Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amafaranga y’agaciro avuye mw’ikawa ategerezwa kugaruka mu kigega ca Reta

gatumbaaUmukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza aragabisha abakorera mu gisata c’ikawa  ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha kuri abo bose batubahiriza ingingo ziba zafashwe na Reta.Ivyo akaba yabishikirije mu nama yagirishije abegwa n’ico gisata bahuriye muri zone Gatumba, komine  Mutimbuzi, intara ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 26 mukakaro 2019. Inyuma y’iyo nama, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu ,Jean Claude Karerwa akaba  yamenyesheje ko   yari mu rukurikirane rw’izindi zabaye mu ntumbero yo gusuzuma uko igisata c’ikawa cifashe kuva kubayirima, kubayishikana kumatonorero no kubayishora hanze hamwe n’ukuntu amafaranga y’agaciro  agaruka mu kigega c’igihugu.Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza aragabisha abakorera mu gisata c’ikawa  ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha kuri abo bose batubahiriza ingingo ziba zafashwe na Reta.Ivyo akaba yabishikirije mu nama yagirishije abegwa n’ico gisata bahuriye muri zone Gatumba, komine  Mutimbuzi, intara ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 26 mukakaro 2019. Inyuma y’iyo nama, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu ,Jean Claude Karerwa akaba  yamenyesheje ko   yari mu rukurikirane rw’izindi zabaye mu ntumbero yo gusuzuma uko igisata c’ikawa cifashe kuva kubayirima, kubayishikana kumatonorero no kubayishora hanze hamwe n’ukuntu amafaranga y’agaciro  agaruka mu kigega c’igihugu.Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza  ngo amaze kwumviriza icegeranyo catanzwe n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi  n’ubworozi, Déo Guide Rurema hamwe n’abandi bafise uruhara muri ico gisata  baba abajejwe amatonorero, abarongoye ikigo kigenzura igisata c’ikawa ARFIC, yashimishijwe n’intambwe ico gisata giteyeko  uno munsi. Ariko naho biri uko ngo hari ibisigaye gukorwa kuko hariho intambamyi zicibonekeza hirya no hino. Umukuru w’igihugu yaciye amenyesha ko  agiye gutunganya inama irimwo ba buramatari na ba musitanteri kugirango abo bose bamenye ko amatagisi n’amakori agenewe kwinjira mu makomine ategerezwa kwinjira. Vyongeye, ngo bategerezwa kumenya ayo makori ay’ariyo n’ingene ategerezwa kwegeranywa.   Umukuru w’igihugu ngo yaboneyeho gusaba ko mu kiringo c’amezi atatu intambamyi zose zikiboneka muri ico gisata c’ikawa zijanye no kutariha amakori n’amatagisi kubadandaza ikawa hamwe no kwigungana amafaranga y’agaciro aba yavuye muri iyo kawa ntagaruke mu kigega ca Reta  zoba zatorewe umuti. Aca yongera abasaba kandi ko  boja mu nama izokurikira yo mu kwezi kwa munyonyo  2019 vyose  vyatorewe umuti.  Umukuru w’igihugu yaragabishije  ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha zo guhana abo bose batubahiriza ingingo ziba zafashwe kuko umwanya wo guhanura no kwihaniza warangiye. Vyongeye ngo  amashirahamwe ari muri ico gisata atabishoboye yokivamwo hagasigara ababishoboye. Kubera iyo mvo nyene, yaciye asaba  ko hotungaywa icigwa co kuraba akarusho kazanywe no gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo. Ngo hamwe basanze iyo ngingo ataco yashitseko  ico gisata kigasubira mu minwe ya Reta ikagitunganya ukundi gusha. Mu kurangiza, Umukuru w’igihugu  yamenyesheje ko uko bigenda kwose ibibazo uko biri kwose, umunyagihugu nyene ikawa  ategerezwa kurihwa mbere bibaye ngombwa bagasaba amadeni mu mabanki kuko ari  ariwe wa mbere azi umuruho wo gukorera iyo kawa.

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir