Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Kuja hamwe muri poritike, ubutunzi, iterambere n’imico kama ni umugambi wa EAC

Amashirahamwe y’abikorera utwabo, ayigenga hamwe n’imigwi yose ikurikiranira hafi imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko asabwa gukoresha neza uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa Shingiro rigenga ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bujejwe imigabo n’imigambi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko Jean Rigi, mw’ijambo yashikirije ryo gutanguza icese uruganda rwo guhanahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’uruhara rwabo mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kuja hamwe kw’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, mu ntumbero yo gutanga ivyiyumviro vyo gutegura neza ku rwego rw’igihugu, ihwaniro rizoba ririmwo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Hari kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019.Amashirahamwe y’abikorera utwabo, ayigenga hamwe n’imigwi yose ikurikiranira hafi imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko asabwa gukoresha neza uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa Shingiro rigenga ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bujejwe imigabo n’imigambi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko Jean Rigi, mw’ijambo yashikirije ryo gutanguza icese uruganda rwo guhanahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’uruhara rwabo mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kuja hamwe kw’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, mu ntumbero yo gutanga ivyiyumviro vyo gutegura neza ku rwego rw’igihugu, ihwaniro rizoba ririmwo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Hari kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019.Nk’uko yabimenyesheje, ngo urwo ruganda rwari rufise intumbero yo guhanahana amakuru n’ivyiyumviro hagati y’abegwa  n’umugambi w’igihugu wo kuja hamwe n’ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ; iyo kurabira hamwe ingene intererano z’abahurikiye mu migambwe, mu mashirahamwe y’abikorera utwabo hamwe n’amashengero atandukanye, zoshobora kuba umushinge zikaba zirafatirwako mu bijanye n’ishirwa mungiro ry’imigabo n’imigambi ihuza ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Yarongeye amenyesha ko ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko rifise intumbero yo guteza imbere umugambi wo kuja hamwe mu vyerekeye ubutunzi, poritike, imibano n’imico kama kugira abanyagihugu baharonkere akarusho biciye mu budandaji, mu guhingura ibidadanzwa no mukurwiza imitahe. Ikindi naco, ngo imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, yerekeye ibisata vyose vy’ubuzima bw’abanyagihugu ari naco gituma umwitwarariko n’ishaka ry’umwe wese bitegerezwa gushirwa imbere kugira igihugu c’uburundi kigire ikibanza gikomeye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko biciye mu kuba akarorero keza mu gushira mu ngiro imigabo n’imigambi y’iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu. Muri iryo jambo nyene yarongeye amenyesha ko abitavye ibikorwa vy’inama igira mirongo itatu n’umunani y’abashikiranganji bajejwe imigabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko baciye  irya n’ino ibibazo vyashikirijwe n’igihugu c’Uburundi mu ntumbero yo kubitorera umuti ku neza y’igihugu c’Uburundi n’akarere. Ivyo navyo bikaba vyari bijanye n’ikibazo c’ingene ururimi rw’igifaransa rwokoreshwa mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ingene ihuriro ry’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko ryoza rirakorana n’ihuriro ry’amashirahamwe asanzwe yemewe n’amategeko agenga igihugu ico arico cose, ikijanye n’uko hoba urutonde rw’ibikorwa vyerekeye igihugu c’Uburundi mu bijanye no guteza imbere uburovyi mu kiyaga victoria, kandi ngo ivyo bibazo vyose vyaratorewe inyishu zishimishije. Yaheraheje atera akamo abanyagihugu bose ngo barushirizeho gukomeza amahoro n’umutekano kuko arivyo mushinge n’inkingi y’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi iyo ariyo yose, bikongera bikaba isoko ry’iterambere rirama kandi ridakumira.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir