Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umusenzi yahishuriwe amabanga y’ubuzima bwo kw’isi mu nzozi

Harabaye umugabo yakunda gusenga cane akama yumviriza inyigisho z’abahanuzi aho bavuga ko iyi si  yuzuye ibisamaza  vyinshi ,bitwibagiza iyo twavuye n’iyo twimirije .Harabaye umugabo yakunda gusenga cane akama yumviriza inyigisho z’abahanuzi aho bavuga ko iyi si  yuzuye ibisamaza  vyinshi ,bitwibagiza iyo twavuye n’iyo twimirije .Umunsi umwe,uwo mugabo asaba Imana ngo imufashe gutahura urwo rugendo rw’iyi si tubayemwo.  Mw’ijoro ry’uwo musi aryamye ,arota indoto idasanzwe yari imeze uku gukurikira : yarose intare nini imwirukako , barasiganwa sinzi ukuntu asimvye igisaka ,aho yoshitse hasi ,umuzi w’igiti kinini uca muri ca kinogo uramutega ,aba ariwo afata arenena.Agize atya abona hasi muri ca kinogo uruyoka runini rwirabura rwasamye cane rumurangamira,ahindukiye hirya no hino abona imbeba zibiri imwe yirabura iyindi yera ziriko zirya wa muzi w’igiti yafasheko ;atangura guta wakuba arondeza ahandi hantu yofata kugira wa muzi niwacika abe yafashe ahandi ntakoroke.  Hamwe ariko arakabakaba araba aho afata yumva ibintu bimeze nk’amazi akozemwo yimotereje yumva bimota nk’ubuki,arigase gato yumva biraryoshe cane rwose !! Arayora ararya ariyongera kandi yumva biguma biryoha ,arahava yibagira ivyo kurondera ha handi afata we yigumira yirira bwa buki, haheze akanya yumva wa muzi utanguye gukaka uvuga nk’uwushaka gucika ,acikoma ngo arabe hamwe yashaka gufata kare wa muzi uba uracitse ,arakoroka agwa mu kanwa ka rwa ruyoka ubwo nyene aca arikangura n’ubwoba bwinshi !Mu gatondo araheza azinduka ku mu menyi w’ivyagezwe n’umusiguzi w’indoto z’amayobera aramwiganira indoto yaraye arose amubaza ico iyo ndoto yoba isigura . Uwo mumenyi avyumvise araheza amubwira ati «burya wewe Imana yakweretse ikigereranyo c’iyi si tubayemwo.  Irya ntare isigura urupfu kuko urupfu rwama rutwiruka inyuma ijoro n’umurango ,aho tuja hose turi kumwe narwo rurindiriye ko Imana iruha itegeko rudukuremwo impwemu natwe tukama turuhunga haba mu kwiyubara ico cose codutwara ubuzima zaba indwara ,amasanganya n’ibindi twikeka  ko vyozamwo urupfu rwacu turavyiyubara cane ariko isaha igeze ntawurusimba ; kirya kinogo naco waguyemwo ni iy’isi turimwo , urya muzi w’igiti wenenyeko mu  kinogo ni ubuzima bwa kiremwa muntu wese, nibwo butubeshejeho muri iyi si ;zirya mbeba nazo wabonye iy’irabura ni ijoro iyera nayo ni umurango ,zarya umuzi w’igiti ufasheko (ubuzima bwawe) kuko burya umusi n’ijoro nivyo bigabanya ikiringo cacu twagenewe kubaho kw’isi, uwu musi imyaka ufise niba ari 10 canke 20 canke 30 canke iyirenga, ni iyimaze kuva kuyo wateguriwe kumara kuri iyi si iyo myaka nayo uyishitsa ari uko habaye ijoro n’umurango arivyo bigira umusi ,imisi nayo ikagira umwaka ;Irya nzoka nini yirabura wabonye nayo ni imva ya buri umwe wese yama irangaye ,irindiriye ko uyijamwo hanyuma yipfundikire burundu kuko ugihema yama yasamye irangaye ikurindiriye gushika aho uzoyiryamamwo.Ubuki nabwo ni uburyohe buri muri iyi si kuko ifise ibintu vyinshi yaba umugore canke umugabo, abana, imiryango ,amatungo n’ibindi binezera  vyose bituma twibagira ko urupfu turugendana bukatwibagiza ko dufise ubuzima bugabanuka uko umusi wije n’uko ijoro rikeye,bukatwibagiza ko n’imva zacu zuguruye ziturindiriye, kubera gusoserwa cane n’uburyohe bw’isi ,urupfu ruza gushikira umuntu giturumbuka akisanga agiye kurwa muri ya mva ataco yateguye kizomurokora imbere y’umuremyi  wiwe ». Imana yama rero itwibutsa ko aha kw’isi turi ingenzi gusa buca dusubira iyo twaje tuva.Umuntu wese ahamariwe rero kwama yiteguye kugira azogire iherezo ryiza 
Christine Manirambona

Ouvrir