Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu gisagara ca Bujumbura Ishirahamwe “Fondation Ineza” ryarashikirije imfashanyo irerero ry’imfuvyi ryo mu Kiyange

Abana b’impfuvyi bashika 64 bo mw’irerero ryo mu Kiyange ku Buterere ryegukira umuryango w’aba Islam bararonkejwe imfashanyo y’impuzu n’ishirahamwe “Fondation Ineza”. Ico gikorwa cari kirongowe n’uwaserukiye iryo shirahamwe Inès Nshimirimana akaba ari umwe mu basigwa ba Liyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana mu gihe bibuka imyaka ine irangiye umuvyeyi wiwe agandaguwe.Abana b’impfuvyi bashika 64 bo mw’irerero ryo mu Kiyange ku Buterere ryegukira umuryango w’aba Islam bararonkejwe imfashanyo y’impuzu n’ishirahamwe “Fondation Ineza”. Ico gikorwa cari kirongowe n’uwaserukiye iryo shirahamwe Inès Nshimirimana akaba ari umwe mu basigwa ba Liyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana mu gihe bibuka imyaka ine irangiye umuvyeyi wiwe agandaguwe.Umukuru w’iryo shirahamwe “Fondation  Ineza” Nshimirimana yamenyesheje ko bayishinze kugira bagaragaze umutima w’urukundo barazwe n’umuvyeyi wabo. Bahisemwo rero gutanga bike muvyo yabasigiye kugira bafashe abana b’impfuvyi narirya ineza ikabwa iyindi kandi itabora. Uwo mutima kandi bawugize kubera basanzwe bubaha Imana ari nayo itanga umutima wo gukunda mugenzawe nk’uko wikunda. Yarongeye amenyesha ko bagiye gufasha izo mpfuvyi kandi mu ntumbero yo  guhimbaza umunsi mukuru w’irayidi ku bana bo mw’idini rya Islamu nk’uko babigize ku bana b’abakristu ku munsi mukuru wa Noweri.Umuhuzabikorwa muri iryo rerero ryo ku Kiyange umupfasoni Chadia Revocat Nzikibazanye nawe yarashimiye abaserukiye iryo shirahamwe kuri uwo mutima wo gufasha impfuvyi. Yarongeye abasaba gufasha n’abandi bana b’impfuvyi bo mu yandi marerero kuko abana benabo baba bakeneye abantu babegera, bakabafasha kubaho neza nk’abandi bana bafise abavyeyi. Umwana yaserukiye impfuvyi Jacques Ndayizeye nawe nyene yarashimye iyo mfashanyo kw’izina ry’abana barerewe hamwe. Yarongeye yipfuriza abo basigwa b’umuhisi Liyetena jenerali Adolphe Nshimirimana kwamana umutima nk’uwo wo gufasha abana b’impfuvyi. Mwomenya ko umuhisi Liyetena Jenerali Adolphe Nshimirimana yagandaguwe ku wa 2 Myandagaro 2015 nayo iyo ‘Fondation Ineza’ ikaba yashinzwe mu mwaka w’2017.

Epitace Nduwayo

Ouvrir