Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikirangaminsi c’amatora cashizwe ahabona kizofasha abo vyega kuyitegurira batekanye

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI uherutse gushikiriza ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka uza w’2020 inyuma y’aho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashiriye umukono kw’Ibwirizwa rigenga amatora ku wa 20 rusama 2019. Ikinyamakuru canyu UBUMWE caciye cegera bamwe mu bari mu nzego zirongoye imigambwe barashikiriza ivyo biyumvira ku bijanye n’ikirangaminsi c’amatora giherutse gushikirizwa n’umugwi CENI hamwe n’Ibwirizwa rigenga amatora.Kikaba rero carashoboye kuganira n’umukuru w’umugambwe UPRONA Abel Gashatsi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe RPB-Nturenganywe, Déo Rwanzemba hamwe n’umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, Kefa Nibizi. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI uherutse gushikiriza ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka uza w’2020 inyuma y’aho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashiriye umukono kw’Ibwirizwa rigenga amatora ku wa 20 rusama 2019. Ikinyamakuru canyu UBUMWE caciye cegera bamwe mu bari mu nzego zirongoye imigambwe barashikiriza ivyo biyumvira ku bijanye n’ikirangaminsi c’amatora giherutse gushikirizwa n’umugwi CENI hamwe n’Ibwirizwa rigenga amatora.Kikaba rero carashoboye kuganira n’umukuru w’umugambwe UPRONA Abel Gashatsi, umunyamabanga mukuru w’umugambwe RPB-Nturenganywe, Déo Rwanzemba hamwe n’umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, Kefa Nibizi. 
Umugambwe RPB-Nturenganywe wakiriye neza ikirangaminsi c’amatora cisunga ibwirizwa rigenga amatora
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe RPB-Nturenganywe, Déo Rwanzemba arashima kubona umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washikirije ikirangaminsi c’amatora kare. Ivyo ngo bizoha akaryo abanywanyi b’umugambwe wiwe kwitegura hakiri kare mu kurondera amadosiye ku bashaka kwitoza ku nzego zose. Amenyesha kandi ko bizobaha n’akaryo ko gusigurira abanywanyi babo ibiri mw’ibwirizwa rigenga amatora na cane cane ibijanye n’amatora atatu (3) azobera ku munsi umwe. Bizotuma bitegura mu mutwe no mu mufuko mu kurondera uburyo bwo kwiyamamaza no gutanga ingwati haba ku witoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, ku rwego rw’abashingamateka, urw’abajenama ba komine no ku rwego  rw’akenguzamateka. Amenyesha ko mu mugambwe RPB-Nturenganywe, bazoba mu ba mbere bazotanga amadosiye yabo mu gihe hazoba hageze kuyatanga mu mgwi ujejwe amatora CENI haba ku rwego rw’igihugu, ku rwego rw’intara canke urw’amakomine. Kubona naho igipapuro basabwa  mu giporisi c’inyamiramabi kimara ikiringo c’ukwezi kumwe yamenyesheje ko bitazobabera intambamyi ahubwo bazokirondera baca batanga dosiye zabo kuko ukironse imbere yo kuyitanga gishobora guta ikiringo.  