Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshingamateka yarasozereye ibikorwa vya yo yari yatanguje icese muri Ndamukiza 2019

Inama Nshingamateka yarasozereye  ku wa 28 Ruheshi 2019, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ibikorwa vyayo  yari yuguruye ku wa 29 Ndamukiza 2019. Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, ari nawe yasozereye ivyo bikorwa yamenyesheje  ko abashingamateka bishimira cane ibikorwa baranguye muri ico kiringo. Ngo barashoboye kwiga mbere baranatora  integuro z’amategeko yarungitswe na Reta eka mbere ngo baranasubira kwihweza amategeko yari yarashikirijwe Inama Nkenguzamateka. Ikindi ngo bishimira ni uko abashikiranganji batandukanye be n’Umuhuza w’abarundi bashoboye kwishura ku bibazo bitandukanye vy’abashingamateka. Eka ngo si ivyo gusa abashingamateka barashoboye no kugendera abenegihugu mbere baranifatanya n’abo mu bikorwa vy’iterambere.Inama Nshingamateka yarasozereye  ku wa 28 Ruheshi 2019, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ibikorwa vyayo  yari yuguruye ku wa 29 Ndamukiza 2019. Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, ari nawe yasozereye ivyo bikorwa yamenyesheje  ko abashingamateka bishimira cane ibikorwa baranguye muri ico kiringo. Ngo barashoboye kwiga mbere baranatora  integuro z’amategeko yarungitswe na Reta eka mbere ngo baranasubira kwihweza amategeko yari yarashikirijwe Inama Nkenguzamateka. Ikindi ngo bishimira ni uko abashikiranganji batandukanye be n’Umuhuza w’abarundi bashoboye kwishura ku bibazo bitandukanye vy’abashingamateka. Eka ngo si ivyo gusa abashingamateka barashoboye no kugendera abenegihugu mbere baranifatanya n’abo mu bikorwa vy’iterambere.Muri iryo jambo, Pascal Nyabenda yamenyesheje kandi ko Inama Nshingamateka muri ico kiringo, yakomeje imigenderanire nabo bose baterera mw’iterambere ry’igihugu. Ngo yarakiriye mu biro vyiwe abashitsi batandukanye eka mbere na we nyene n’abandi bashingamateka barashoboye gutegura ingendo hanze y’igihugu zagiriye akamaro Inama Nshingamateka n’igihugu.Umukuru w’Inama Nshingamateka yarakeje abenegihugu, indongozi, abajejwe umutekano w’igihugu n’abandi bose kubwira bafise bwo kubumbatira amahoro n’umutekano mu gihugu. Ivyo yabishikirije kuko igihugu kiri mu mahoro ntangere. Niko mbere guhamagarira abenegihugu n’abandi bose baba mu Burundi gushishikara babumbatira amahoro kugira ngo bitegurire neza amatora yo mu mwaka w’2020. Pascal Nyabenda yaboneyeho akaryo ko gutera ivyatsi abagizi ba nabi bihaye gutera no gusambura ingoro z’imigambwe. Kubwiwe ngo Abarundi biyemeje kubana mu mahoro ntawoza arondera kubacanishamwo ngo abishobore eka mbere ngo bitoreye ingendo ya Demokarasi aho barongorwa n’abo bitoreye batarinze kubabatamika. Mw’ijambo ryiwe Pascal Nyabenda yaraniyamirije ibihugu bimwe bimwe bishaka kwisuka mu vy’ Uburundi aho hari abagerageza gusaba ko hosubira gutangurwa ibiganiro mu gihe Umuhuza w’abarundi Benjamin Mukapa yasozereye ico gikorwa mu guha icegeranyo c’ivyavuye mu biganiro Umuhuza w’abarundi Yoweri Kaguta Museveni. Ngo abasaba ivyo bindi biganiro bobirekera Abarundi kuko bamaze kwerekana aho bahagaze mu kwitorera Ibwirizwa Shingiro ririko ribajana kwitorera indongozi nshasha z’igihugu.Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yasozereye ijambo yipfuriza Abarundi bose umunsi mukuru mwiza wo kwibuka ukwikukira kw’igihugu wahimbajwe ku wa1 Mukakaro 2019. Yaranipfurije abashingamateka akaruhuko keza ko muri Mukakaro 2019. 

Nathan Ntahondi

Ouvrir