Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imirwi yabaye iya mbere mw’ihiganwa ry’ibiswi vy’inkona yararonkejwe udushimwe

Kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2019, i Bujumbura. Umugambwe CNDD-FDD warasozereye isabukuru ry’imico kama ryahamagariwe ibiswi vy’inkona, n'ukuvuga urwaruka rukomoka mur'uwo mugambwe rufise imyaka iri hagati ya 7 na 17, ku civugo « Dushishikare guterera amatora, dutsimbataze demokarasi mu gutora umugambwe CNDD-FDD maze Uburundi bushishikare kuba umwakaka». Muri iryo sabukuru, ibiswi vy’inkona vyarahiganywe mu bijanye n’imvyino ku rwego rw’inama nshingiro,  urw’imitumba, urw’ amakomine, urw’intara n’urw’igihugu. Imigwi 13 y’ibiswi vy’inkona yabaye iya mbere niyo yahiganywe ku rwego rw’igihugu. Umurwi wabaye uwa mbere n’uw’i Mutaho  witwa « Terambere » ukaba waronkejwe amafaranga 500 000, uwa kabiri n’uwo mu Ruyigi witwa « Ejo ni heza » waronkejwe amafaranga  300 000, uwa gatatu n’uw’i Gitega witwa « Kabando » waronkejwe amafaranga 200 000. Umurwi wose  muri iyo 13, wararonkejwe amafaranga 100 000 n’imifuko 6 y’umuceri. Umunyamabanga mpuzabisata *mur'uwo* *mugambwe* ajejwe inkino, imibano n’imico kama, Athanase Hatungimana yamenyesheje ko iryo sabukuru ryatunganijwe mu ntumbero yo guhamagarira abantu  ngo baterere amatora maze berekane ko abarundi bashoboye kwitunganiriza amatora *ata mfashanyo ivuye hanze*. Ngo iryo higanwa ryatunganijwe kandi mu ntumbero yo kumenyera ko iyo habaye ihiganwa haburana babiri hagatsinda umwe, «gutyo abantu bareke* kwama  bahakana ivyavuye mu matora. Ngo iryo higanwa ryatunganijwe kugira bakomeze indero mu bana *banabamenyereze* gukora ibikorwa vy’iterambere. Hatungimana yahamagariye ibiswi vy’inkona kugamburuka, abavyeyi nabo bakurikirane indero y’abana, babahe akarorero kugira baze babaceko umugani. Igihe co gutanga udushimwe ku babaye aba mbere muri iryo higanwa ry’ibiswi vy’inkona ku rwego rw’igihugu ,ku kibuga c’inkino co kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga ETS ryo mu Kamenge

Aline Kanyana

Ouvrir