Yarongeye amenyesha ko ikirangaminsi umugwi CENI washize ahabona cisunze amategeko na cane cane ibwirizwa rigenga amatora hamwe n’Ibwirizwa Shingiro. Kubona naho ico kirangaminsi gitegekanya n’amatora agira kabiri y’Umukuru w’igihugu mu gihe atawuronse amajwi asabwa, yamenyesheje ko ivyo bidahaye birashika mu Burundi muri iyi myaka kuko abarundi ngo bagukunze baguhunda amajwi ari benshi bakwanse naho bayakwima ari benshi. Ariko kubera Ibwirizwa Shingiro ribitegekanya n’umugwi CENI ntiwari kureka kubitegekanya. Yarongeye amenyesha ko bashima kandi kubona amatora atatu azobera umunsi umwe. Ayo nayo akaba ari ay’Umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama ba komine; ivyo ngo bari babisavye kuva kera, kubona bibaye rero bikaba ari ibintu vyiza cane. Amenyesha ko ivyo bizotuma uburyo bazokoresha bugabanuka kandi bagakoresha n’umwanya muto. Yaragarutse ku vyabaye mu matora yo mu mwaka w’2015 aho yagumye yigizwa inyuma hanyuma bikabatwara umwanya munini mbere n’imirimo igahagarara. Kubona ayo matora rero yashizwe ku munsi umwe ni vyiza kuko uwatsinze n’uwatsinzwe bose babibona uwo munsi nyene. Amenyesha ko mu mugambwe RPB-Nturenganywe bashimishijwe n’iyo ngingo yo mw’Ibwirizwa rigenga amatora. Arongera akamenyesha ko bashima no kubona iminsi yo kwiyamamaza yavuye ku minsi 14 ikaja ku minsi 21 bivanye n’uko ayo matora atatu azobera umunsi umwe. Arashima kandi kubona ingwati y’uwushaka kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu yavuye ku miriyoni 15 akaja ku miriyoni 30 kuko uwushaka kwitoza muri ico kibanza atogenda ashaka gufyinisha Abarundi. Umuntu rero aserukira umugambwe aba ashaka kwitoza muri ico kibanza mu gihe adashobora kuronka iyo ngwati yogomba akabireka. Gutanga amahera ibihumbi amajana atanu naho ku rutonde rw’abashaka kwitoza ku rwego rw’abashingamateka ngo bamaze igihe ari ayo mahera nyene basabwa ku buryo ata ngorane biteye. Ku bitoza ku rwego rw’abakenguzamateka  mu gihe babonye ko bafise abajenama ba komine benshi bobahunda amajwi, naho nyene bikaba ata ngorane biteye gutanga ibihumbi amajana ane. Bitabaye uko naho uca uhebera abaronse abajenama benshi.    Amenyesha ko amatora yo mu 2020 azogenda neza aravye ukugene umugwi ujejwe kuyatunganya amatora CENI uriko urayategura narirya ibintu vyose ubishikiriza ku mugaragaro. Noneho umugwi CENI uriko urigisha abanyagihugu, abarongoye imigambwe nabo nyene bakaba bariko barigisha abayoboke babo mbere n’abamenyeshamakuru bakazofasha kwigisha abanyagihugu ibijanye n’amatora. 
Umugambwe UPRONA urashima ko umugwi CENI washikirije ikirangaminsi c’amatora hakiri kare
Umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi nawe amenyesha ko mu mugambwe UPRONA bamaze ikiringo c’imyaka itatu bitegurira amatora arico gituma bakiriye neza ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka uza w’2020. Amenyesha rero ko bamaze iyo myaka bitunganya mu kugendera abanywanyi babo ku buryo badatewe ubwoba n’ico kirangaminsi. Amenyesha yuko uko amatora kwose azoba atunganijwe umugambwe w’abadasigana UPRONA uzoyitaba.  Noneho ngo basanzwe bakorana neza n’umugwi ujejwe amatora CENI kandi bakaba bashima kubona amatora y’Umukuru w’igihugu, ayo abashingamateka n’ayabajenama ba komine azobera umunsi umwe. Amenyesha ko bizotuma bagira akarusho ku bijanye n’umwanya ku barongoye umugambwe mbere no ku banywanyi b’umugambwe. Yarongeye amenyesha ko bagiye gusigurira abanywanyi babo ukugene bazokwifata ku bijanye n’ayo matora atatu azoba ku munsi umwe kugira ntibajuragirike narirya hazoba hari amasandugu atatu nyene n’amakarata atatu y’amatora. Ariko rero amenyesha ko ari ukugororerako kuko abanywanyi b’umugambwe UPRONA basanzwe ari incabwenge kandi