Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza arashima intambwe igisata c’ubutare kigezeko mu kuzamura ubutunzi bw’igihugu

robretUmukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashima intambwe igisata c’ubutare kigezeko mu kuzamura ubutunzi bw’igihugu, akanashimira abagikoreramwo bose ku kuntu bafashe nka nkama impanuro yagiye arabaha, bakaba baradugije umwimbu w’amahera y’agaciro yinjira mu kigega ca Reta ku buryo muri aya mezi atatu aheze ico gisata cashoboye kwinjiza amadorari y’abanyamerika  12.000.000.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashima intambwe igisata c’ubutare kigezeko mu kuzamura ubutunzi bw’igihugu, akanashimira abagikoreramwo bose ku kuntu bafashe nka nkama impanuro yagiye arabaha, bakaba baradugije umwimbu w’amahera y’agaciro yinjira mu kigega ca Reta ku buryo muri aya mezi atatu aheze ico gisata cashoboye kwinjiza amadorari y’abanyamerika  12.000.000.Ivyo akaba yabishikirije mu nama yagirishije abakorera mu gisata c’ubutare n’amakariyeri bahuriye  muri komine Rugazi, intara ya Bubanza ku wa 24 mukakaro 2019.Twobamenyesha ko Umukuru w’igihugu yari kumwe n’umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare, amazi meza n’amatara, Côme Manirakiza, uwujejwe intwaro ibereye, Jeanne d’Arc Kagayo hamwe n’uw’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana.Inyuma y’iyo nama icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana akaba yaramenyesheje ko yari mu rukirikirane rw’inama Umukuru w’igihugu yama agirisha abakorera mu gisata c’ubutare mu ntumbero yo kwirimbura, ikaba rero yatunganijwe inyuma y’inama yo muri Munyonyo 2018 yabereye mu ntara ya Ngozi n’iyindi yo muri Ndamukiza 2019 yabereye mu ntara ya Bururi. Uwo munsi rero abakorera mu gisata c’ubutare n’amakariyeri mu Burundi bakaba bari baramutse  basuzumira hamwe ingene ico gisata cifashe inyuma y’amezi atatu aheze, aho basanze mbere ibintu vyifashe neza nk’uko ivyegeranyo vyo mu bushikiranganji bujejwe ubutare, ikigo kijejwe gukurikirana ibijanye n’ubutare OBM hamwe n’ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR bivyerekana.Nk’uko Alain Diomède Nzeyimana, yabandanije abivuga ngo mur iyo nama baravuze ko ubutare na cane cane inzahabu,bwatanguye gucukurwa mu mwaka w’1933, ariko ngo nta muco uboneka kuri ico gisata mu biharuro.Ku vyerekeye amakoperative canke amashirahamwe yo gucukura ubutare ngo asanzwe adakoresha ubuhinga bwo hejuru bumvikanye ko bategerezwa kwisunga amategeko agenga ico gisata , bitagenze uko ibihano bigafatwa. Ngo abakorera mu gisata c’ubutare bakaba basabwa kwitwararika gukingira ibidukikije.Amahera ava mu gisata c’ubutare akaba yaratumye ubutunzi bw’igihugu bwisununura ku buryo ibice 85 kw’ijana (85 %) vy’amahera Reta ikoresha ku mwaka ava  mu gihugu hagati.Ivyo bikaba ari ibiharuro bitangwa n’abakorera mu bushikiranganji bw’ikigega ca  Reta bazi aho urugero rw’imfashanyo z’ibiguhu n’abandi badufasha rugarukira ubu.Basanze hari abagiye baraha ikigo kijejwe gotororokanya ibiharuro bifasha mw’iterambere ISTEEBU amakuru atariyo mu bijanye n’igisata c’ubutare, kubw’ivyo hakaba hagiye gufatwa  ingingo yuko ibiro vy’Umukuru w’igihugu vyonyene bigiye gufata ico kibazo mu minwe,hanyuma  ubwoko bw’ubutare buri mu gihugu cose  bukazerekanwa abenegihugu bakazoshobora kubumenya, mbere bakibonera ko Reta ikorera ku mugaragaro.Kubera akamaro k’igisata c’ubutare ngo Reta igiye gushinga amashure azoramura abahinga bazokorera muri ico  gisata. Abari munama baribukije ko ishirahamwe ricukura ubutare bw’akabuyenga «Raimbow Mining» ryari ryiyemeje kuzoshinga mwene iryo shure.Muri iyo nama ngo baragarutse ku mategeko agenga ico gisata n’ubu sa n’ayadatomoye neza aho umuntu asanga ku ruhande azana akarusho ariko ku rundi agatera intambamyi. Ahandi naho usanga hari ikibazo c’imizibukiro gitera imyidogo mu banyagihugu nko  mu ntara ya Cibitoke ahariko hacukurwa inzahabu ariko umwitwariko wabo Reta ikaba yarawutahuye ngo bikenewe hazotunganywa umwiherero kugira ibibazo vyose bihari bitorerwe umuti urama kandi ku mugaragaro.Ku bijanye n’ibiharuro vyahora bivugwa ko  igisata c’ubutare kitarenza igice kimwe kw’ijana c’amahera yinjira mu kigega ca Reta, mu 2014 ibice 2 kw’ijana  vyashoboye kwinjira mu kigega, ariko mu 2018 ico gisata cararengeje ibice 50 kw’ijana, kikaba cararengenje amahera y’agaciro ava mu cayi, ikawa n’ipampa biri hamwe vyose. Hakaba hari icizere cuko amahera Reta ikoresha ku mwaka ku mwaka yose azova mu gihugu hagati.Ngo mu minsi iri imbere Uburundi ngo bugiye kuzokora amasuka   n’ivyuma vyo kwubakisha bizohingurwa mu butare Fer buri mu gihugu.Ngo Umukuru w’igihugu akaba yasozereye iyo nama asubira gushimira abakorera mu gisata c’ubutare, anabemerera ko mu nama izokurikira bazobaha ijambo. Umuhanuzi mukuru wa buramatari ,Astère Nitunga niwe yashikirije ijambo ry’ikaze Umukuru w’igihugu n’abanyacubahiro bari bamuherekeje hamwe n’abari batumiwe muri iyo nama. Akaba rero yaramenyesheje abari aho ko intara ya Bubanza irangwamwo amahoro n’umutekano, abanyagihugu bakaba bayakamisha ibikorwa vyo kwiteza imbere, nayo abashaka kuyahungbanya baca bafatwa kubera hasanzwe hari ya makomite y’umutekano ahurikiyemwo bose biyunze mu nyabune. Mu gisata ca poritike naho ngo abanyamigambwe barakora mu bwigenge. Mu gisata c’amagara y’abantu hari indwara ya marariya ikarira cane cane abadakoresha umusegetera urimwo umuti wica imibu. Mu gisata c’indero ngo amanuta abanyeshure   bo mu mwaka w’icenda baronse mu kibazo ca Reta ngo si ikirenga.Mu gisata c’ubutunzi ngo abarimyi barimbuye bikwiye, bakaba rero basabwe kuziganya umwimbu wabo ntibawurangirize ku masoko.Mu gisata c’ubutera n’amakariyeri Astère Nitunga akaba yamenyesheje ko abakorera muri ico gisata mu makomine ya Musigati, Rugazi na Bubanza bitaho ibidukikije. 

Jean-Robert Nshorirambo

Ouvrir