Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuco wo gusoma ibitabu n’ibinyamakuru uriko uratera imbere mu gihugu c’Uburundi

Gusoma ibitabu  ni umuco utari muri kahise k’abarundi kuko bari bafise umuco wo kuvuga imigani n’ibitito. Ariko muri kino gihe abarundi na cane cane abanyeshure bariko barijukira ugusoma ibitabu  babifashijwemwo n’ikigo kijejwe guteza imbere gusoma n’imico kama “CEBULAC”. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ico kigo, Alain Patrick Muheto mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 16 Myandagaro 2019. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo abarundi bakwiye kumenya neza akamaro ko gusoma ibitabu n’ibinyamakuru bagaheza bakavyijukira bose ata n’umwe asigaye inyuma. Gusoma ibitabu n’ibinyamakuru ngo bituma umusomyi wavyo amenya ibiriko birakorerwa aho ari, mu gihugu ndetse no mu makungu. Ikindi naco ngo bifasha guteza imbere ubumenyi bw’uwusoma. Mu bitabo ngo usangamwo ibintu vyubaka bigafasha  uwusoma gutahura ibintu vyinshi bimufasha mu buzima bwa minsi yose, n’ibindi. Alain Patrick Muheto yamenyesheje  ko kera abarundi batakunda gusoma ibitabu n’ibinyamakuru kubera bari bafise umuco wo gutita ibitito no guca imigani gusumba gusoma. Ikindi naco cibonekeza ico gihe ni uko ata bitabo vyinshi n’ibinyamakuru vyari bihari gutyo bigatuma n’uwuvyipfuza adaca abironka hafi yiwe. Ariko ubu ngo Reta yarashizeho umugambi wo guteza imbere gusoma ibicishije mu bushikiranganji bw’inkino n’imico kama mu kigo kijejwe guteza imbere gusoma n’imico kama. Ico kigo rero kikaba nngo gifashanya n’amakomine  aheza akwubaka inyubakwa gutyo ico kigo kikazana ibitabu n’ibindi bikoresho bikenerwa mu mazu yo gusomeramwo ibitabu benshi bita “bibliotèque”. Alain Patrick yamenyesheje ko hariho  ibigo bishika 42 bikwiragiye mu makomine amwe amwe yo mu gihugu, muri ivyo 32 ngo nivyo biriko birakora, ibisigaye navyo amakomine akaba akiriko aritunganya kugira bikoreshwe  nk’ibindis. Ariko ngo umugambi uhari ni uwo gushikana bene ivyo bigo mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi. Ikindi yamenyesheje ni uko ibikorwa vyose vy’ivyo bigo ngo bikorwa ku buntu, ni ukuvuga ko baba abipfuza gusoma ibitabu baja barabitahana canke baba abasomera ngaho nyene bose nta mahera basabwa. Iyo ivyo bigo vyegereye ishure ngo usanga abanyeshure baherera gusoma nka bose kandi mbere ngo bigatuma n’ubumenyi buca bwongerekana. Ngo baravye rero muri ivyo bigo bikora, basanga ibitigiri vy’abasoma ibitabu bitera vyiyongera uko iminsi igenda kuko ubu ikigo citwa ko gifise abasomyi bake gifise abashika 600 muri ivyo 32. Alain Patrick yaheraheje atera akamo Abarundi bose ngo babone akamaro ko gusoma gutyo baheze babikunde. Abajejwe intwaro nabo ngo bafashe guhimiriza amakomine atarashira mu ngiro umugambi wo kwubaka ivyo bigo vyo gusomeramwo kugirango avyubake gutyo abanyagihugu baho batangure kwinovora akamaro ko gusoma ibitabu n’ibinyamakuru.

Estella Niyongere

 

Ouvrir