bakazotuma n’abaserukira umugambwe mu ntara, mu makomine n’imitumba kwigisha abanywanyi. Arongera akavuga ko bagifise umwanya wo kubisigura kubera n’ikirangaminsi c’ayo matora cashikirijwe hakiri kare. Bisubiye ngo si ubwa mbere bazoba bitavye amatora, nayo insiguro ahanini ikazohagarara kw’isandugu yose ico rigenwe n’ikarata bijanye. Ku bijanye n’ingwati zisabwa ku bitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka naho amenyesha ko ingorane zitobura kuko uburyo busabwa ari bwinshi kubera ibikorwa bitegekanijwe ari vyinshi. Naho biri uko ngo ibanga riraheberwa kuko mu nteguro y’ibwirizwa rigenga amatora bari basavye ko iyo ngwati itoja ku miriyoni 50 nk’uko vyari mu nteguro y’ibwirizwa rigenga amatora. Arashima rero kubona bashinze ko iyo ngwati ku bitoza ku rwego rw’Umukuru w’igihugu yoja ku miriyoni 30 kubera baravye amikoro y’abarundi n’ayo imigambwe. Niko kumenyesha yuko umugambwe w’abadasigana UPRONA uzokwitoza mu matora yose ategekanijwe yaba ay’ Umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka, ay’abajenama ba komine n’ay’abakenguzamateka,  noneho ngo n’abitoza bazoheza bafashe. Yarongeye amenyesha ko bashima kubona umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washikirije ikirangaminsi c’amatora hakiri kare kuko imigambwe yose izoronka akaryo ko kwisuganya n’umugambwe UPRONA urimwo. Ngo bizobaha akaryo ko kwisuzuma no kwitegura gutyo barondere amadosiye yose asabwa n’uwo mugwi CENI kugira bitabe amatora ata musunikano. Yarongeye amenyesha ko intambamyi umugambwe UPRONA co kimwe n’iyindi migambwe bafise zidafatiye ku kirangaminsi c’amatora ,ahubwo zoba zifatiye ku buryo bw’amahera. Uburyo bukenewe mu gushikira abanywanyi, mu gutunganya intonde no gutanga izo ngwati. Iyindi ntambamyi bafise ngo ni iyijanye n’abazocungera amatora baserukira imigambwe kugira bagende imigambwe baserukira ibahaye akavunamusase. Ivyo bituma abantu barambirwa hagaca haba abashobora kwikika mu kiza bakiba amatora. Ariko rero kubera mw’Ibwirizwa rigenga amatora ko hari ingingo ivuga yuko uburyo bubonetse Reta yoha akavunamusase abahagarikara amatora baserukira imigambwe yibaza ko ubwo buryo buzoboneka hanyuma bakaja kurangura ico gikorwa c’iteka bagononokewe. Bitagenze gutyo naho imigambwe izoheza yimenye kugira amatora azogende neza. Iyindi ngorane ni iyijanye n’ukugene abanywanyi b’imigambwe babana ariko akibaza ko bigiye kugenda ko umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu amaze iminsi agirisha inama abarongoye imigambwe bari kumwe n’abajejwe intwaro. Akavuga ko bipfuza ko boja mu matora nyezina abanywanyi b’imigambwe barabana ryiza kandi umwe wese bamwubahiriza mu vyiyumviro vyiwe. 

Kubona naho muri ico kirangaminsi imyiyamamazo y’ayo matora atatu ya mbere izomara iminsi 21 kare yahora imara iminsi 14 amenyesha ko ari ikiringo cumvikana cane. Ariko kubera amatora atatu azobera rimwe ngo bategerezwa gutanga umwanya ukwiye kugira baba abazokwitoza ku rwego rw’Umukuru w’igihugu, abazokwitoza mu bashingamateka no mu bajenama b’amakomine baronke umwanya wo kwiyamamaza. N’aho biri uko ngo uko imyiyamamazo iteba niko abiyamamaza baruha mbere bikaruhisha n’abo bagiye kuronderamwo amajwi. Abel Gashatsi asaba abanywanyi b’umugambwe arongoye gutekana, kurema no gukomeza ibikorwa bikomeza umugambwe wabo.
