Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urugamba rwo gutuza indwara ziva kw’isuku rike ntirwotereranwa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda Sida, Thaddhée Ndikumana amenyesha ko urugamba rwo kurwanya indwara ziva kw’isuku rike rutotereranwa ubushikiranganji arongoye bwo nyene , ahubwo rwega n’ubundi bushikiranganji nk’ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi na bwo nyene bufise ico bwofasha muri ico gikorwa. Ivyo akaba yabishikirije kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro mu 2019 igihe yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe aho yari yitamvye ubutumire bw’urwo rwego mu ntumbero yo kumubaza ibibazo bishimikiye ahanini ku ndwara ya malariya ivugwa cane mu gihugu   hadasizwe inyuma indwara ziva kw’isuku rike nka korera hamwe rero  n’indwara ya Ebola igeramiye akarere ko mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kongo (RDC), gisanzwe gihana urubibe n’Uburundi. Hakaba hari mu bikorwa y’isasa ry’urwo rwego ry’ukwezi kwa Mukakaro. Abashingamateka barabajije umushikiranganji Thaddhée Ndikumana ibijanye n’indwara zimwe zimwe zihanze abarundi hamwe n’aho ibikorwa coyo kuzikinga bigeze. Barabajije kandi ibijanye n’urugero indwara ya malaria igezeko hisunzwe ibiharuro vy’abarwayi n’ibijanye no kurwariza mu bitaro bimwe bimwe, hadasizwe inyuma ibijanye n’isuku mu gisagara ca Bujumbura. Ku bijanye n’indwara ya malaria, Thaddhée Ndikumana yishuye ko muri aya mezi ane aheze, hibonekeje indwara ya malaria mu bice vyo mu burengero no mu bumanuko bw’igihugu. Ivyo navyo ngo vyavuye ahanini kw’ihindagurika ry’ibihe ryagiye ryibonekeza muri ivyo bice habonetse imibu myinshi irya abantu ku murango. Ubushikiranganji ngo bwarakoze ibishoboka vyose buratanga imisegetera, barahimiriza kuyiryamamwo no gutera ibiterwa bimwe bimwe vyirukana imibu nk’umucayicayi  akamoto kawo kirukana imibu. Ubushikiranganji ngo bwarahaye akazi abantu 360 vy’imfatakibanza kugira baduge ruguru bafashe muri ico gikorwa co kurwanya malariya. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwarateye akamo ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, bwo gukundisha igihugu n’iterambere ry’abenegihugu ubw’ibidukikije uburimyi  n’ubworozi gufasha muri ico gikorwa.

 Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buriteguye guhangana n’indwara zitandukanye

Ku bijanye n’indwara ya Ebola, Thaddhée Ndikumana yamenyesheje ko habonetse ubuhinga bugezweho bwo gupima ubushuhe badakoze ku muntu canke ku murwayi. Ngo harabonetse kandi ibikoresho vyo kwikingira n’imiti ikinga ico kiza babifashijwemwo na OMS yabanje gusuzuma ko bikwije amategeko. Uwo mushikiranganji Thaddhée Ndikumana yavuze ko urucanco rw’iyo ndwara ruriko rurakoreshwa  mu gihugu ca Kongo. Mu Burundi ngo bakaba bari basavye incanco 10000) ariko baronka 2000)  gusa. Izo ngo zica zikora ku rubibe rw’Uburundi na Kongo kugira bakingire uwuvuyeyo imbere y’uko yinjira mu Burundi. Ku bijanye n’indwara ya korera, Thaddhée Ndikumana yamenyesheje ko abarwayi 235 bavuwe bagakira. Kuri ubwo, yateye akamo abajejwe intwaro hasi guhimiriza abo barongoye kugira isuku aho babaye. Nayo ku bijanye n’ubucafu bwibonekeza mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Gitega,yavuze ko bariko bariga uko botegura ibibanza vyo kwegeranirizamwo ubucafu kugira bareke guta imyanda aho babonye. Ku vyerekeye abihagarika ku nzira, ngo hariho umugambi wo kwubaka utuzu twa surwumwe ahantu haca abantu benshi maze bakarihisha amahera biciye muri wa mugambi w’amakoperative. Ku vyerekeye abarwariza ababo mu bitaro bagasanga bafashwe neza ngo bosaba ko bobemerera kuba hafi ababo kandi bakaronsa ibikoresho bikinga ko nabo bokwandura. Thaddhée Ndikumana yarangije yemerera abashingamateka gukora ibishoboka vyose ngo abavuzi biteho amagara y’abenegihugu.

Irène Niyongabire 

Ouvrir