Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ifumbire ihingurwa n’ishirahamwe FOMI ngo ifise akamaro ku giterwa n’isi ndimwa

Ifumbire ihingurwa n’ishirahamwe FOMI ngo uyigereranije n’ifumbire abarimyi bari basanzwe bakoresha ariyo DAP, Urée na KCL ifise akamaro kw’isi ndimwa hamwe no ku mwimbu, aho umwimbu wiyongera kandi isi ndimwa ikagumana akanovera. Ibiharuro vyerekana ko abarimyi b’abarundi bakoresha ifumbire ya DAP kandi ngo mu bisanzwe igiterwa gikenera ivyunyunyu bitatu. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe igisata co kwegereza abarimyi ifumbire ku giciro kitavuna no gusubiza akanovera isi ndimwa, Prosper Dodiko, ku wa 25 Ruheshi 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Ifumbire ihingurwa n’ishirahamwe FOMI ngo uyigereranije n’ifumbire abarimyi bari basanzwe bakoresha ariyo DAP, Urée na KCL ifise akamaro kw’isi ndimwa hamwe no ku mwimbu, aho umwimbu wiyongera kandi isi ndimwa ikagumana akanovera. Ibiharuro vyerekana ko abarimyi b’abarundi bakoresha ifumbire ya DAP kandi ngo mu bisanzwe igiterwa gikenera ivyunyunyu bitatu. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe igisata co kwegereza abarimyi ifumbire ku giciro kitavuna no gusubiza akanovera isi ndimwa, Prosper Dodiko, ku wa 25 Ruheshi 2019, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umuyobozi ajejwe igisata co kwegereza abarimyi ifumbire ku giciro kitavuna no gusubiza akanovera isi ndimwa, Prosper Dodiko yabandanije abishikiriza, ngo umurimyi ariko arakoresha ifumbire yo mu bwoko bwa DAP, haba hari ivyunyunyu aba atariko araha igiterwa. Ivyo vyunyunyu navyo ngo biri muri KCL na Urée. Aho ngo niho havuye iciyumviro co kuvanga ubwo bwoko butatu bw’ivyunyunyu. Ihinguriro ry’ifumbire y’ikizungu FOMI ngo bafata ivyunyunyu bitatu bakabivanga ndetse bakongeramwo umwavu w’ikirundi, aho bawuca ifu bakongeramwo ishwagara. Iyo fumbire iraheza igasohoka ivyo vyunyunyu vyose biri mu rutete rumwe, narwo rugashobora kugirira akamaro igiterwa.Vyongeye, ngo iyo fumbire ishobora kugirira akamaro igiterwa gusumba iyo yahora ikoreshwa. Ku bw’umuyobozi ajejwe kwegereza abarimyi ifumbire ku giciro kitavuna,  Prosper Dodiko yamenyesheje ko ugereranije imirima ibiri , aho bateragiye na DAP n’uwundi bakoresheje ifumbire ya FOMI, ngo usanga umwimbu ubangabanganwa ndetse hari n’aho usanga ahakoreshejwe ifumbire ihingurirwa mu Burundi, umwimbu uri hejuru. Mu gihe abarimyi b’abarundi bokoresha iyo fumbire ngo umwimbu wogenda neza. Kw’isi ndimwa naho, ngo itandukaniro n’uko mw’ifumbire y’ikizungu iba ari yonyene, ico yise « partie minérale », ariko ngo mw’ifumbire ya FOMI, haruhande y’ifumbire y’ikizungu ngo haba harimwo, umwavu w’ikirundi n’ishwagara, ico yise « partie organique ». Vyumvikana ko muri iyo fumbire ihingurirwa mu Burundi, haba harimwo igice c’ifumbire y’ikizungu « chimique » ndetse bakongerako n’ikindi gice c’umwavu w’ikirundi bongeyeko ishwagara, muri make ngo baba bafatanije ibintu bitatu bikomeye, igiterwa gikeneye. Igice c’ifumbire y’ikizungu ngo kiba kirimwo ivyunyunyu igiterwa gikeneye, gica gikwega kugira gikure neza.Umwavu w’ikirundi ufise uruhara runini kw’isi ndimwaUmwavu w’ikirundi nawo, ngo urekura ivyunyunyu buke buke, ikindi ngo utuma ivu rihema kubera rituma hasigara utunogo, gutyo isi ndimwa ikaguma imeze neza, aho n’udukoko duheza tukaguma muri iyo si ndimwa. Utwo dukoko natwo ngo dufise uruhara rwo kurya ivyatsi, biba vyahambwe kugira bicike umwavu. Ubwo bukoko buhari ngo vyerekana ko iyo si ndimwa iba imeze neza, ifise ubuzima. Ifumbire y’ikirundi ngo ituma igiterwa gikwega amazi arimwo ivyunyunyu kubera twa tunogo dusigara mw’isi ndimwa. Uruhara rw’ishwagara muri iyo fumbire, ngo ryirukana umururazi w’isi ndimwa, iyo fumbire ngo nico isumbije iyo fumbire abarimyi bari basanzwe bakoresha.Ku bijanye n’igiciro, ngo umufuko w’ifumbire y’ikizungu yo mu bwoko bwa DAP, umufuko w’ibiro 25 ngo wagurwa amafaranga ibihumbi 34, uwo mufuko nyene w’ifumbire ya FOMI ngo uzoba ugurwa ibihumbi 29, vyumvikana ko umurimyi azokwunguka ibihumbi 5. Ku kibazo co kumenya ko iryo shirahamwe rifise ubushobozi bwo guhingura ifumbire igihugu gikeneye, Prosper Dodiko yamenyesheje ko baravye ibiharuro vy’ifumbire ikoreshwa uko umwaka utashe, ngo ni amatoni ibihumbi 16 no kuduga gatoya. Mw’ishirahamwe FOMI, muri kino gihe, ngo bariko bararenza amatoni ibihumbi 11, biboneka ko gushika mu kwezi kwa Nyakanga ko bashobora kuzoba bamaze gukwiza ifumbire abarimyi bashobora gukenera. Iyo fumbire ngo basabwe kuza bayarayijana mu ntara hagati, aho mu ntara za Gitega na Kayanza iyo fumbire yamaze gutangura gushikanwayo. Aho ngo ni ukugira baze barayegereza abarimyi kugira izotangwe hakiri kare. Eka ngo n’umwaka w’uburimyi ntuzosubira gucererwa kubera ko isoko yahawe iryo shirahamwe nyene, naryo zikazokorana n’abari basanzwe batanga iyo fumbire mu ntara zitandukanye.Ku bijanye n’igihe c’irima rya gatatu, ariryo rima ryo mu mwonga, ngo harategekanijwe ifumbire amatoni 2300, iyo fumbire nayo ngo muri kino gihe ikaba iriko iratangwa n’ababijejwe. Ivyo ngo ni kubera basanze kugira umurimyi arime yimbure no mu mwonga, basanze hakenewe ifumbire kubera habaye ivyo gutunganya imyonga ku buryo bwa kijambere hamwe n’ihindagurika ry’ibihe. 

 Déo Misigaro                                                                                                          

Ouvrir