Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Nta kintu na kimwe gishobora kubuza impunzi gutahuka

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine, Pascal Barandagiye yahora mu rugendo rwamushikanye mu  gihugu kibanyi ca Tanzaniya.Yari yitavye inama yamuhuje na mugenziwe wa Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR. Muri iyo nama umushikiranganji Pascal Barandagiye yarerekanye yongera arasigura neza ko amahoro n’umutekano birangwa mu ntara zose z’Uburundi, ko rero impunzi z’abarundi zisigaye muri Tanzaniya zishobora gutahuka mu gihugu cabibarutse aho bazokwakirwa neza nk’uko n’izindi mpunzi nyinshi zakiriwe mu gateka kenshi no mu kanyamuneza ko kubona Abarundi batahutse iwabo, bakavavanura n’ubuzima butoroshe bw’impunzi aho ziba hose mu makambi ategekanywa na HCR. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakimine, Pascal Barandagiye yarongeye arerekana neza ko amasezerano yo mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2018, hagati y’ibihugu vy’Uburundi,Tanzaniya hamwe na HCR atashizwe mu ngiro, amasezerano yategekanya igikorwa co gutahukana ku ndwi ku ndwi impunzi z’abarundi zishika ku bihumbi bibiri. Ivyo ntivyigeze biba namba. Nico gituma umushikiranganji Pascal Barandagiye yagarutse cane kuri ayo masezerano ategerezwa gukurikizwa. Muri iyo nama harerekanywe neza ko hari Abarundi baba mu makambi y’impunzi bashika ku bihumbi cumi na bitanu, babaho bidaciye mu mategeko. Abo bantu bavuga ko ari abarundi nta kintu na kimwe bafise kibaranga  nk’impapuro ziranga impunzi canke ikintu cose cerekana ko Reta ya Tanzaniya ibazi. Abo bantu biyita impunzi z’abarundi kandi atarivyo, ngo bamye biyongera kuva impunzi z’ukuri z’abarundi zitanguye gutahuka. Aha muca mubona ko umuntu ashobora kwibaza vyinshi kuri HCR biboneka ko iryo shirahamwe rishobora gukorana n’abiyita impunzi atarivyo namba.Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakomine, Pascal Barandagiye yahora mu rugendo rwamushikanye mu  gihugu kibanyi ca Tanzaniya.Yari yitavye inama yamuhuje na mugenziwe wa Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR. Muri iyo nama umushikiranganji Pascal Barandagiye yarerekanye yongera arasigura neza ko amahoro n’umutekano birangwa mu ntara zose z’Uburundi, ko rero impunzi z’abarundi zisigaye muri Tanzaniya zishobora gutahuka mu gihugu cabibarutse aho bazokwakirwa neza nk’uko n’izindi mpunzi nyinshi zakiriwe mu gateka kenshi no mu kanyamuneza ko kubona Abarundi batahutse iwabo, bakavavanura n’ubuzima butoroshe bw’impunzi aho ziba hose mu makambi ategekanywa na HCR. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’amakimine, Pascal Barandagiye yarongeye arerekana neza ko amasezerano yo mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2018, hagati y’ibihugu vy’Uburundi,Tanzaniya hamwe na HCR atashizwe mu ngiro, amasezerano yategekanya igikorwa co gutahukana ku ndwi ku ndwi impunzi z’abarundi zishika ku bihumbi bibiri. Ivyo ntivyigeze biba namba. Nico gituma umushikiranganji Pascal Barandagiye yagarutse cane kuri ayo masezerano ategerezwa gukurikizwa. Muri iyo nama harerekanywe neza ko hari Abarundi baba mu makambi y’impunzi bashika ku bihumbi cumi na bitanu, babaho bidaciye mu mategeko. Abo bantu bavuga ko ari abarundi nta kintu na kimwe bafise kibaranga  nk’impapuro ziranga impunzi canke ikintu cose cerekana ko Reta ya Tanzaniya ibazi. Abo bantu biyita impunzi z’abarundi kandi atarivyo, ngo bamye biyongera kuva impunzi z’ukuri z’abarundi zitanguye gutahuka. Aha muca mubona ko umuntu ashobora kwibaza vyinshi kuri HCR biboneka ko iryo shirahamwe rishobora gukorana n’abiyita impunzi atarivyo namba.Inyuma y’iyo nama,Reta ya Tanzaniya yaramenyesheje ko kuva itariki imwe y’ukwezi kw’icumi umwaka w’2019, impunzi z’abarundi zizotahuka hakurikijwe ya masezerano twababwira atigeze ashirwa mu ngiro ,ni ukuvuga impunzi 2000 ku ndwi ku ndwi ku mpunzi z’abarundi zose ziharurwa mu 200.000. Ivyo Reta ya Tanzaniya yabitangaje yisunze amahoro n’umutekano birangwa mu ntara zose z’Uburundi. Reta ya Tanzaniya yaramenyesheje  kandi  ko uwo wese azokwisuka mu vy’izo mpunzi mu ntumbero yo kuzibuza gutaha azokurikiranwa hisunzwe amategeko kuko ata kintu na kimwe kiboneka cobabuza gutahuka mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano. Ubu rero hasigaye ko ibintu bija mu buryo Abarundi basigaye mu makambi y’impunzi yo muri Tanzaniya bagataha iwabo hakurikijwe ya masezerano twababwira muri iyi ntangamarara. Impunzi   nazo zihamagariwe kwima amatwi abantu bababesha mu ntumbero yo kubabuza gutaha. Iyo ngendo mbi ibishe niyo izohanwa n’amategeko agenga igihugu ca Tanzaniya. HCR nayo ihamagariwe gukorana neza n’amareta y’Uburundi na Tanzaniya ku neza y’izo mpunzi zama zabeshwe.

Louis KAMWENUBUSA

Ouvrir