’2011, hisunzwe itegeko inumero 53 ryo ku wa 5 Nzero 2011, ukaba ugizwe n’abashingantahe, n’abapfasoni b’ijunja n’ijambo bakora neza ico batumwe kandi bakabikora babikunze. Uwo arongoye uwo murwi CNIDH yaribukije abari aho ko akarangamutima k’uwo murwi, ari ugukingira n’ukutihanganira uwo wese yototeza agateka ka zina muntu. Nayo mu bibazo vy’abamenyeshamakuru, ku bijanye n’amatati yirirwa araba hagati y’abadasangiye imigambwe, yishuye ko bari ku kivi. Aho hose bumvise amatati y’abarwanye bapfa kudasangira ivyiyumviro vya politique, yavuze ko baca bahishikira bakabanza gutohoza neza bakamenya abatanguye abandi maze uwagiriwe n’icaha agahanwa hisunzwe amategeko.yaravuze kandi ko ivyo vyagiye vyibonekeza cane cane mu ntara za Kirundo, Muyinga n’ahandi aho havuzwe urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi rwatanye mu mitwe n’abari mu mugambwe CNL.  I Muyinga, abajejwe agateka ka zina muntu barahishikiye basanga abakoze icaha barahanywe. Sixte Vigny avuga ko  aho bumvise habaye ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu, bagasanga uwagiriye icaha vy’ukuri yahanywe ngo kuri uwo murwi ni ivyishimo.Tubamenyeshe ko izo nyigisho nkarishabwenge  zagiriye akamaro  kanini  abashasha binjiye muri uwo murwi CNIDH, bakaba baramenye ibijanye n’amasezerano yo kwubahiriza agateka ka zina muntu yapfundikiwe i Paris mu gihugu c’Ubufaransa, uko bakingira uwatanze inkuru, uwakorewe icaha, amasura, uko bakira n’ingene bokwifata imbere y’uwakorewe icaha, n’ibindi bitari bike. Abo baronkejwe izo nyigisho barashima ko ari ngirakamaro kandi ko bizobafasha gukora neza igikorwa bahamagariwe co gukingira ataho begamiye agateka ka zina muntu. Uwurongoye umurwi CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba, yavuze ko batashitse neza kw’ihangiro bari bihaye ariko ko muri rusangi bashima intambwe bagezeko. 
Irène Niyongabire

Ouvrir