Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarongozi b’amashure basabwa gukurikiza itegeko rihari

Abigisha basabwa kwisunga itegeko inomero 610/1315 rivuga ibijanye n’amashure, ivyo guhitira, kwunguruzwa hamwe n’ivy’impamyabushobozi. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Eduard Juma mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2019.Abigisha basabwa kwisunga itegeko inomero 610/1315 rivuga ibijanye n’amashure, ivyo guhitira, kwunguruzwa hamwe n’ivy’impamyabushobozi. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Eduard Juma mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2019.Umuvugizi  w’ubushikiranganji bw’indero, Edward Juma yamenyesheje ko  abigisha borangiza umwaka neza bakirinda gukora amakosa amwe amwe nk’uko vyibonekeje mu mwaka uheze. Umushikiranganji yasavye yuko ku bijanye n’impapuro zitororokanirizwako amanita, zitohinduka bagakoresha izihasanzwe. Yarongeye aributsa ko arya manota yo kwimenyereza gukora akazi atazoja kumpapuro co kimwe n’amanota y’ijambo ry’Imana. Ayo ngo bazoyashira munsi y’itororokanirizo ry’ayandi manota. Ivyo yabivuze mu gihe abarongozi b’amashure bakoresha amategeko atariyo ugasanga bakora ibitarivyo. kubijanye no kwihweza abanyeshure bazokwunguruzwa n’abazohitira, Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Eduard Juma yasavye abayobozi n’abigisha  kwisunga amategeko agenga ico gikorwa. Yarongeye aramenyesha ko umwihwezo wose uzokorwa utisunze amategeko uzofatwa nk’impfagusa ababikoze nabo bahanwe hisunzwe amategeko. Abamenyeshamakuru barabajije ibibazo bimwe bimwe kubijanye n’abanyeshure bahejeje urutonde rw’ivyigwa n’abataruhejeje  ko bazobazwa co kimwe. Umuvugizi w’ubushikiranganji yabishuye ko hasanzwe hariho urutonde bokwisunga mu gushikiriza icigwa cose. Urwo rutonde rwakoreshwa n’abigisha bose bagire  umwete mu kazi kabo.Kuvyerekeye itegurwa ry’ikibazo ca Reta gisozera amashure yisumbuye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Edouard Juma yishuye yuko hariho umugwi w’igihugu ufatanije n’ubushikiranganji bw’indero uri ku kivi.  Ikindi yavuze nuko uwo mugwi uri hagati mu gihugu uriko uriga amadosiye y’abazokora ico kibazo. Edouard Djuma abandanya ashikiriza yuko uwo mugwi nyene ari nawo umenyesha itariki ikibazo ca Leta kizokorerwako. Nayo kubanyeshure bavuga ko bazokwitegurira ico kibazo aruko bamenye itariki ntabanduka kizokorerwako, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero yavuze ko umunyeshure mwiza yamaze kwitegura. Yarangije avunira  akagohe abo banyeshure b’ibinebwe ko boreka kurera amaboko ahubwo ko bokwitegurira neza ico kibazo kugira baronke uburenganzira bwo kwiga kaminuza.
Irène Niyongabire

Ouvrir