Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi borema kuko igihugu citeguye guhangana n’ikiza c’umugera wa Ebola

ebolaaaIcegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore araremesha abarundi avuga ko igihugu citeguye guhangana n’ikiza ca Ebola mu gihe vyoramuka bishitse igihugu kikavogerwa n’uwo mugera,narirya ko ibimaze gukorwa ari vyiza kandi bishimishije n’aho hari hamwe hamwe bisaba kwongereza inguvu. Ivyo yabimenyesheje ku wa 20 Myandagaro 2019 igihe yariko aragendera umupaka wo mu Gatumba ucamwo ingenzi z’abakongomani baza mu Burundi n’abarundi baja mu gihugu ca Kongo (RDC), ikigo c’ubuvuzi INSP, ikibuga c’indege ca Bujumbura  hamwe n’ikigo c’i Gihungwe muri komine ya Gihanga aho batangira incanco za Ebola mbere bazoshobora kuvurira abazoba bafashwe n’iyo ndwara. Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore araremesha abarundi avuga ko igihugu citeguye guhangana n’ikiza ca Ebola mu gihe vyoramuka bishitse igihugu kikavogerwa n’uwo mugera,narirya ko ibimaze gukorwa ari vyiza kandi bishimishije n’aho hari hamwe hamwe bisaba kwongereza inguvu. Ivyo yabimenyesheje ku wa 20 Myandagaro 2019 igihe yariko aragendera umupaka wo mu Gatumba ucamwo ingenzi z’abakongomani baza mu Burundi n’abarundi baja mu gihugu ca Kongo (RDC), ikigo c’ubuvuzi INSP, ikibuga c’indege ca Bujumbura  hamwe n’ikigo c’i Gihungwe muri komine ya Gihanga aho batangira incanco za Ebola mbere bazoshobora kuvurira abazoba bafashwe n’iyo ndwara. Yamenyesheje ko urwo rugendo yarugize mu ntumbero yo kwirabira aho Uburundi bugeze mu kwitegurira canke guhangana n’indwara ya Ebola mu gihe hari umuntu canke abantu bofatwa n’uwo mugera. Yarongeye amenyesha ko  ku mupaka wo mu Gatumba komine Mutimbuzi ,intara ya Bujumbura  bibaza ko iyo ndwara ariho ishobora kwinjirira, abajejwe amagara y’abantu baramusiguriye bongera baramwereka ukugene bakira ingenzi baba abanyamahanga binjiye mu Burundi canke abarundi baba bagiye muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC). Aho ngo baramweretse ukugene babakarabisha amazi arimwo umuti n’ukugene babafata igipimo c’ubushuhe kugira uwo biketse ace arungikwa  mu kigo ca INSP cabigenewe kugira akorerwe ibindi bipimo. Ivyo  nivyo biheza bikerekana koko uwo muntu afise umugera wa Ebola canke  atawo afise. Aho mu Gatumba rero ngo ibibanza vyo gukarabirmwo ntibikwiye ku bantu bashika ibihumbi 4 canke 5 bahaca ku munsi. Joseph Butore akaba yabasavye kwongereza ibibanza vyo gukarabiramwo kuko indobo 2 zidakwiye. Ngo kurwanya umugera wa Ebola ni ngombwa ariko kandi bakwiye gukomeza umuco wo kwakira ingenzi kugira uwo muco ntutosekare.  Yamenyesheje kandi ko inyuma y’aho yagendeye ikibuga c’indege naco nyene gicako abantu benshi binjira mu gihugu,naho nyene bamweretse ko bakarabisha bantu bose binjiye bakoresheje amazi arimwo umuti wica uwo mugera. Ngo baramweretse kandi ukugene bafata igipimo c’ubushuhe bakoresheje ubuhinga bugezweho kandi bobo bafise na rusehabaniha kugira basanze hari uwuteye amakenga bamujane muri INSP aho bamugirira ipimo bikurikira basanze arwaye bakamujana mu kigo c’i Gihungwe aho bomuvurira.  Yamenyesheje kandi ko ibibanza vyo gupimiramwo umugera wa Ebola vyokwongerezwa ku yindi mipaka nk’i Kobero, Kanyaru, Rumonge, Ruhwa, Mugina n’iyindi mipaka kugira bibaye ngombwa ibipimo bikorerwe aho nyene kugira amaraso avuye ku murwayi ntabanze gutembera mu gihugu cose bamuzana i Bujumbura. Yarongeye amenyesha ko muri urwo rugendo bari kumwe na bamwe mu bahagarariye amashirahamwe mpuzamakungu nka OMS kuko nka hamwe Ebola yoramuka iteye Uburundi ikibazo coba kivuye inyuma y’imbibe z’igihugu. Aho naho kikaba coba kibaye ikibazo mpuzamakungu arico gituma Reta ibandanya isaba OMS canke Ibanki y’isi yose kwongereza inguvu n’uburyo kuko ari umwitwarariko wa bose. Amenyesha ko Reta ahayo ataco itazokora mu gushigikira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kububa hafi mu guhimiriza abanyagihugu kwikingira no kurwanya umugera wa Ebola. Ico kibazo rero ngo ntikiraba ubwo bushikianganji n’ishirahamwe OMS gusa, kiraba abantu bose. Yamenyesheje ko bibaye ngobwa hojaho n’imigwi yagutse yo kurwanya ikiza ca Ebola. Yaboneyeho akaryo ko gutera akamo Abarundi n’abanyamahanga binjira canke basohoka mu Burundi gukoresha imipaka izwi kugira bapimwe bongere bakingirwe gutyo bashobore kurokora amagara yabo n’ayo abandi. Yasavye kandi ko ibiriko birakorwa aho hose yagendeye vyokorwa no ku yindi mipaka yose y’igihugu mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa. Noneho uwo mugera umaze kwinjira biragoye kuwurwanya gusumba gukinga ku mipaka. Yamenyesheje ko urucanco narwo ruriko ruronswa aboja imbere mu gukingira abandi kandi ku gushaka kwabo. Urwo rucanco nirwemerwa ku mugaragaro ishirahamwe OMS rizoca rirushira kw’isoko gutyo, Reta izoheza ihimirize abantu bose  kurwitabira . 

Epitace Nduwayo   

Ouvrir