Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Radio na televiziyo Rema bisaba gufatwa mu mugongo na Reta kugira bishobore gukora neza

gastonnnIcegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo araremesha umuyobozi wa Radiyo na tereviziyo Rema n’abakozi bayo ko Reta igiye kubafasha  mu kuronka ibikoresho bishasha no kuyiha uburenganzira bwo kuvyinjiza batarishe amatagisi n’amakori.Ivyo akaba yabibashikirije kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019 mu gihe yabagendera mu ntumbero yo kubashigikira no kubafata mu mugongo. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo araremesha umuyobozi wa Radiyo na tereviziyo Rema n’abakozi bayo ko Reta igiye kubafasha  mu kuronka ibikoresho bishasha no kuyiha uburenganzira bwo kuvyinjiza batarishe amatagisi n’amakori.Ivyo akaba yabibashikirije kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019 mu gihe yabagendera mu ntumbero yo kubashigikira no kubafata mu mugongo. Yamenyesheje kandi ko bashima uko Radio na Tereviziyo Rema bikora naho bahuye  n’ivyago vyo mu 2015 ivyuma vyabo bigaturirwa ibindi bikwononekara aca abasaba ko n’aho biri uko bokwitegurira neza amatora gurtyo gushuha imitwe ku banyeporitike vyahora biboneka mu kiringo c’amatorabigabanuke canke bihere, kandi ntihagire uwuzidoga inyuma yayo.Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo ari kumwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru ,Frédéric Nahimana bakaba baragenduye inyubakwa radiyo na tereviziyo Rema bisamiraniramwo ,umuyobozi wa Radiyo na Televiziyo Rema Jean Claude Nkurunziza arabereka uko abamenyeshamakuru bakora  n’aho bakorera uko hatunganije. Yarabashikanye mu buhinga bw’ivyuma,mbere araha n’akanya Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ko kuganira n’abanyagihugu bakoresheje  terefone yongera arishura ku bibazo bimwe bimwe bibabakiye.Mu kurangiza urwo rugendo , umuyobozi w’iradiyo na Tereviziyo Rema Claude Nkurunziza yarashimiye uwo mushitsi kw’iteka yabateye, amusaba intererano ya Reta yobafasha mu ngorane zijanye n’ibikoresho   zibabera intambamyi mu kazi kabo ku vyerekeye ikibanza bakoreramwo gisanzwe ari gito  n’ibikoresho bafise bidakwiye bivuye ku ngorane bagize, akaba yashikirije icipfuzo c’uko Reta yobafasha  mu gihe baguze ibikoresho ikigo kijejwe gotororokanya amatagisi n’amakori (OBR) ntikibitoze amatagisi. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu nawe akaba yarabemereye ko ataco Reta itazokora kugira ibikorwa vyabo bigende neza. 

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir