Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadandaza basabwa gukora bisunze amategeko, ntibakorere mu rufuri

Abadandaza bahunga abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amatagisi n’amakori (OBR) canke abakozi bo mu biro vy’igisagara ca Bujumbura  ni uko baba bakora badakurikije amategeko. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’igisata co kumenyesha amakuru mu kigo OBR, Stany Ngendakumana mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 24 Mukakaro 2019.Abadandaza bahunga abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amatagisi n’amakori (OBR) canke abakozi bo mu biro vy’igisagara ca Bujumbura  ni uko baba bakora badakurikije amategeko. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’igisata co kumenyesha amakuru mu kigo OBR, Stany Ngendakumana mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 24 Mukakaro 2019.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo umuntu wese atanguye urudandazwa urwari rwo rwose abwirizwa kuriha ikori. Ku bw’ivyo, ngo uwo muntu ategerezwa kurondera ivyangombwa biranga ko ari mu mategeko mu kigo OBR akongera akariha mu biro vy’igisagara ca Bujumbura amafaranga ategekanijwe kuri urwo rudandazwa rwiwe. Ivyo navyo bikaba ari inomero ndangamudandaza « NIF» hamwe n’igitabu c’urudandaza «Registre du commerce». Ngo hari imigwi ishika 4 y’abadandaza aho umudandaza wese aba ategerezwa kumenya umugwi arimwo n’ikori ategerezwa gutanga. Uwa mbere ni umurwi urimwo abadandaza batoya cane baronka kuva kw’ifaranga 1 ry’amarundi gushika ku 24 000 000 vy’amafaranga yose mu yandi majambo umutahe n’inyungu vyose birimwo ku mwaka, ni ukuvuga ibihumbi 66 ku munsi. Muri ico gihe, uwo mudandaza ari muri uwo murwi ngo yoriha 350 gusa y’ikori ku munsi kandi abadandaza benshi usanga bari muri uwo mugwi. Uwa kabiri urimwo abadandaza batoya baronka kuva ku 24 000 000 gushika  ku  100 000 000 y’amafaranga y’amarundi, uwa gatatu kuva kuri 100 000 000 gushika kuri 1000 000  000 y’amafaranga y’amarundi nyene hamwe rero n’umugwi wa nyuma uva kuri 1 000 000 000 kuduga ku mwaka ku mwaka. Iyo umudandaza atagiye arariha ikori ngo hari ibihano bitegekanijwe igihe afashwe.  Stany Ngendakumana yarongeye amenyesha ko abantu benshi batinya kuboneka canke guseruka bagakunda gukorera mu gifuri. Ariko abadandaza bose bakorera ahantu hazwi ngo bakwiye kumenya amategeko abagenga gutyo bagakora bisunze amategeko ngo ninaho batazoheza ngo bahunge igihe cose abakozi ba OBR canke aba «Mairie» baciye mu makaritiye kugenzura uko urudandazwa ruriko ruragenda. Uwutanguye urudandazwa ngo ategerezwa kuba afise ivyangombwa mu minsi 15 kuva atanguye ico gikorwa.Ku bijanye n’ingene ico kigo gikorana n’ibiro vy’igisagara ca Bujumbura, Stany Ngendakumana yamenyesheje ko ikigo OBR gifise itegeko cisunga rigenga amakori n’amatagisi hanyuma ibiro vy’igisagara ca Bujumbura navyo bikisunga itegeko rigenga ubutunzi bw’amakomine. Ayo mategeko rero ngo hariho ahantu yinjiranamwo arico gituma usanga abakozi b’ayo mashirahamwe uko ari abiri bose bagenzura ico gikorwa kijanye n’urudandazwa.

Estella Niyongere

Ouvrir