Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara za Cibitoke na Bujumbura Prezida Nkurunziza yaruguruye icese inyubakwa zitandukanye

naaDSC 1191Kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2019, umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaruguruye inyubakwa zitandukanye zo mu ntara za Cibitoke na Bujumbura mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 igihugu c’Uburundi kimaze gihabuje intahe y’ukwikukira.Kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2019, umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yaruguruye inyubakwa zitandukanye zo mu ntara za Cibitoke na Bujumbura mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 57 igihugu c’Uburundi kimaze gihabuje intahe y’ukwikukira.Mu ntara ya Cibitoke, Umukuru w’igihugu yuguruye ishure nshingiro ryo ku Kamakara.Iryo shure ryubatswe ku mfashanyo y’umunyakoreya Jin Young abicishije mw’ishirahamwe ry’abanyakoreya, iryo naryo rikaba ryafadikanije n’ishirahamwe ritegamiye Rata ryitaho amagara y’abantu n’iterambere IPSDI-Burundi. Umuyobozi w’ishure nshingiro rya Kamakara, Sylvain Munyakazi yamenyesheje ishure arongoye ryat batswe mu mezi abiri. Yabandanije amenyesha ko iryo shure rifise abanyeshure 919 n’abigisha 10. Ngo abo bigisha ntibakwiye umuntu aravye ko umwigisha umwe ategerezwa kwigisha abana 50. Munyakazi yamenyesheje ko ishure nshingiro ryo ku  Kamakara ribuze abigisha 10.Umukuru w’igihugu yaruguruye kandi inyubakwa ya koperative « Umuceri wacu » ishingurwamwo umuceri. Iyo koperative ikaba ifise abanywanyi 146.Mu ntara ya Bujumbura, Prezida Nkurunziza yuguruye ishure nshingiro ryitiriwe ikigwati c’iterambere (Village de Développement) riri mu Maramvya. Iryo shure rigizwe n’ibirasi 9 vyubatswe n’uburyo bwa komine Mutimbuzi. Twobamenyesha  ko mu ntara ya Cibitoke umukuru w’igihugu yashikirijwe igabire igizwe n’ inka 2 n’ivyimburwa bitandukanye biba muri iyo ntara.
Aline Kanyana

Ouvrir