Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagendana ubumuga barakengurukira Reta kw’ishaka yerekana ryo kuborohereza rizobonekera mw’Ibwirizwa Shingiro

DSC 112bggg3Kw’igenekerezo rya 24  Nyakanga 2019 urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi rufashwe mu mugongo  n’igisata ca ONU kijejwe iterambere kw’isi « PNUD » rwaratunganije uruganda ku baserukira amashirahamwe atandukanye y’abagendana ubumuga,abaserukira ubushikiranganji butandukanye mu ntumbero y’uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ibibazo bibangamiye ubuzima bw’abagendana ubumuga   mu Burundi. Urwo ruganda rukaba rwuguruwe n’umuhuza w’abarundi  Edouard Nduwimana. Kw’igenekerezo rya 24  Nyakanga 2019 urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi rufashwe mu mugongo  n’igisata ca ONU kijejwe iterambere kw’isi « PNUD » rwaratunganije uruganda ku baserukira amashirahamwe atandukanye y’abagendana ubumuga,abaserukira ubushikiranganji butandukanye mu ntumbero y’uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ibibazo bibangamiye ubuzima bw’abagendana ubumuga   mu Burundi. Urwo ruganda rukaba rwuguruwe n’umuhuza w’abarundi  Edouard Nduwimana. 

Umuhuza akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi itirengagije na gato uwo murwi w’abanyagihugu kuko ngo  mu ngingo ya 22 , Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi, ivuga ko abanyagihugu bose bangana imbere y’amategeko kandi akabakingira kumwe.  Ikindi kandi ngo ni uko urwego rw’umuhuza rufise uruhara rudasanzwe mw’itegurwa ry’ibikorwa ben’ivyo vy’ukurarika abashobora gufasha mu gutorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu. Umwigisha Siméon Barumwete mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru akaba yamenyesheje ko zimwe mu ntambanyi  z’abagendana ubumuga ari uko imigambi Reta ishira mu ngiro rimwe na rimwe mu kuyiyumvira bishika bakayiyumvira batabanje kuraba ivy’ abagendana ubumuga cane cane bakeneye bigashika imigambi  ikarangurwa ariko ataco iriko irasahiriza abantu bagendana ubumuga.  Iyindi ntambamyi nyamukuru nayo  ngo ijanye n’ukuntu  abarundi bafata abantu bagendana  ubumuga nk’uko umengo ntaco bamaze, ugasanga ni umuntu ategerezwa kubaho kubera abandi ntibigere bamufata yuko ari umuntu afise impano yoshobora kwibeshaho n’inguvu ziwe n’icuya yabize. Siméon Barumwete akaba yarakengurukiye Reta kw’ishaka yerekanye ry’ukworohereza abagendana ubumuga ariko bagasaba ko vyoshirwa mu ngiro igisata cose mu vyo kijejwe.
Umwitwarariko wo kworohereza abagendana ubumuga wogaragara mu nyubako za Reta n’izihuriramwo abantu benshi
Abubaka inzu za Reta canke izindi nyubako zihuriramwo abantu benshi basabwa gukoresha uburyo bugezweho kugira uwugendana ubumuga ashike aho yipfuza hose. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi Cassien Bizabigomba mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko yabimenyesheje, ngo abagendana ubumuga haraheze imyaka bariko baraharanira amateka n’amategeko yabo ubumuga na cane cane mu vyerekeye kworoherezwa mu gushika aho umuntu ashaka. Ngo amategeko agenga abagendana ubumuga avuga ko uwugendana ubumuga afise uburenganzira bwo gushika aho ashaka no gushikira ibigenewe bose. Yaciye ashima n’inyubako ziriko zirubakwa harimwo inyubakwa igenewe abavyeyi n’abana yo ku bitaro vy’abasirikare kuko yabaye akarorero mu buryo bwo kworohereza abagendana ubumuga gushika aho bipfuza gushika co kimwe n’ibitaro Bumerec. Yasavye abariko bubaka inyubako za Reta canke izihuriramwo abantu benshi ko bogerageza bagakoresha uburyo bugezweho bujanye n’uko uwugendana ubumuga azoshobora gushika aho yipfuza hose. Yarakebuye n’ishirahamwe rya gisirikare SECADEM kuko rigomba kwubaka icicaro gikuru caryo mu magorofa kuzokwibuka abagendana ubumuga. Yarakengurutse kuko amategeko ategekanijwe yamaze kwemezwa, igisigaye ari ukuyashira mu ngiro mu kwubahiriza ivyo ayo mategeko asaba mu bijanye no gushira mu ngiro ubwo bwinjiriro bworoheje abagendana ubumuga ngo bashobore gushika aho bashaka, ayo mategeko nayo abajejwe kuyashira mu ngiro bagakurikirana neza ko ariko ashirwa mu ngiro uko bikwiriye. Yaheraheje amenyesha ko abo vyogora mu vyerekeye kwubaka, bobibamenyesha kuko baronkejwe ibitabu mfashanyigisho bituma ubona ivyankenerwa bijanye n’ubumuga ubwaribwo bwose. 

Evelyne Niyonzima na

Christine Manirambona

Ouvrir