Umugambwe FRODEBU-Nyakuri urashigikiye  ikirangaminsi cashikirijwe n’umugwi CENI
Ikiranganminsi c’amatora cashikirijwe n’umugwi wigenga w’igihugu ujejwe amatora CENI kivuga ido n’ido ry’ibikorwa vyose bitegekanijwe. Ivyo bivugwa n’umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, Kefa Nibizi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Ubumwe. Amenyesha ko ivyo bifise akarusho kuko bituma umwe wese yitegura ku bimwerekeye ku buryo atawuzovuga ngo bongereze ikiringo bacerewe. Bibahaye rero akaryo ko kwitegura no kuraba iyo bariko baraja. Ku bijanye n’uko ico kirangaminsi cerekana neza ko amatora y’Umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’ay’abajenema ba komine azobera umunsi umwe nk’uko biri mw’ibwirizwa rigenga amatora, amenyesha ko atari ubwa mbere amatora ashirwa hamwe. N’aho biri uko amenyesha ko bafise amakenga ko hari abantu bazojuragirika mu gihe c’ayo matora kubera hazoba hariho amakarata y’amatora atatu n’amasandugu y’amatora atatu nyene. Turashobora gusanga hari abanyuranije aho bashira amakarata kumbure nk’iy’Umukuru w’igihugu ukayisanga mu bahanuzi ba komine canke mu bashingamateka. Aho akamenyesha yuko umugwi CENI ukwiye kugirisha inama abo vyega bose baba abarongoye imigambwe n’abandi kugira barabe icotuma abagiye gutora batajuragirika. Ivyo rero ngo bishobora kwunyurwa n’uko hari igitigiri kinini c’abarundi batazi gusoma no kwandika ndetse n’abashaje bishobora kugora gutandukanya amakarata. Nico gituma bavuga ko umugwi CENI wogirisha inama abo vyega bose kugirango bahanahane ivyiyumviro kugira iryo bwirizwa risigurwe cane. Mu gihe basanze hariho ibindi vyokorwa kugira abantu ntibajuragirike babikorereko. Yaribukije ko mu matora yo mu mwaka w’2015 amajwi yabaye impfagusa yabaye menshi ahanini bivuye ku kujuragirika aho washobora gusangauwatoye yateye igikumu habiri kw’ikarata y’itora gutyo ijwi rikaba ribaye impfagusa. Yarangije amenyesha ko ico kirangaminsi atamahinyu atamahinyu kirimwo kuko ahanini caje cisunga Ibwirizwa rigenga amatora kandi akaba ataco umurwi CENI wasimvye.  
Umugambwe CNDD-FDD urashima kubona ikirangaminsi c’amatora cashikirijwe kare
Umunyamabangaw’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu ajejwe guhanahana no kumenyesha amakuru, Nancy Mutoni amenyesha ko uwo mugambwe ushima kubona umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI washikirije ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka w’2020 hakiri kare. Arongera akamenyesha ko ico ari igikorwa c’ubuhinga caje cisunga Ibwirizwa rigenga amatora yo mu 2020. Ivyo biyamenyeshejwe ku wa 31 Mukakaro 2019 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nancy Mutoni akaba yavuze  ko Ibwirizwa rigenga amatora rimaze gushirwako umukono n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, icari gisigaye kwari ugutegura ico ikirangaminsi c’amatora bisunze iryo bwirizwa. Yarongeye amenyesha ko kubona ico kirangaminsi cashikirijwe hakiri kare bizobafasha kwitegura neza ata musunikano kuko iyo gishikirijwe gitevye ariko bica bigenda. Uwo ariwe wese rero ngo