Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imifuko yo gushingura umwimbu w’uburimyi ikinga ibungwe niyo igiye kuzohora ikoreshwa

poiyUbushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwarashizeho ubuhinga bushasha bwo gushingura umwimbu ku buryo bubereye hakoreshejwe imifuko yabigenewe bita « PICS » kugira ntibibugwe.Ibirori vyo kwerekana ingene iyo mifuko ikoreshwa ikaba vyabereye i Bjumbura muri karitiye ihariwe amahinguriro, bihagarikiwe n’uwuramutswa ubwo bushikiranganji, Déo Guide Rurema, kw’igenekerezo rya 24 mukakaro 2019.Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwarashizeho ubuhinga bushasha bwo gushingura umwimbu ku buryo bubereye hakoreshejwe imifuko yabigenewe bita « PICS » kugira ntibibugwe.Ibirori vyo kwerekana ingene iyo mifuko ikoreshwa ikaba vyabereye i Bjumbura muri karitiye ihariwe amahinguriro, bihagarikiwe n’uwuramutswa ubwo bushikiranganji, Déo Guide Rurema, kw’igenekerezo rya 24 mukakaro 2019.Umushikiranganji Déo Guide Rurema, mw’ijambo yashikirije abari ngaho, akaba yamenyesheje ko kugira bakingire umwimbu wabo,abarimyi bagiye barakoresha uburyo butandukanye harimwo n’imiti bapompa mu biharage irimwo ubumara bushobora kubangamira amagara y’abantu. Ngo iyo miti benshi mu barimyi na cane cane bantahonikora, ntibiborohera kuyironka kuko idandazwa ku giciro gihanitse. Yaravuze ko mu ntumbero yo gufasha abarimyi kugabanya uruhombo rujanye n’ ukubugwa kw’umwimbu canke kwononekara mu buryo butandukanye, Reta y’uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi, yarashizeho ubuhinga bushasha bwo gushingura umwimbu ku buryo bubereye hakoreshejwe imifuko yabigenewe bita mu mpfunyapfunyo y’icongereza PICS. Ngo ikigo kijejwe guteza imbere ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi  (ISABU ) kikaba caragerageje gukoresha no guteza imbere ubwo buhinga kandi ivyashitsweko bishimishije. Yamenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi yisunze ivyavuye mu bushakashatsi n’ubuhinga butandukanye bwageragejwe n’abenegihugu ku bijanye no kubika umwimbu. Ubushikiranaganji rero buheruka gushiraho imifuko PICS ku rugero rushimishije kugira uruhombo rujanye no gushingura umwimbu nabi rugabanuke, bishobotse mbere tubisezerere ndetse n’umwimbu ushinguwe ugumane akanovera n’agaciro kawo.  Yarongeye amenyesha ko kugira abenegihugu bashobore kuronka  iyo mifuko biboroheye, Reta y’Uburundi yarorohereje abarangura iyo mifuko mu mahanga mu kubahebera amatagisi ajanye no kunyinjiza mu gihugu. Ivyo bikaba vyatumye igiciro cayo kigabanuka kuva ku mafaranga 8000 gushika ku mafaranga 5800 y’amarundi ; umufuko umwe ukaba ujamwo ibiro ijana. Ico giciro kikazoshobora guhinduka bivanye n’ingene kw’isoko vyifashe.Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yaramenyesheje kandi uko imifuko PICS ikoreshwa, n’ukuntu iyo mifuko yokwegerezwa hafi y’abenegihugu kugirango abayikeneye bashobore kuyigura bitabagoye. Ngo ubushikiranganji bw’ibidukikije,  uburimyi n’ubworozi bumenyesha abenegihugu ko imifuko 58000 iza yarashitse mu bubiko, ikaba igiye kujanwa mu ntara kugira abayikeneye bayisange hafi. Ngo kugira uwo mugambi wo kubika umwimbu abenegihugu bawugire uwabo, harategekanijwe inama yo guhimiriza abarimyi kwijukira gukoresha umufuko PICS hamwe n’inyigisho zijanye n’ingene iyo mifuko yokoreshwa. Yamenyesheje kandi ko izo nyigisho atanguje, abayobozi b’ibiro bijejwe uburimyi mu ntara aribo bazozironswa ubwa mbere  kugira nabo bace baja gufasha kuvyigisha abarimyi n’abahurikiye mu makoperative mu ntara. Déo Guide Rurema yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abanyagihugu bose na cane cane abarimyi ko iruhande y’iyo mifuko 58000 hagiye gushirwaho ubundi bubiko ku rwego rw’igihugu no ku rw’intara. Abayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara bagasabwa guhagararira neza ico gikorwa co kwegereza abenegihgu no kudandaza imifuko PICS ibafasha kubika neza umwimbu wabo n’uw’igihugu. Umushikiranganji w’ibidukikije ,uburimyi n’ubworozi akaba yamenyesheje ko ata muntu arekuriwe kudandaza iyo mifuko mw’isoko mu ntumbero yo kworohereza abajejwe kugenzura no gusuzuma ibijanye n’ibiciro ku masoko atandukanye.

Thérèse Niyonkuru                                                                                                         

Ouvrir