Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igiterwa ca «stévia» kirimwe mu gihugu, coshobora kwinjiza amahera y’agaciro

Igiterwa ca « stévia » ngo gifise akamaro kanini cane ufatiye ku mafaranga y’agaciro gishobora kwinjiriza igihugu ndetse kikanashobora gukura mu bukene abanyagihugu. Ico giterwa gihinguwe, gitanga isukari nziza idatera indwara y’igisukari . Inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo kijejwe ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi ISABU, haremejwe ubwoko bubiri ko bushobora kurimwa mu Burundi. Ivyo ni ivyashikirijwe na Cyrille Mbonihankuye yakoze ubushakashatsi mu kigo ku giterwa ca « stévia », ibiterwa vy’ivyamwa n’imboga, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 27 Myandagaro 2019. Nk’uko uwo yakoze ubushakashatsi ku giterwa « stévia », Cyrille Mbonihankuye yabandanije abishikiriza, ngo afatiye kuri ubwo bushakashatsi, ico giterwa gishobora kurimwa mu ntara zose z’Uburundi. Ariko ngo bivanye n’intara, aho coba cane  gusumvya ahandi, ngo ni mu ntara kama ya Kirimiro,  Aho giterwa ca « stévia » gikuze, kikazana imbuto, zikoroye ngo ziraheza zikamera. Mu ntara kama y’Imbo, ico giterwa kirakura, kizanye imbuto, ntiziheza ngo zikorore. Uwo mushakashatsi afatiye ku vyo yatoye, ngo intara ya Kirimiro .ishobora kuba isa n’iyo ico giterwa camuka, aho naho ni muri Amerika y’Epfo (Amérique Latine). Akamaro k’ico giterwa, ku bijanye n’uko kirimwa, ngo ni igiterwa kimara umwanya munini aho giteragiwe, ico yise « culture pérenne » , ico giterwa kigashobora kumara imyaka irenga 7. Kw’isi yuma ningoga, ngo bisaba ko gisasirwa kugira isi igumane akabombera. Ku mwaka, ngo umurimyi waco agashobora gusoroma amababi yaco incuro zitatu canke zine, bivanye n’ukuntu imvura yaguye. Igiterwa ca « stévia » uko giteragirwa, ngo urashobora  gutera imbuto canke kigaterwa kurya kw’ibikotikoti vy’imyumbati, ndetse kikanashobora guterwa hakoreshejwe  imivyaro mito mito ivuye muri « laboratoire », ico yise « vitro plant ». Akandi kamaro gakomeye, ni uko ico giterwa kimeze nk’umuti, amababi avuye kuri ico giterwa n’iyo avamwo isukari n’umuti ikongera ikaba imfungurwa.

Isukari ivuye mu giterwa « stévia » irafasha kurwanya indwara zifata umutima

Kunywa  isukari ivuye mu giterwa ca « stévia », ngo birafasha kurwanya indwara zifata umutima, ivuduka ry’umurindi w’amaraso « hypertension », « infection », n’izindi. Isukari y’igiterwa ca « stévia » irafasha kugabanya vya biro vy’umurengera « obésité ». Mu bifungurwa, ngo ni isukari ija mu cayi, mu mitobe, n’ibindi binyobwa. Ku bijanye n’igiciro c’igiterwa ca « stévia », ngo ikiro c’amababi yumye, ni amafaranga 3 y’amanyaburaya, ni ukuvuga ibihumbi 10 birenga mu mafaranga y’amarundi. Iyo sukari uyigereranije n’iyiva mu bikaju, ngo iragurishwa cane ku rugero rw’ibice 25% gusumvya iyo sukari iva mu bikaju. Ku murimyi, ngo igiterwa ca « stévia » comugirira akamaro kanini  kubera cinjiza amafaranga menshi. Mu Burundi, ngo igiterwa ca « stévia » kiramaze igihe, aho catanguye kuvugwa mu mwaka w’2013 ushira uw’2014. Inyuma yaho, ikigo ISABU carakoze ubushakashatsi aho hemejwe ko mu Burundi hashobora kurimwa ubwoko bubiri bwa « stévia ». Ico kigo ngo kikaba caragiriraniye amasezerano n’ishirahamwe « stévia Burundi », ubu ngo bakaba bariko baragerageza ubundi bwoko bubiri, na bwo nibwemezwa bukazoca buba ubwoko 4 bwemewe kurimwa mu Burundi, ariko ngo n’ubundi buzoza. Haruhande y’intara kama ya Kirimiro, ngo intara kama ya Mugamba na Mirwa naho nyene umwimbu ngo uba mwiza cane, vyumvikana ko ahantu haboneka umwimbu mwiza haba hakanye, hagwa n’imvura nyishi.  Ngo aho izindi ntara bimbura kane mu mwaka, mu kiyaya c’Imbo ngo cimbuka gatatu ku mwaka.

Ikigo ISABU kirategekanya kugwiza igiterwa ca « stévia »

Mu ntumbero yo kugwiza imbuto z’igiterwa ca « stévia », ngo mu kigo ISABU barategekanya kurima mu Gatasi imirima ishobora kuzovamwo imbuto. Iyo mirima bagategekanya kuyirima mu Kumoso, i Mutaho, mu ntara ya Gitega hamwe no mu Vyegwa, mu ntara ya Ngozi. Ico giterwa kimaze kurimwa cane, ngo ishirahamwe « stévia Burundi » rirategekanya gushinga ihinguriro ry’isukari ivuye mu giterwa ca « stévia ». Igiterwa ca « stévia » ngo kivamwo isukari iri mu bwoko bwinshi, ariko ngo iya mbere ni iyitwa « stévioside ».  Muri kazoza ka hafi, ngo barategekanya gukora icigwa kugira basuzume muri bwa bwoko 4 bwa « stévia » barabe ubutanga isukari nyishi (amababi) kugira bube aribwo bukwiragizwa mu barimyi. Mu gihe igiterwa « stévia» kitaramenyekana mu Burundi, ngo ubwo bwoko butanga umwimbu mwishi bumaze kumenyekana, ngo hazotegurwa agatabu kerekana ingene ico giterwa kimeze kuva mu matuta gushika gisoromwe n’akamaro kaco. Ako gatabu kazoheza gahabwe abarongoye uburimyi n’ubworozi mu ntara zitandukanye ndetse n’imirima yo kugwiza imbuto ikwiragizwe mu ntara zitandukanye gushika ku rwego rw’amakomine kugira abarimyi baronke imbuto bitagoranye. Ibindi biranga ico giterwa, ni uko ari igiterwa aho giteragiwe uhasanga inzuki nyishi, gutyo bigashobora gutuma ubworozi bw’inzuki aho giteragiwe bukomezwa. Ikindi ngo ni igiterwa kirinda indwara ndetse kikanafasha kugwiza ibiterwa vy’ibinyantete kubera izo nzuki intete ziboneka ari uko zibifashijemwo. Tubamenyeshe ko ico giterwa ca « stévia » kirimwa mu gihugu c’Ubushinwa kuva kera, igihugu ca Maroc, mu karere naho kikaba kirimwa mu gihugu ca Kenya.

Déo Misigaro

Ouvrir