Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imiriyoni 45 z’amahera y’abanyaburaya zaratanzwe mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’amagara y’abantu

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, bwaratanguje ku wa 27 Ruheshi 2019, umugambi bise «Twiteho amagara » uje gushigikira wa mugambi w’iterambere ry’igihugu biciye ku mugambi w’iterambere ry’amagara y’abanyagihugu. Amafaranga angana n’imiriyoni 45 y’abanyaburaya akaba ariyo azofasha muri uwo mugambi kandi akaba yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Burayi. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, bwaratanguje ku wa 27 Ruheshi 2019, umugambi bise «Twiteho amagara » uje gushigikira wa mugambi w’iterambere ry’igihugu biciye ku mugambi w’iterambere ry’amagara y’abanyagihugu. Amafaranga angana n’imiriyoni 45 y’abanyaburaya akaba ariyo azofasha muri uwo mugambi kandi akaba yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Burayi. Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Thadée Ndikumana, ngo uwo mugambi uje kugira bashobore kwitaho amagara y’abanyagihugu kandi ukazofasha mu gihe haje ibiza ibi na biriya.Ikindi yashikirije n’uko uwo mugambi uzofasha amavuriro kugira ngo ashobore gukora neza.  Hazogurwa za Rusehabaniha mu bitaro vyose vy’uburere ; hagurwe ibikoresho bibura mu mavuriro ; hazogurwa kandi imiduga izofasha mu gihe bazoba bariko barakurikirana mu mavuriro mato mato ingene ibikorwa vyo kuvura abanyagihugu biriko biragenda hamwe no gushikana imiti kuri ayo mavuriro. Avuga kandi ko hambavu yo kugura ivyo bikoresho bazogura n’imiti itari mike. Ikindi ngo n’uko abaremeshakiyago bagiye kuronswa ibikoresho bikwiye, agashirukabute kugira ngo bashobore bo nyene gufasha gukinga indwara zaba izifatira kw’isuku rike canke iz’ibiza. Uwo mugambi rero ngo uje hageze kuko uzofasha cane kandi ukaba uje ukurikiza intumbero ya Reta y’Uburundi. Umushikiranganji Thadée Ndikumana arizeza cane abanyagihugu ko uwo mugambi uzofasha mu guteza imbere amagara yabo kuko ushitse bamaze iminsi bariko bararabira hamwe bongera baharira kugira ntube nk’imigambi yahora itegurwa mugabo ugasanga amafaranga yose yahereye mu bintu bitaboneka. Uwuserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu « OMS» nawe nyene yarashimye cane uwo mugambi, akamenyesha ko uzofasha cane Reta y’Uburundi mu gutsimbataza no gushira mungiro imigambi y’iterambere ry’amagara y’abanyagihugu na cane cane abanyagihugu bafise amikoro make. 

Gloriose Nshimirimana                                                                                           

Ouvrir