Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu w’ikawa uzogabanuka mw’isizeni yo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020

Isizeni y’ikawa yo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, ngo n’aho bacegeranya ibiharuro, muri rusangi baravye ibiharuro biza ku munsi ku munsi, biraboneka ko umwimbu w’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu uzoba muke cane, bagereranije n’umwimbu wo mu mwaka uheze. Mu gihe hari hitezwe amatoni ibihumbi 12 vy’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu, ngo uwo mwimbu ushobora kutazoboneka, ariko ngo bizomenyekana neza mu minsi iri imbere benshi bamaze kwakira ikawa ku matonorero. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe « Intercafé », Oscar Baranyizigiye, ku wa 26 Ruheshi 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Isizeni y’ikawa yo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, ngo n’aho bacegeranya ibiharuro, muri rusangi baravye ibiharuro biza ku munsi ku munsi, biraboneka ko umwimbu w’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu uzoba muke cane, bagereranije n’umwimbu wo mu mwaka uheze. Mu gihe hari hitezwe amatoni ibihumbi 12 vy’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu, ngo uwo mwimbu ushobora kutazoboneka, ariko ngo bizomenyekana neza mu minsi iri imbere benshi bamaze kwakira ikawa ku matonorero. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe « Intercafé », Oscar Baranyizigiye, ku wa 26 Ruheshi 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe « Intercafé », Oscar Baranyizigiye yabandanije abishikiriza, ngo isizeni yo kwegeranya ikawa ihishiye y’umwaka w’2019 ushira uw’2020 ntikirahera kuko haracariho amatonorero acakira ikawa itarinke, bitumwe n’uko hari intara ikawa zisha zitevye. N’aho bacegeranya ibiharuro, muri rusangi ngo baravye ibiharuro biza ku munsi ku munsi, biraboneka ko umwimbu uzoba muke cane ugereranije n’umwimbu wo mu mwaka uheze. Mu mwaka uheze, ngo habonetse amatoni ibihumbi 25 vy’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu.Muri iyi sizeni yo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, ngo ibiharuro vyari vyatanzwe n’abajejwe kwegeranya ikawa imbere y’uko isekeza ritangura, ngo ibiharuro vyerekana ko dushobora kuronka inusu y’ikawa yari yabonetse mu mwaka uheze, ni ukuvuga amatoni ibihumbi 12 y’ikawa ishoka kw’isoko mpuzamakungu. Ivyo ngo ni ivyo biyumvira baravye ikawa zari ku biti, ubu rero ikawa zitari nke ziramaze kwegeranywa mu matonorero. Muri kino gihe, ngo biraboneka y’uko n’ayo amatoni ibihumbi 12 ashobora kutazoboneka. Ariko ngo bizomenyekana neza mu minsi iri imbere, benshi bamaze kwakira ikawa ku matonorero. Ku kibazo co kumenya imvo zatumye uwo mwimbu ugabanuka, ngo mu bisanzwe, ku giterwa c’ikawa, umwimbu ugenda uragabanuka. Uwu mwaka habonetse umwimbu mwishi, mu mwaka ukurikira, umwimbu uragabanuka, ico yise « cyclicité ». Ariko ngo igabanuka ry’umwimbu ntiryari kuja ku rugero bariko barabona uno mwaka, ukwo kubanuka bafata ko kudasanzwe, ico yise « cyclicité anormale ». Kuva ku matoni 25000, ukaja musi y’inusu, iryo hindagurika ntirisanzwe kandi ntiryumvikana. Mu gisata c’ikawa, ngo bariko bararaba izindi mvo zatumye uwo mwimbu ugabanuka kuri urwo rugero. Ubu rero ngo barasavye abari ku rubuga, bakurikirana igiterwa c’ikawa, barabe imvo nyamukuru zatumye umwimbu ugabanuka.Abarimyi bafumbira ikawa ni bake cane, imvo ishobora kuba yatumye umwimbu ugabanukaKu bw’ubunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe «Intercafé»,  asanzwe akorera muri ico gisata haciye imyaka itari mike, ngo imvo nyamukuru ishobora kuba ifatiye ku kuntu isi ndimwa iteragiyeko ikawa yagiye irata akanovera. Uno munsi rero ngo ikeneye kuronka ifumbire y’ikirundi n’iy’ikizungu. Uno munsi, ngo abarimyi bashobora kuronka ifumbire y’ikirundi ni bake cane hamwe n’ifumbire y’ikizungu kubera ko abarimyi bategerezwa kuriha ibice 60% vy’igiciro c’iyo fumbire. Abarimyi b’ikawa bafumbira ngo ni bake cane, n’aho ata cigwa kirakorwa, ngo bashobora kuba bari munsi ya 10% y’abarimyi bose b’ikawa. Kuri ivyo, ngo ikawa yamye cane uno mwaka, ivyunyunyu biri kw’isi iteragiyeko, iba yabihejeje. Mu mwaka ukurikira, ngo irindira y’uko bisubira kuboneka buke buke, gutyo igiti c’ikawa kigasubira gushurika. Ukwo kudafumbira ikawa, ngo ishobora kuba ari imvo nyamukuru ituma umwimbu ugabanuka. N’aho hari igikorwa co gusubiriza ikawa zishaje, ngo impinga iracari ndende kubera ko bamaze gusubiriza nkeya cane. Amakawa ashaje yonyene ubwayo ngo ntashobora gutanga umwimbu mwiza ku myaka ikurikirana n’aho yoba ataragiye kw’isi ifise akanovera. Ikindi ngo n’uko mu myaka iheze, hashobora kuba hariho indwara zagiye ziraboneka, zitashoboye kuronkerwa imiti kugira zituzwe. Izo nazo ngo zishobora kuba zatumye igiterwa kigira inguvu nkeya, aho akavuga indwara y’urukarakara imaze imyaka 2 yibonekeza. Vyongeye, ngo n’ibisasizo ntibikiboneka kubera vyari bifise uruhara rwo gusubirira umwavu w’ikirundi. Umunyabanga nshingwabikorwa muri « Intercafé » akabona ko igihe abarimyi b’ikawa bofumbira ikawa n’ifumbire y’ikizungu hamwe n’umwavu w’ikirundi, ku rugero rw’ibice 70%, ngo iryo gabanuka ry’umwimbu ntiryosubira kwibonekeza mu gihe n’ikirere cagenze neza. Iyo umwimbu ugabanuka ku rugero rumenyerewe, ico bita « cyclicité normale », ngo twari kuronka hagati y’amatoni ibihumbi 18 na 20, ugereranije n’umwimbu wabonetse mu mwaka uheze, vyumvikana ko twari kuronka i ¾ vy’umwimbu wari wabonetse w’amatoni ibihumbi 25. Icizere n’uko mu mwaka uza hashobora kuboneka umwimbu mwiza.

Déo Misigaro                                                                                                    

Ouvrir