azoshobora kwitegura yisunga ico kirangaminsi. Yamenyesheje kandi ko ata mahinyu babonye muri ico kirangaminsi c’amatora kuko catunganijwe hisunzwe Ibwirizwa rigenga amatora, iryo bwirizwa naryo rikaba ryisunze ivyiyumviro vyagiye biratangwa n’abanyamigambwe. Noneho ico kirangaminsi ngo ni nk’ishusho y’Ibwirizwa rigenga amatora, akaba ataho bihushanye. Ikindi ciza co kuronka ico kirangaminsi kare n’uko ata mugambwe uzosubira kwidoga ko babuze umwanya wo kurondera amadosiye kugira bitoze. Imigambwe kandi irafise umwanya ukwiye wo gushira ahabona abitoza babibereye kandi bashobora gushikana igihugu kw’iterambere. Bazoronka kandi n’umwanya ukwiye wo kubategura no kubereka abanyagihugu. Imigambwe kandi irafise umwanya ukwiye wo gutegura imigambi ya poritike n’ubutunzi.  Nancy Mutoni aremeza kandi ko abagumyabanga batazojuragirika mu gutora bitumwe n’uko  muri ico kirangaminsi bitegekanijwe ko amatora y’Umukuru w’igihugu, ay’bashingamateka n’ay’abajenama b’amakomine azobera rimwe. Niko kumenyesha ko umugambwe ujejwe kubigisha no kubereka ukugene batora. Noneho ngo harategekanijwe ivyirwa n’ibiganiro bitandukanye. Aho akaba yizeye ko amaradiyo n’ibinyamakuru bitandukanye bizofasha mu kwigisha abanyagihugu gutora. Aho akavuga ko ata mpungenge bafise yuko abanyagihugu canke abagumyabanga bazogira ingorane z’ukugene batora. Ahubwo umugambwe CNDD-FDD warashimye kubon ayo matora yashizwe ku munsi umwe kuko bifise ico vyungura ku buzima bw’abanyagihugu no ku butunzi bw’igihugu. Ayo matora abereye igihe kimwe hariho akarusho ku mwanya, ku nguvu abajejwe gutegura amatora bashiramwo no ku buryo bukoreshwa mu matora. Ivyo kandi ngo bizokworohereza abatora n’abatorwa. Abatora bahora bata ikivi bakaja gutora abajenama, bagasubira bagata ikivi bakaja gutora abashingamateka hanyuma Umukuru w’igihugu n’imyiyamamazo yaba nk’uko nyene. Ico gikorwa bazoca bakirangura ku munsi umwe. Ku bijanye n’umwanya wo kwiyamamaza wavuye ku minsi 14 ubu wagiye ku minsi 21 amenyesha ko ico kiringo gikwiye kandi atari kinini. Ahubwo uko vyahora niho iminsi yari myinshi kuko ku matora yose biyamamaza iminsi 14 wasanga yabaye 42. Naho iyo minsi yagabanutse ariko ikaja ku gihe kimwe imigambwe izoshobora kwitunganya no kwiyamamaza bikwiye ku buryo mu minsi 21 izoba yamaze kuja mu ntara zose uko ari 18.Ku bijanye n’ikirangaminsi asaba abagumyabanga kwitegurira amatora bari ku kivi, badasamazwa n’ababaca ivutu hamwe n’abashaka kubashira mu nzira zitandukanye n’akarangamutima k’umugambwe. Aravye ico kirangaminsi c’amatora n’Ibwirizwa rigenga amatora, Nancy Mutoni yamenyesheje ko hari ivyiza vyinshi biturindiriye. Yarongeye abasaba kuguma ku kivi, birinde agasotora, kujana nyabahururu no guca kubiri n’amategeko y’igihugu. Arabasaba no kuguma bagamburukira indongozi z’igihugu n’izo umugambwe nk’uko bamye. Kubera ibwirizwa rigenga amatora riha ikibanza gihambaye abakenyezi, abasaba kwitegura kugira batore bongere bitoze. Kugira bagirirwe ibakwe ryo kuja ku ntonde z’abitoza abasaba kuja hamwe n’abandi mu bikorwa vy’imigambwe.

Epitace Nduwayo

Ouvrir