Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imirwi 23 y’amakawa niyo yatsinze ihiganwa ryo mu gihugu ryahuje amakawa yabonetse

Uno mwaka mw’ihinganwa ry’amakawa yabonetse mu gihugu, ngo imigwi y’amakawa 23, ico yise « 23 lots » niyo yatsinze ihinganwa ku migwi 132 y’amakawa yari yazanywe muri iryo higanwa. Iyo migwi 23 y’amakawa y’akanovera nizo zashikanye amanota ava kuri 87% gushika kuri 90,13%. Ikawa zishikanye amanota 90% ngo ni ikawa baca bita « présidentiel », ni ikawa iba iri ku rwego rwo hejuru. Ikawa yashikanye ayo manota ngo ni ikawa imwe gusa, iyo nayo ikaba yavuye mw’itonorero ryitwa Gatukuza ryo muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi, nyene iryo tonorero ni “établissement Nduwayezu”. Iyo kawa ngo ibaye nyinshi ishobora kuba ari imifuko 40, umwe wose ukaba ufise ibiro 60. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ryishinze guteza imbere igiterwa c’ikawa (Intercafé), Oscar Baranyizigiye, ku wa 14 Mukakaro 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko uwo munyamabanga ntayegayezwa mw’ishirahamwe « Intercafé », yabandanije abivuga, ngo ku wa 8 Myandagaro 2019, muri komine ya Mwumba, intara ya Ngozi, haratunganijwe ihiganwa ry’amakawa yabonetse mu Burundi. Muri iryo higanwa, ngo abafise amakawa meza bose barayazana agahiganwa, bagakuramwo amakawa y’akanovera, ico yise « café de spécialité », aba aryoshe kuruta izindi. Ikawa rero kugira itsinde, ngo iba ifise amanota agera ku bice 87% n’imiburiburi. Uno mwaka ngo hegeranijwe imigwi y’amakawa 132 kandi niyo bazanye muri iryo higanwa, umugwi umwe wose ukagira imifuko 40 y’ibiro 60 umwe wose.Uno mwaka mw’ihinganwa ry’amakawa yabonetse mu gihugu, ngo imigwi y’amakawa 23, ico yise « 23 lots » niyo yatsinze ihinganwa ku migwi 132 y’amakawa yari yazanywe muri iryo higanwa. Iyo migwi 23 y’amakawa y’akanovera nizo zashikanye amanota ava kuri 87% gushika kuri 90,13%. Ikawa zishikanye amanota 90% ngo ni ikawa baca bita « présidentiel », ni ikawa iba iri ku rwego rwo hejuru. Ikawa yashikanye ayo manota ngo ni ikawa imwe gusa, iyo nayo ikaba yavuye mw’itonorero ryitwa Gatukuza ryo muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi, nyene iryo tonorero ni “établissement Nduwayezu”. Iyo kawa ngo ibaye nyinshi ishobora kuba ari imifuko 40, umwe wose ukaba ufise ibiro 60. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ryishinze guteza imbere igiterwa c’ikawa (Intercafé), Oscar Baranyizigiye, ku wa 14 Mukakaro 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko uwo munyamabanga ntayegayezwa mw’ishirahamwe « Intercafé », yabandanije abivuga, ngo ku wa 8 Myandagaro 2019, muri komine ya Mwumba, intara ya Ngozi, haratunganijwe ihiganwa ry’amakawa yabonetse mu Burundi. Muri iryo higanwa, ngo abafise amakawa meza bose barayazana agahiganwa, bagakuramwo amakawa y’akanovera, ico yise « café de spécialité », aba aryoshe kuruta izindi. Ikawa rero kugira itsinde, ngo iba ifise amanota agera ku bice 87% n’imiburiburi. Uno mwaka ngo hegeranijwe imigwi y’amakawa 132 kandi niyo bazanye muri iryo higanwa, umugwi umwe wose ukagira imifuko 40 y’ibiro 60 umwe wose.Uko iryo higanwa rigenda, ngo kuri iyo migwi 132 haba hariho umugwi w’abahonji ku rwego rw’igihugu baba batowe baheza bagaca bahonja izo kawa kugira batore imigwi 40 y’amakawa ya mbere. Iyo migwi 40 y’amakawa ya mbere, ngo baca bazana abahonji mpuzamakungu, ico yise « dégustateurs internationaux » bava mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi yose, nko muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Aziya, i Buraya hamwe no muri Amerika y’Epfo, abo nibo baca bakuramwo amakawa ashikana amanota 87% hamwe n’ayarenga. Mw’ihiganwa ry’uno mwaka, amakawa yatsinze ihiganwa n’imigwi 23 y’amakawa ku mirwi 132 bari bazanye muri iryo higanwa. Iyo mgwi 23 y’amakawa y’akanovera niyo yashikanye amanota ava kuri 87% gushika ku manota 90,13%. Ikawa yashikanye amanota arenga 90% ngo ni imwe yo kw’itonorero ry’i Gatukuza, muri komine  Gashikanwa, intara ya Ngozi. Inyuma y’iryo higanwa, ngo haca haba igurishwa ry’ayo makawa icamunara « enchères », iryo gurishwa ritunganywa n’ishirahamwe ryo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ariryo « Alliance for coffee », basanzwe bakorana ico gikorwa. Umuguzi wese aho ari hose kw’isi ngo araheza agatanga igiciro.

Amakawa yatowe ariko arategurwa kugira bayarungike azogurwe azwi
Ubu rero ngo bariko barategura ayo makawa, hanyuma bazorungike makeya kuri izo “échantillons”, kugira bazumvirize mu ntumbero y’uko iryo gurishwa ryoba barayumvirije, batange igiciro kw’ikawa bazi. Ico gikorwa ngo gitegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga kuza. Ayo makawa amaze kugirishwa, ngo hariho umugwi ujejwe gukurikirana ico gikorwa, uraheza ugaca uraba amafaranga yavuyemwo, bagakuramwo ayakoreshejwe, ayasigaye agahabwa nyen’ikawa aba yayizanye mw’ihiganwa n’abarimyi barahabwa agashirukabute ndetse n’amahinguriro arashikirwa. Haruhande y’utwo turusho duhabwa abarimyi,  n’igihugu kirahungukira kubera bituma kimenyekana ko gishobora kuronka ikawa y’akanovera yemewe kw’isi. Ivyo bigashobora gutuma n’izindi kawa zishobora kugurwa, gutyo igihugu kikamenyekana nk’igihugu kirima, kigahingura ikawa y’akanovera.Icibonekeza muri iryo higanwa ry’amakawa, ngo n’uko ikawa nyishi ziva mu ntara kama ya Buyenzi, ni ukuvuga Kayanza na Ngozi, ariko ngo no mu zindi ntara ziravayo. Muri rino higanwa, ngo hari imirwi 2 yavuye mu ntara ya Rumonge. Ibishobora gutuma haboneka ikawa y’akanovera ngo ni ukuntu ikawa ifashwe mu murima, bayirinze udukoko, ingenebatabira isi iteragiweko hamwe n’ingene yahinguwe mw’itonorero. Intara ya Gitega yahora ivamwo nayo nyene ikawa z’akanovera ngo ntiyitavye iryo higanwa kubera ibibazo ishirahamwe Sogestal Kirimiro ririmwo. Ayo makawa ya mbere ngo agurishwa hagati y’amadorari y’abanyamerika 50 n’130 ku kiro kimwe. Muri kahise ka vuba ngo hari amakawa yagurishijwe amadorari 130 ku kiro kimwe gusa.

 Déo Misigaro                                                                                                      

Ouvrir