Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo API gitegekanya kuzorangura ibitari bike muri uyu mwaka w’2019 ushira uw’2020

apiiIkigo kijejwe  gushigikira abanyamitahe mu Burundi API gitegekanya kuzorangura ibitari bike mu bijanye no guteza imbere abanyamitahe abo mu gihugu canke b’abanyamahanga. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ico kigo API Léonard Sentore mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza  ivyaranguwe n’ico kigo mu gice ca kane gisozera umwaka w’2018 ushira uw’2019. Hari kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019.Ikigo kijejwe  gushigikira abanyamitahe mu Burundi API gitegekanya kuzorangura ibitari bike mu bijanye no guteza imbere abanyamitahe abo mu gihugu canke b’abanyamahanga. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ico kigo API Léonard Sentore mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza  ivyaranguwe n’ico kigo mu gice ca kane gisozera umwaka w’2018 ushira uw’2019. Hari kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019.Léonard Sentore yabandanije amenyesha ko ibikorwa nyamukuru vyaranze ico kiringo, vyabaye ishingwa ry’amashirahamwe n’amakoperative, ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’itegeko rigenga imitahe, ibikorwa bijanye no guteza imbere ivyo gushorera ibidandazwa hanze y’igihugu, ibijanye no kworohereza hamwe no guteza imbere ishingwa ry’imitahe  no kurata Uburundi mu makungu. Yamenyesheje ko ku bijanye n’ishingwa ry’imitahe habaye akarusho kanini  umuntu agereranije n’ikiringo c’umwaka uheze kuko hashinzwe amashirahamwe 4080 kandi mu mwaka uheze w’2018 yari 842, nayo ibice 83 kw’ijana vy’ayo mashirahamwe yashinzwe muri iki gice  akaba ari amakoperative. Ikigo API caranateguye uruganda rwo kumenyesha abashingwamanza ibisabwa vyose kugira ishirahamwe rishingwe mu Burundi. Ku bijanye no gushira mu ngiro itegeko rigenga imitahe mu Burundi, yamenyesheje ko igisata kijejwe gufasha no gushigikira abanyamitahe catanze impapuro 5 zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho, ayo mashirahamwe yaronkejwe izo mpapuro akaba ategekanya kuzokoresha umutahe ungana n’16 206 642 700 z’amafaranga y’amarundi, agategekanya kuzotanga ubuzi 277. Ngo mu ntumbero yo gushigikira no gufata mu mugongo abanyamitahe, umuyobozi w’ikigo API yaragendeye amashirahamwe BUCECO na Tanganyika Mining Burundi kugira bayage ku ntambwe boba bagezeko no ku ntambamyi bahura nazo mu bikorwa vyo gushira mu ngiro imigambi yabo, bakaba kandi basanze bageze ku ntambwe ishimishije. Mu ntumbero yo kworohereza abanyamitahe mu Burundi, ikigo API carakoze amasekeza mu ntara ya Cankuzo, Ngozi, Gitega, Rumonge, Cibitoke yo guhimiriza abanyagihugu bifuza gushinga imigambi gushira inguvu hamwe n’uburyo mu kwiteza imbere.  Ngo harabaye n’isekeza ryo gukarihiriza ubwenge abahingura ibivuye mu mwimbu w’ubworozi n’uburimyi kugira bashore ibikwije amategeko mpuzamakungu. Mu bijanye no guteza imbere imitahe no kurata Uburundi haba mu gihugu canke mu makungu, ikigo API gifadikanije n’ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi vyarabateguriye igice kigira kabiri c’ihuriro ry’amahinguriro ;  ku rwego mpuzamakungu. Ikigo API carashitse kandi mw’ihuriro ryabereye mu gihugu c’Ubutaliyano ryateguwe n’abaserukizi b’ibihugu bitandukanye vyo muri Afrika y’ubuseruko mu ntumbero yo kurabira hamwe ibisata bitandukanye vyohurumbirwa n’abanyamitahe ngo babishingemwo imitahe yabo. Ngo harabaye ihayanishwa rya mbere hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’ibihugu vyo muri Afrika mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyavuye mu nama nkuru yabereye i Beijing ku biraba imigenderanire hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’ibihugu vya Afrika. Yaheraheje amenyesha ko ikigo API gitegekanya kuzorangura ibitari bike mu bijanye no guteza imbere abashingamitahe bo mu gihugu canke b’abanyamahanga mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu. Ibizorangurwa navyo ahanini bikaba vyerekeye kubandanya kugendera amashirahamwe mu ntumbero yo kubafata mu mugongo, kubandanya ibikorwa vyo kugenzura amashirahamwe yoroherezwa mu guheberwa amatagisi n’amakori, kubandanya bakarihiriza ubwenge urwaruka mu nteguro z’imigambi yabo, kubandanya amasekeza yo guhimiriza no gukarihiriza ubwenge abashorera hanze y’igihugu ngo bakurikize amategeko abigenga n’ibindi.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir