Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Indongozi zisabwa kugira uruhara runini mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida

denisazaIshirahamwe « Fondation Buntu » ryifadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, ryaratunganije inama yo guhimiriza abarongoye abandi mu ntwaro, mu bitaro bitandukanye no mu madini bari mu ntara za Kirundo, Muyinga, Kayanza na Ngozi mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kw’ihangiro bihaye ryo kurandurana n’imizi ubwandu bwa Sida ku bana bavuka ku bavyeyi bagendana ico kiza, kurondoka ku rugero hamwe n’ubugumba. Iyo nama ikaba yabaye kw’igenekerezo rya 22 mukakaro 2019 mw’ihoteri Ruhuka, zone Buye, komine Mwumba, intara ya Ngozi. Iyo nama ikaba  yuguruwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza asanzwe arongoye iryo shirahamwe Fondation Buntu.Ishirahamwe « Fondation Buntu » ryifadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, ryaratunganije inama yo guhimiriza abarongoye abandi mu ntwaro, mu bitaro bitandukanye no mu madini bari mu ntara za Kirundo, Muyinga, Kayanza na Ngozi mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kw’ihangiro bihaye ryo kurandurana n’imizi ubwandu bwa Sida ku bana bavuka ku bavyeyi bagendana ico kiza, kurondoka ku rugero hamwe n’ubugumba. Iyo nama ikaba yabaye kw’igenekerezo rya 22 mukakaro 2019 mw’ihoteri Ruhuka, zone Buye, komine Mwumba, intara ya Ngozi. Iyo nama ikaba  yuguruwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza asanzwe arongoye iryo shirahamwe Fondation Buntu.Mw’ijambo ryiwe Denise Nkurunziza yamenyesheje ko intumbero y’ishirahamwe rihurikiyemwo abatambukanyi b’ababakuru b’ibihugu vyo muri Afrika  «OPEDAS» mu kwiyumvira gutanguza isekeza  «naitre libre pour briller»  kwari uguterera kugira umwana avutse ntabe agihitanwa n’umugera wa Sida. Ihangiro rikaba ari uko mu mwaka w’2020, ico kiza kizoba caranduranwe n’imizi, gutyo abana n’abavyeyi bagire amagara meza. Yaravuze ko intumbero yabo ari uguterera  mw’ishirwa mu ngiro  ry’icemezo Uburundi bwemeye bwifatanije n’amakungu, ko bugiye gukora ibishoboka kugira « ntihagire umuntu n’umwe yosubira kwandura umugera wa Sida, ntihagire umuntu n’umwe agendana umugera yosubira gukumirwa, ntihagire umuntu n’umwe yoba acicwa n’indwara z’ivyuririzi zivuye ku mugera wa Sida. Ngo muri ino myaka bagezemwo bageze ku ntabwe ikomeye imaze kuboneka mu kurwanya ikiza c’indwara ya Sida ariko abantu benshi bakaba bagikeneye kwigishwa kubera abavyeyi bibugenze bacanduza abana, haba mu gihe bariko baribaruka hamwe no kubonsa. Yaciye asaba abarongoye intara ngo berekane uruhara rwabo, mu guhimiriza abakenyezi ngo bapimishe imbanyi mu mezi atatu ya mbere, bongere bipimishe ico kiza baherekejwe n’abo bubakanye kuko umwana ari uwa babiri. Abajejwe intwaro nabo basabwe kurwanya bashimitse ibintu bituma ubusambanyi kuko bituma ico kiza kirwira. Yarongeye aramenyesha ko ibibazo vy’ubugumba umenga biraba abakenyezi bonyene. Ngo abakenyezi benshi barirukanwa mu ngo zabo kubera ubugumba kandi hari aho ubwo bugumba buba bufise umugabo. Ngo birababaje kubona umukenyezi ariwe atotezwa kandi abahinga bamenyesha neza ko ubugumba bufata abagabo n’abagore ku rugero rungana ku bice 50 kw’ijana. Yaramenyesheje kandi ko urugo rutaronse ikibondo atari urwo gukumirwa ahubwo ari urwo gushigikirwa, rugahabwa impanuro zo kwitura abaganga.Yavuze kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu ( OMS ) ryamenyesheje  ko ahanini, ubwo bugumba buri muri Afrika no mu Burundi hadasigaye inyuma, buva ku ndwara z’abakenyezi zitavuwe neza ku bice 85 kw’ijana « infections » mu gihe kw’isi izo indwara ziza ku bice 33 kw’ijana. Ikindi naco ni uko abagabo batarajijuka kuja kwa muganga ahubwo iyo bishitse bagashima kurenga ibigo. Yaravuze ko irwirirana ry’abantu ryazanye indyane z’amatongo bigatuma n’umutekano w’igihugu utosekara. Denise Nkurunziza yasavye abari muri iyo nama ko ivyo bize bogenda bakabishikiriza abo barongoye.Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana yarashimiye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yama yitwararika ineza y’abanyagihugu haba mu nyigisho canke mu mpanuro. Ngo  inyigisho batanze ni nziza cane kuko bahamagarira abantu bose bafise ingorane ko bokwitura abaganga. Yarashimiye ishirahamwe Fondation Buntu ryarungitse abaganga 5 kunonosora ibijanye n’ubugumba.   

Thérèse Niyonkuru                                         

Ouvrir