Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi n’abarezi bahamagariwe gukingira abana ibiyayuramutwe mu kubaba hafi

Abana b’imiyabaga bategerezwa gukingirwa n’abavyeyi, abarezi canke uwundi wese abishoboye na cane cane abarongozi kuko aribo Burundi bw’uno munsi n’ubw’ejo. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru canyu UBUMWE cabatororokanirije inkuru yerekeye abana banywa ibiyayuramutwe, ababinyoye bakabiheba, n’icokorwa kugira izo ngeso ziranduranwe n’imizi. Mbega  bene abo bana nabo barakeneye gukingirwa ? Kugira bashobore gukingirwa ni ngombwa kubanza kumenya ingene batanguye kubinywa, mu igihe ikihe babinywa, n’icokorwa kugira babihebe. Eric Debege arongoye ishirahamwe ry’abahoze banywa ibiyayuramutwe (BAPUD) mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2019 yamenyesheje ko iryo shirahamwe ririmwo imikangara ingana 2500 hano mu gisagara ca Bujumbura, ingana n’6.000 mu gihugu cose. Agasaba rero abanywa  ibiyayuramutwe kubiheba kubera bizana ingaruka mbi nyinshi haba  ku magara yabo, ku mashure aho biga ku ndero yabo mu bisata vyayo vyose.

Eric Debege yamenyesheje ko  urwaruka rwinshi runywa ibiyayuramutwe rwibaza ko ari ukwinezereza canke kuba abahizi, kwerekana ko bava mu miryango itunze ntibamenye ko bariko bonona amagara yabo. Abavyeyi canke abarezi kenshi na kenshi ngo ntibamenya ko abana babo badukanye iyo ngeso mbi kuko batangura buhoro buhoro mu tugwi duto duto bakunze kwita « ligalas » ukamengo ntaco vyica. Abavyeyi ngo kenshi baja kubimenya aruko amazi yarenze inkombe ataco bakigarura. N’aho  abana baba batanguye kunywa ibiyayuramutwe bafyina, bamaze kubimenyera baca batangura kurondera iyo bakura amahera yo kubigura kuko iyo babibuze niho biboneka ingorane ziba zitanguye. Baca batangura kugwara indwara zo kudahwa, gucibwamwo, gucika umugongo n’ubwenge bukazimira. Kugira basubire kutora ubwenge babanza kunywa ivyo biyayuramutwe. Debege yamenyesheje ko umunywi wavyo agiye mu ruhagarara aterwa no kubibura ata co yibanga.Ashobora kwiba abagenzi, abavyeyi eka abo aribo bose n’uwufise inkoho ntamutinya. Ngo barashika naho badandaza impuzu bambaye, ibirato, imigufu, bakarya amahera y’ishure, hamwe no gukora ubusuma butandukanye, ndetse bakanakora n’ubusambanyi eka n’ibindi bibi vyinshi.

Uruhara rw’abavyeyi ni ntangere

T.N umuvyeyi w’abana 3 bose banyoye urumogi yaratubwiye ingene yarwanije urumogi mu nzu yiwe naho atorohewe. Yavuze ko imfura yiwe yatanguye kurunywa afise imyaka 12. Kubera we n’umukenyezi wiwe baguma biruka n’ubuzima bagataha amasaha yitereye, uwo mwana mukuru yaca abarindirira kw’irembo n’abandi bana bangana. Bashitse umwana yarinjira ata ngorane ubuzima bukabandanya. Ababanyi  baravuga ko ako kagwi k’abana kanywa urumogi ariko we akibaza ko abana biwe bafise indero ivyo bitabaraba. Yagiye kubimenya ari uko uwo mwana wiwe agiye mw’ishure rifise uburaro aho uwo mwana nyene yarufatanywe hamwe n’abandi bana bigana bakanirukanwa.Amushikanye yahisemwo ku muhana akamwihanikiriza naburya yari yamusesaguje amurihira amahera menshi y’ishure. Yaramukubise, aramuboha, aramusinzikaza  biranamuteranya n’umukenyezi wiwe ariko vyabaye ivy’ubusa.Bahavuye bamuhanura ko vyoba vyiza amugize umugenzi akamwereka urukundo, akamubaza ico ashaka. Yaciye abikora uko ari naho yaciye amenyera ko n’abandi bana 2 barunywa.Yarataye umutwe ariko aho yumviye ko hari ishirahamwe( BAPUD ) yaciye yegera abarirongoye baramufasha ubu akaba akenguruka kubona abana biwe bose barahevye kunywa urumogi ; agahamagarira abandi bavyeyi bafise ingorane nk’izo kudashira imbere ibihano ahubwo begere abana babo babatahure bace babafasha guheba ako kabi kabishe. Iyindi ngaruka mbi yo kunywa ibiyayuramutwe n’uko abavyihereza bandura umugera wa Sida, igituntu,  hamwe n’indwara y’igitigu iterwa n’imigera. Yarongeye aramenyesha ko muri urwo rwaruka bamaze kwigisha harimwo abashika 9 babihevye babonye ingaruka mbi zavyo. Debege yaramenyesheje ko urwaruka rukwiye kwigishwa bikwiye ko ivyerekereye kunywa ibiyayuramutwe n’ingaruka mbi zavyo. Umuvyeyi akegera  abana biwe akabahanura akababwira ibibi birimwo kuko n’aho amukubita inkoni ishikira igufa ntishikire ingeso. Iryo shirahamwe  rirasaba Reta ko yobaha uburyo kugira bashobore kwigisha abana n’urwaruka kugira bahebe ivyo biyayuramutwe.  Abana ngo bakunze gutangura kunywa ibiyayuramutwe kubera bagize akagorane gato, canke abavyeyi batabitayeho no mu gihe babuze abavyeyi.Eric Debege akamenyeshako yatanguye kubinywa abuze abavyeyi, ariko kubera yari afise abagenzi b’abana b’abakire yaciye atangura kunywa akamogi. Mu ntango nta ngorane vyamutera kuko yari aciye ubwenge mw’ishure bakaba bamubwira ko arunyoye yoca agira uburengeje.Yarutanguye mu 1990. Guhera 1995 rwari rutanguye kwiha inkumbi.Aremerako amaze kubura abagenzi barenga 40 bahitanywe n’ibiyayuramutwe canke n’inkurikizi zavyo aho avuga nk’abaja kwiba bakagwayo.

Yolande Nintunze na

Thérèse Niyonkuru     

                                                                                                                      

 

Ouvrir