Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa birabandanya gutsimbataza imigenderanire mu gisata c’indero

comfuscusUwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Li Chang  Lin ariyemeza kubandanya imigenderanire isanzwe iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa kugira abanyeshure b’uburundi babandanye baronswa ubumenyi bukwiye. Ivyo akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2019 igihe  yari ahejeje  kwugurura icese  inyubakwa nshasha y’igorofa   yubatswe mu kigo ca kaminuza y’Uburundi yitiriwe Conficius izokwigishirizamwo  ururimi rw’igishinwa n’ibijanye n’imico n’akakranga k’ico gihugu .(Institut Conficius de l’université du Burundi) ari kumwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi (UB) Francois Havyarimana hamwe n’uwaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi  Théophile Ndarufitiye . Twobamenyeshe ko iyo gorofa yuguruwe igizwe n’amasomero icenda, ibiro bitandukanye  hamwe n’igisata co gusomeramwo ibitabu. Nk’uko ambasaderi Li Chang Lin  yabandanije abimenyesha ngo  iyo nyubakwa yubatswe ku ntererano ya kaminuza y’igihugu c’Ubushinwa yitwa Bohai kandi uwuyiserukira  ngo amenyesha  ko imyaka indwi ico gisata kimaze cigisha ururimi rw’igishinwa, imico n’akaranga  vy’ubushinwa imaze gutanga ubumenyi butari buke ari naco gituma biyemeje kubandanya baterera. Mu kurangiza  Li Chang Lin yarakeje abantu bose bitanze kugira iyo nyubakwa iboneke akamenyesha ko mu myaka 7 ico gisata kimaze  kuronsa inyigisho abanyeshure bagera 7000 kandi biga ku buntu. Uwaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi  Théophile Ndarufitiye mw’ijambo ryiwe  yarakeje yongera atera intege  abajejwe ico gisata ku bimaze kurangurwa akaba yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko iruhande y’ibikorwa bikorerwa hano mu Burundi hari n’abaronswa impapuro zo kuja kubandanirizaamashure   mu gihugu c’ubushinwa aho baheza bakaronka  impamyabushobozi mu bisata bitandukanye.  Ukurangiza yarashimye imigenderanire myiza  iri hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubushinwa. Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Li Chang  Lin ariyemeza kubandanya imigenderanire isanzwe iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa kugira abanyeshure b’uburundi babandanye baronswa ubumenyi bukwiye. Ivyo akaba yabimenyesheje kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2019 igihe  yari ahejeje  kwugurura icese  inyubakwa nshasha y’igorofa   yubatswe mu kigo ca kaminuza y’Uburundi yitiriwe Conficius izokwigishirizamwo  ururimi rw’igishinwa n’ibijanye n’imico n’akakranga k’ico gihugu .(Institut Conficius de l’université du Burundi) ari kumwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi (UB) Francois Havyarimana hamwe n’uwaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi  Théophile Ndarufitiye . Twobamenyeshe ko iyo gorofa yuguruwe igizwe n’amasomero icenda, ibiro bitandukanye  hamwe n’igisata co gusomeramwo ibitabu. Nk’uko ambasaderi Li Chang Lin  yabandanije abimenyesha ngo  iyo nyubakwa yubatswe ku ntererano ya kaminuza y’igihugu c’Ubushinwa yitwa Bohai kandi uwuyiserukira  ngo amenyesha  ko imyaka indwi ico gisata kimaze cigisha ururimi rw’igishinwa, imico n’akaranga  vy’ubushinwa imaze gutanga ubumenyi butari buke ari naco gituma biyemeje kubandanya baterera. Mu kurangiza  Li Chang Lin yarakeje abantu bose bitanze kugira iyo nyubakwa iboneke akamenyesha ko mu myaka 7 ico gisata kimaze  kuronsa inyigisho abanyeshure bagera 7000 kandi biga ku buntu. Uwaserukiye ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi  Théophile Ndarufitiye mw’ijambo ryiwe  yarakeje yongera atera intege  abajejwe ico gisata ku bimaze kurangurwa akaba yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko iruhande y’ibikorwa bikorerwa hano mu Burundi hari n’abaronswa impapuro zo kuja kubandanirizaamashure   mu gihugu c’ubushinwa aho baheza bakaronka  impamyabushobozi mu bisata bitandukanye.  Ukurangiza yarashimye imigenderanire myiza  iri hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ubushinwa. 
Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir