Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagumyabanga bose basabwa kubandanya bicisha bugufi imbere y’Imana

Nk’uko vyama bigenda buri wa kane wa nyuma w’ukwezi, umugambwe CNDD-FDD waratunganije amasengesho yo gushimira Imana mu ntara zose z’igihugu, inyuma y’umutaga wo ku wa 29 Myandagaro 2019. Ayo masengesho  yatunganijwe hisunzwe ijambo ry’urufatiro riri muri bibiliya,mu gitabu c’Umusiguzi: ikigabane ca 3 kuva ku karongo ka 13 rivuga riti : « Kandi ikindi, y’uko ubuntu bw’Imana ari uko umuntu yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bwiwe bwose ». Mu gisagara ca Bujumbura, amasengesho  yabereye mu cicaro gikuru c’uwo mugambwe, arongowe n’umunyamabanga mukuru wawo Evariste Ndayishimiye. Ayo masengesho yari yitabwe n’indongozi zitandukanye z’igihugu harimwo n’uwahoze arongoye uwo mugambwe, ubu akaba arongoye Inama Nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda.  Evariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko Imana yakuye kure umugambwe CNDD-FDD ari co gituma abagumyabanga batazoyibagira. Yaribukije abari aho icatumye umunsi wa kane wa nyuma w’ukwezi utorwa kugira ube ari wo boza barakengurukirako Imana. Ngo hari kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003, ku munsi wa kane aho babwira uwaserukira Reta y’ico gihe bati : « Mbega mwebwe mushize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara ntimuvyina ? » Uwo munsi rero ngo wari uw’akanyamuneza ,aho uwari arongoye umuhari CNDD-FDD akaba ariwe arongoye igihugu Petero Nkurunziza yatera ya ndirimbo ivuga ngo “Warakoze Mama”,ari naco gituma ari ntibagiranwa mu mugambwe CNDD-FDD. Kuri bo, amenyesha ko ari nk’umunsi wa pasika, umunsi wo kwibuka Imana bakavuga bati turawukwihebeye. Iyo ngendo rero abagumyabanga bihaye yo gushimira Imana mu masengesho ngo bategerezwa kuzoyigumana kanatsinda ngo baragize icibutso co kwiyegurira Imana. Yahamagariye abagumyabanga kubandanya bicisha bugufi imbere y’Imana mu kwisonzesha no mu gukoresha neza ubutunzi. Yisunze ivyanditswe mu gitabu c’ijambo ry’Imana, yamenyesheje ko uwushaka kurya atarushe aba acumuye kuko umuntu ategerezwa gukora kugira abere kirumara abandi. Ati : Umukuzi w’inkerebutsi ni umutoni w’abahambaye kandi arashimirwa.  Iyo umuntu ariye ivyo atabirye akuya ngo Imana ntiba yabihezagiye aba ariye umuvumo kandi ngo umuvumo w’Imana uraheza ukamukurikirana iyo agiye hose. Evariste Ndayishimiye akaba yarangije asaba abagumyabanga bose kwubaha no kugamburukira abarongozi.

 

Gloriose Nshimirimana 

Ouvrir