Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashirahamwe 13 kuri 57 yo mu gisata c’ikawa niyo amaze guhemba abarimyi

Ikawa n’igiterwa njambukamazi kizanira igihugu amahera y’agaciro. Ni muri iyo ntumbero, kw’igenekerezo rya 23 mukakaro 2019, ikinyamakuru UBUMWE casanze uwurongoye  urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC murima w’isangi, Joseph Ntirabampa ku cicaro c’iryo shirahamwe muri zone Gihosha, komine Ntahangwa kugira amenyeshe ibikorwa vy’ugukorera ikawa ingene biriko biragenda. Ntirabampa akaba yamenyesheje ko muri ibi bihe bariko barahimiriza abarimyi b’ikawa mu bijanye no gusasira ikawa hamwe n’ugukata ikawa. Ikawa n’igiterwa njambukamazi kizanira igihugu amahera y’agaciro. Ni muri iyo ntumbero, kw’igenekerezo rya 23 mukakaro 2019, ikinyamakuru UBUMWE casanze uwurongoye  urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC murima w’isangi, Joseph Ntirabampa ku cicaro c’iryo shirahamwe muri zone Gihosha, komine Ntahangwa kugira amenyeshe ibikorwa vy’ugukorera ikawa ingene biriko biragenda. Ntirabampa akaba yamenyesheje ko muri ibi bihe bariko barahimiriza abarimyi b’ikawa mu bijanye no gusasira ikawa hamwe n’ugukata ikawa. Yabandanije amenyesha ko ivyo bikorwa vyo gukata ikawa bariko babikorana n’umugambi w’Ibanki y’isi yose ujejwe guteza imbere igiterwa c’ikawa PASC. Ntirabampa akaba yavuze ko ibikorwa vyo gukorera ikawa, abarimyi bariko babitunganya  bafise ingorane kuko batarahembwa. Ngo gushika kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2019,  abarimyi bategerezwa kuba  bahembwe ariko gushika kuri iyo tariki, amashirahamwe 7 kuri 57 niyo yari amaze guhemba abarimyi. Ntirabampa yamenyesheje ko umushikiranganji  yongereje  ikiringo co guhemba abarimyi, agasaba ko gushika  kw’igenekerezo rya 15 mukakaro 2019 boba bamaze kubikora. Yabandanije amenyesha ko naho biri uko abona umengo ingingo y’umushikiranganji itubahirijwe kuko hamaze guhembwa  amashirahamwe 6 yiyongera kuri ayo 7 yari amaze guhemba abarimyi.  Ngo ivyo bituma ibikorwa abarimyi b’ikawa bariko barakora vyo kurwiza umwimbu bitariko biragenda neza kuko bakenye  kubera batarahembwa. Ngo abarimyi barafise ibibazo vyo kubura uburyo bwo kugura ibisasizo, guhemba abakozi bafasha gukata ikawa n’ubwo kugura ifumbire izokoreshwa mu kwezi kwa gitugutu 2019. Ngo ikibazo co kubura uburyo kirahanze abarimyi. Ngo Reta  yari yagize akigoro mu guha ingwati  bamwe bamwe mu badandaza kugira bashobore guhemba abarimyi kare. Ngo  ariko hari abarongoye amashirahamwe yegeranya ikawa SOGESTAL bamenyesheje ko badashobora guhemba abarimyi kuko nabo nyene badafise amahera yo gukoresha mu mirimo ya minsi yose. Ntirabampa yamenyesheje ko igiciro c’ikawa kw’isoko mpuzamakungu cabaye gito ku buryo abakorera mu gisata c’ikawa bagira  agahombo n’barimyi b’ikawa bakagurirwa ku giciro gito.Ivyo vyose ngo bituma amafaranga yo guhemba abarimyi b’ikawa abura. Ntirabampa yamenyesheje ko kugira ingorane ziri mu gisata c’ikawa zitorerwe inyishu ari uko Reta yogerageza gufata  ico kibazo mu minwe. Ngo nk’uko ibindi bihugu bariko birabikora, Reta y’Uburundi yogerageza ikwongerereza uburyo kugira abarimyi b’ikawa bahembwe amafaranga afadika kuko ibiciro kw’isoko mpuzamakungu atari vyiza. Ku bijanye n’iyinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC), Ntirabampa yamenyesheje ko mu gisata c’ikawa bariko biyumvira ukungene  boshiraho urunani rw’abarimyi b’ikawa mu karere ariko gushika ubu ntibirashoboka kuko uwufata iya mbere kugira ahuze abarimyi  ataraboneka.Ku bijanye n’ibibazo biri mu gisata c’ikawa, uruganda rw’ikinyamakuru UBUMWE rwobibutsa ko Umukuru w’igihugu yasavye abegwa n’ico gisata ko vyoba vyatoye umuti mu mezi atarenga atatu.Ivyo akaba yabishikirije biciye ku muvugizi wiwe inyuma y’inama yagirishije abegwa n’ico gisata ku wa 26 mukakaro 2019. Yarasavye kandi ko hotunganywa icigwa co kwerekana akarusho kazanywe no gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo kugira basanze ataco yashitseko ico gisata gisubire mu minwe ya Reta; canke amashirahamwe yigenga atabishoboye avemwo hasigare ayabishoboye. Aho ni mu ntumbero yo kwubahiriza umurimyi w’ikawa kuko ariwe ayibirira akurya kuruta abandi bose. 

UBUMWE                                 

Ouvrir