Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu biciro vy’umuyagankuba ngo uwukoresha vyinshi, ariha amafaranga menshi

Mu biciro vy’umuyagankuba vyo kuva muri nyakanga umwaka w’2017, ngo uwukoresha vyinshi niwe aheza akariha amafaranga menshi kuri rwa rugero rwa kirowateri, uko ni nko gufasha abasanzwe bafise amikoro make. Mu kwezi kwa nyakanga umwaka w’2017, ngo igiciro ca kirowateri cavuye ku mafaranga 68 kija ku mafaranga 82 ku miryango iteranza kirowateri 50, ni ukuvuga ko urwo rugero baheza kabariha amafaranga 4100. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, ku wa 29 mukakaro 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu biciro vy’umuyagankuba vyo kuva muri nyakanga umwaka w’2017, ngo uwukoresha vyinshi niwe aheza akariha amafaranga menshi kuri rwa rugero rwa kirowateri, uko ni nko gufasha abasanzwe bafise amikoro make. Mu kwezi kwa nyakanga umwaka w’2017, ngo igiciro ca kirowateri cavuye ku mafaranga 68 kija ku mafaranga 82 ku miryango iteranza kirowateri 50, ni ukuvuga ko urwo rugero baheza kabariha amafaranga 4100. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, ku wa 29 mukakaro 2019, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Léonidas Sindayigaya yabandanije abishikiriza, ngo  kuva muri nyakanga umwaka w’2017, kubera ubukene bw’umuyagankuba bwibonekeza, Reta yarafashe ingingo yo kwongereza umuyagankuba ikoresheje imashini zikoswe mw’ishirahamwe « Interpetrol ». Amasezerano Reta yagiranye n’iryo shirahamwe ngo yerekana ko izo mashini zari gutanga umuyagankuba ku rugero rwa megawati 30, ku giciro c’ibice 20% vy’idorari rimwe ry’abanyamerika kuri kirowateri imwe kubera ko uwo muyagankuba uboneka hakoreshwe igitoro co mu bwoko bwa « mazout ».Uwo muyagankuba ngo urazimvye, ubundi ku muyagankuba uboneka hakoreshejwe ingomero z’amazi, ngo usanga igiciro ca kirowateri ari ibice 10% vy’idorari ry’abanyamerika. Kubera ko uwo muyagankuba waje wiyongera mu wundi watangwa n’ingomero, abahinga ngo baricaye bararaba basanga mu bijanye n’umuyagankuba ko uwukoresha vyinshi ariwe yoheza akariha amafaranga menshi kuri kirowateri, ako ngo ni akigoro ko gufasha abasanzwe bafise amikoro make. Muri iryo hinduka ry’ibiciro vy’umuyagankuba, ngo kuva muri nyakanga umwaka w’2017, ngo ikiguzi ca kirowateri cavuye ku mafaranga 68 kija ku mafaranga 82, aho ni mu gihe umunywanyi w’ishirahamwe rijejwe guhingura umuyagankuba no kuwudandaza REGIDESO atarengeje amakirowate 50 ku kwezi, vyumvikana ko kuri urwo rugero aheza akariha amafaranga 4100. Ariko rero ngo umunywanyi arengeje urwo rugero rwa kirowateri 50 ku kwezi, ikirowateri irenze kuri izo 50, araheza akayigura amafaranga 290. Haruhande y’iyo migwi ibiri, ngo hariho uwundi mugwi w’abanywanyi barenza ama kirowateri 150, ikorawateri irenga kuri izo 150, aca ayigura amafaranga 546, agaca arenzako ico bita « charge fixe » y’amafaranga 6822 kubera ko akoresha vyinshi. Ku miryango, ngo ni iyo migwi itatu ariko uwo mugwi wanyuma, ntibamugerera akoresha ivyo ashatse vyose.Kubera ivyo biciro, ngo mu miryango  bokoresha umuyagankuba baharura, bakibuka kuzimya amatara mu vyumba ata muntu ariyo. Vyongeye, ngo muri uko gukoresha neza uwo muyagankuba, imiryango n’uko yokoresha amatara akoresha umuyagankuba mukeya (6W, 9W) kandi akaka neza. Ikindi ngo n’uko mu miryango twokoresha ibikoresho vyo mu nzu  bisaba umuyagankuba mukeyi. Mu ntumbero yo kumenyekanisha ivyo biciro, ngo mu bushikiranganji bariko bararaba ingene ivyo biciro babicishije mu kigo AREEN vyo kwiragizwa hagati mu gihugu, gutyo abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO bamenye ingene biharugwa. Mu migambi ya vuba, ngo barategekanya kandi gukwiragiza mu gihugu hagati ya makonteri y’umuyagankuba ukoresha ivyo wiguriye imbere y’igihe « compteurs prépayés », mu gisagara ca Bujumbura ngo bageze ku bice 90%, abanywanyi mu gihugu hagati ngo baguma bazisaba.

Déo Misigaro                                                                                                            

Ouvrir