Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka Integuro z’amabwirizwa 9 nizo zizokwigwa mu kwezi kwa myandagaro

Integuro z’amabwirizwa 9 nizo zizokwigwa n’Inama Nshingamateka mu bikorwa vy’isasa risanzwe ryo mu kwezi kwa myandagaro 2019. Muri izo nteguro z’amabwirizwa harimwo irijanye no guha imbibe nshasha amakomine ya Buhayira na Murwi yo mu ntara ya Cibitoke. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, ku wa 1 myandagaro 2019, aho yariko arugurura icese ibikorwa vy’isasa risanzwe vy’urwo rwego vyo mu kwezi kwa myandagaro 2019. Integuro z’amabwirizwa 9 nizo zizokwigwa n’Inama Nshingamateka mu bikorwa vy’isasa risanzwe ryo mu kwezi kwa myandagaro 2019. Muri izo nteguro z’amabwirizwa harimwo irijanye no guha imbibe nshasha amakomine ya Buhayira na Murwi yo mu ntara ya Cibitoke. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, ku wa 1 myandagaro 2019, aho yariko arugurura icese ibikorwa vy’isasa risanzwe vy’urwo rwego vyo mu kwezi kwa myandagaro 2019. Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abakuru b’imigambwe ngo barangure ibikorwa vya poritike bashize imbere inyugu z’igihugu. Abarongoye imigambwe yabasavye kwigisha abayoboke babo inyifato ibereye no kwihanganirana, mu ntumbero yo kubandanya kunywanisha bene Burundi.Abakuru b’imigambwe akaba yabahamagariye kandi gukora ibishoboka vyose kugira amatora yimirije yo mu mwaka w’2020 azorangwe n’amahoro, ukwihanganirana ku badasangiye ivyiyumviro vya poritike hamwe no kwubahana. Bisubiye, ngo abakuru b’imigambwe basabwe kugira uruhara rudasanzwe mu gikorwa co gusigura itegeko rigenga ayo matora. Inama Nshingamateka ngo irashima igikorwa Umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza ariko arakora co kwigisha kuzirikana igihugu, ku mice itandukanye y’abarundi. Ku rwaruka ruri mu kiruhuko gikuru, Inama Nshingamateka y’Uburundi ngo itera akamo ababijejwe gutunganya ibikorwa kugira ubwo buruhuko ntibube impfagusa kuri urwo rwaruka. Eka ngo ni akaryo keza kuri urwo rwaruka ko rurangura ibikorwa vy’iterambere kugira nabo baterere mw’iterambere ry’igihugu ndetse banaronswe inyigisho zo gukunda igihugu, gutsimbataza amahoro hamwe no kwihanganira abo badasangiye ivyiyumviro. Ku bajejwe umutekano n’intwaro, yabasavye kurikanura  gusumba mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano, muri kino gihe igihugu cimirije ibiringo vy’amatora.Abanyagihugu nabo, yabateye akamo ko kuguma ku kivi na cane cane bisunze umugambi w’igihugu w’iterambere wo kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027, bongera bategura amatora. N’akaruhuko abashingamateka bahoramwo, ngo ntikabaye impfagusa kubera ko bifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Muri ako karuhuko nyene, intumwa z’Inama Nshingamateka  zaritavye ibikorwa bigira 45 vy’Inama Nshingamateka z’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, aho kabaye akaryo ko gusaba ko ibihano Uburundi bwafatiwe n’ishirahamwe ry’Inama Nshingamateka z’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa vyokurwaho. Iryo shirahamwe rikaba ryasavye ko hobanza kurungikwa umugwi woza  mu Burundi kuraba uko ibintu vyifashe mu bisata vya poritike, umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu.

 Gloriose Nshimirimana
                        

Ouvrir