Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB urashima ibikorwa umaze kurangura

Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB, Dieudonné Mbonimpa amenyesha ko itegeko rishasha  rigenga umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo  ryo ku wa 13 Ntwarante 2019 riwuha ikiringo c’imyaka itatu gishobora kwongerezwa kugira ngo ube watunganirije abawitura. Ngo inyuma  yaho iryo tegeko ryashirwako igikumu  n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, umurwi CNTB wabandanije ibikorwa vya wo mu gushika ku rubuga mu ntara zitandukanye kugira ngo ubandanye ibikorwa vyo kwumviriza no gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe no kwumviriza ayandi matati atandukanye kubaba bawituye.  Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB, Dieudonné Mbonimpa amenyesha ko itegeko rishasha  rigenga umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo  ryo ku wa 13 Ntwarante 2019 riwuha ikiringo c’imyaka itatu gishobora kwongerezwa kugira ngo ube watunganirije abawitura. Ngo inyuma  yaho iryo tegeko ryashirwako igikumu  n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, umurwi CNTB wabandanije ibikorwa vya wo mu gushika ku rubuga mu ntara zitandukanye kugira ngo ubandanye ibikorwa vyo kwumviriza no gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe no kwumviriza ayandi matati atandukanye kubaba bawituye.  Ivyo umuvugizi w’umurwi CNTB yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 2 Myandagaro 2019 i Bujumbura.Muri ico kiganiro, Dieudonné Mbonimpa yamenyesheje ko iryo tegeko rishasha rigenga umurwi CNTB ryabonetse hamaze kwakirwa amadosiye ajanye n’amatati y’amatongo n’ayandi matungo angana 23.180 yari asigaye kugira ngo atorerwe inyishu. Ngo muri ayo madosiye  ayangana 20.508 yari amadosiye ari mu ntara zitandukanye mu gihe amadosiye angana 2622 yari mu gisata c’iyungururizo.Ngo ubu amadosiye angana 2869 yarizwe kandi arahera mu ntara zitandukanye, amadosiye angana 881 na yo yarizwe arahera mu gisata c’iyungururizo. Ngo amadosiye 71 yarashoboye gushirwa mu ngiro mu ntara zitandukanye. Ikindi ngo amadosiye angana 1222 harimwo 481 mu ntara zitandukanye n’541 ngo yarakiriwe ari mashasha n’umurwi CNTB. Kubwa Dieudonné Mbonimpa ngo ivyo vyerekana ko aberwa n’amatati y’amatongo n’ayandi matungo bitavye akamo baterwa n’itegeko rishasha ribaha ikiringo c’imyaka ibiri kugira ngo babe bituye umurwi CNTB ngo abo ico kiringo kizoshika batarashikana amadosiye y’abo muri CNTB ntibazoba bacakirwa.Muri ico kiganiro kandi, Dieudonné Mbonimpa yamenyesheje ko amadosiye yose uwo murwi ufise uno munsi kugira ngo yirwe angana 20452 muri ayo 18.120 ni amadosiye ari mu ntara zitandukanye mu gihe amadosiye angana 2332 ari mu gisata c’iyungururizo. Ngo ikindi cakozwe ni inama zatunganijwe mu ntara zitandukanye aho abarongoye abandi eka n’abajejwe umutekano baterera cane mu kurangura igikorwa ca CNTB. Ngo hariho abagaba gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe n’umurwi CNTB eka ngo hari n’abandi babesha bakazana impapuro atari zo. Ngo muri ico gikorwa haratangwa inyigisho kugira ngo baba abacamanza, ba musitanteri abarongoye amazone n’imitumba bose basabwa guterera. Mukurangiza ico kiganiro Dieudonné Mbonimpa yamenyesheje ko mu ntara za Rumonge na Makamba biboneka ko hari amatati menshi y’amatongo ngo umurwi CNTB wiyemeje gushira ingumvu nyinshi muri izo ntara. Yarashimiye cane abo bose bafasha kugira ngo igikorwa CNTB irangura kigende neza.

Nathan Ntahondi

Ouvrir