Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abana b’ibitwarire bagize umugwi nk’iyindi y’abaharanira agateka kabo

dududUwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ryitaho agateka k’umwana w’ishushu mu Burundi  « FAEN », Emmanuel  Nkurunziza  amenyesha ko abana bavutse muri ubwo buryo bagize umugwi nk’iyindi y’abaharanira agateka kabo. Ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Ubumwe kw’igenekerezo rya 16 myandagaro 2019. Emmanuel  Nkurunziza  akaba yamenyesheje ko iyo abantu bavuze « umwana w’igitwarire », bisigura umwana avutse mu buryo butemewe n’amategeko. Aha twovuga nk ‘iyo umukobwa atwaye inda, canke agafatwa ku nguvu ku buryo se atamwera. Muri ico gihe, umwana aravuka ariko kumenya se wiwe si igikorwa coroshe na gato. Uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ryitaho agateka k’umwana w’ishushu mu Burundi  « FAEN », Emmanuel  Nkurunziza  amenyesha ko abana bavutse muri ubwo buryo bagize umugwi nk’iyindi y’abaharanira agateka kabo. Ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Ubumwe kw’igenekerezo rya 16 myandagaro 2019. Emmanuel  Nkurunziza  akaba yamenyesheje ko iyo abantu bavuze « umwana w’igitwarire », bisigura umwana avutse mu buryo butemewe n’amategeko. Aha twovuga nk ‘iyo umukobwa atwaye inda, canke agafatwa ku nguvu ku buryo se atamwera. Muri ico gihe, umwana aravuka ariko kumenya se wiwe si igikorwa coroshe na gato. Kuko bisaba gupimisha amaraso y’uwavuzwe na nyina ko ariwe se w’umwana. Ivyo navyo bisaba uburyo bwinshi bigatuma bene abo bana bitaborohera kumenya ba se gutyo ntibaronke ingene baheza ngo batorane. Emmanuel Nkurunziza amenyesha ko iryo shirahamwe FAEN ririko rikorera mu makomine yose yo mu gihugu hatibagiwe n’igisagara ca Bujumbura Mairie. Avuga ko imwe mu ntambamyi bagenda babona muri ico gikorwa ari ubukene bw’uburyo bwo gupima ngo bamenye vy’ukuri nimba kanaka ari se w’umwana. Ikindi ngo hari ikiringo ntarengwa co kurondera se w’umwana. Ni ukuvuga ko mu gihe umwana arengeje imyaka mirongo ibiri n’umwe ataratora se wiwe, ntibiba bikunda ko amurondera kuko umwanya uba waramujanye.Iyo bishitse rero  ko se w’umwana yigaragaza, sentare irihweza ibiraba ubutunzi afise, akariha ivyo abamureze bamutangiye, hama akamwandikisha akazotorana mu bana biwe. Ikindi ngo iyo bishitse se akaba yarapfuye, bararondera abasigaye mu muryango kwa se, umwana akazokurirayo hageze gutorana akazotorana mu bandi.Yarangije atera akamo ubushikiranganji bwo gushigikirana ko bwobafata mu mugongo muri ico gikorwa kandi n’uwo wese afise umutima wo guterera ko yoterera kugira abo bana nabo biyumve ko bafise ikibanza mu bandi. Yarashimiye Reta y’Uburundi ko yumvirije akamo babateye, bakanabasaba ko borwiza ku bitaro vyinshi uburyo bwo gupima ko umuntu kanaka ari se w’umwana vy’ukuri bakanagabanya ibiciro mu ntumbero yo kworohereza abo bana hamwe n’ababafasha kugira ari uwugiriwe amahirwe ashikire uwamuvyaye hanyuma aze atorane nk’abandi.  

Irène Niyongabire

Ouvrir