Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amasaha mirongo ibiri n’ane imbere y’Imana

Ku wa 28 Ruheshi 2019, mu gisagara ca Bujumbura, ahari icicaro citiriwe ukwikukira  kw’Uburundi harabereye igikorane ciswe amasaha 24 imbere y’Imana. Ico gisabisho kikaba cari ico kuninahaza n’ugushimira Imana ku vyiza idasiba kugirira Uburundi. Ico gisabisho caranzwe n’amasengesho, indirimbo n’inyigisho zihayagiza Imana.Ku wa 28 Ruheshi 2019, mu gisagara ca Bujumbura, ahari icicaro citiriwe ukwikukira  kw’Uburundi harabereye igikorane ciswe amasaha 24 imbere y’Imana. Ico gisabisho kikaba cari ico kuninahaza n’ugushimira Imana ku vyiza idasiba kugirira Uburundi. Ico gisabisho caranzwe n’amasengesho, indirimbo n’inyigisho zihayagiza Imana.Mu nyigisho zatanzwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, yashimiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura kubugira kabiri atunganya igikorane nk’ico. Ahamagarira abarundi bose kw’isunga Imana mukurangura ico cose giteza imbere igihugu. Yisunze ijambo ry’Imana, yamenyesheje ko Imana icisha mu nzira zitandukanye kugira ngo tuharonkere icigwa. Ni muri iyo ntumbero ahamagarira Abarundi bose kwamirira kure ivy’amoko kugira bikureko  abansi b’Uburundi bababuze kudusubiza mu buja. Yahamagariye abarundi kugira inguvu mukwiteza imbere. Mu kurangiza Sindimwo  yasavye Abarundi  bose kwitahura, bakamenya  gushima ivyo Imana yakoze, naho igejeje  Uburundi. Ukuvuga neza Imana n’abakozi bayo birimwo umugisha. Ahamagarira abarundi kandi kumenya kwihanganira ibibababaza, bakanahakura icigwa. Muri ikigihe twimirije amatora, asaba Abarundi kwitorera abarongozi mu mahoro n’umutekano. Yahamagariye Abarundi bose  kurandurana n’imizi ivyo vyose bituma igihugu gisubira inyuma.Umukuru w’igisagara ca Bujumbura  freddy Mbonimpa yarashimiye abaje muri ico gikorane. Aho kabaye n’akaryo keza ko gutazira Imana bakayikengurukira aho yabakuye naho igejeje mu guhunda amahoro abarundi. Abarundi  iyo bava bakagera yabahamagariye gukoresha ubwenge Imana yabahaye mu gutegura n’ukubikira kazoza, bakamenya ko inguvu bafise ubu zo gukora ataribo bazokwamana. Ivyo vyavuzwe n’abavugabutumwa mu nyigisho bahaye abaje muri ico gisabisho. Bamenyesheje ko ubwenge mugukoresha umwanya mugutegura kazoza ariyo nkingi y’iterambere rirama. Barasaba abarongozi beza b’abarundi ko batokumira urwaruka kuko arirwo Burundi bw’ejo. Barabahamagariye no kwigisha neza urwaruka ruzobasubirira bageze mu za bukuru. Barasaba ko umurundi uwo ariwe wese, muvyo Imana yamuhezagije, yogira ubwenge bwokubitezamwo imbere mugenzi we, hamwe Abarundi bose bagira ubumwe, bakagira urunani mukwubaka n’uguteza imbere igihugu cabibarutse. Muri ico gisabisho hatanzwe inyigisho z’ingirakamaro ku rwaruka, aho bahamagarirwa kugendera ubuntu, kwiteza imbere n’ugukoresha ubwenge ku migambi n’imigabo iteza imbere igihugu cacu. 
Donathe Ndayisenga(Uwimenyereza)

Ouvrir