Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kudasamazwa n’abashaka gusubiza Uburundi mu buja

Kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 2019, abavugizi b’inzego z’igihugu n’ubushikiranganji, bari baramutse bishura ku bibazo vyabamenyeshamakuru n’abanyagihu bakoresheje amaterefone, nk’uko vyama bigenda uko amezi tatu aheze. Bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Barishuye rero ku bibazo bitandukanye bishimikiye cane cane ku migenderanire, intwaro na poritike, ubutunzi, indero, amagara y’abantu n’ibindi. Mw’ijambo ry’intangamarara, Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, yabanje gushikiriza indamutso y’Umukuru w’igihugu aho yashimiye cane abarundi k’umutima wo gushigikirana ubaranga na cane cane mugufata mu mugongo umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba, guterera amatora yo mu mwaka w’2020,  gufasha abafise amikoro make hamwe no kwiyamiriza abashaka gusubiza Uburundi mu buja. Yaribukije  abarundi n’amakungu ko Uburundi ari igihugu cikukiye gishira imbere iteka n’itekane ry’abarundi agasaba abarundi n’abarundikazi kuzirikana no gukunda igihugu cabo uwubuze ico akimarira areke kucambika ibara no kugitukisha. Kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 2019, abavugizi b’inzego z’igihugu n’ubushikiranganji, bari baramutse bishura ku bibazo vyabamenyeshamakuru n’abanyagihu bakoresheje amaterefone, nk’uko vyama bigenda uko amezi tatu aheze. Bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Barishuye rero ku bibazo bitandukanye bishimikiye cane cane ku migenderanire, intwaro na poritike, ubutunzi, indero, amagara y’abantu n’ibindi. Mw’ijambo ry’intangamarara, Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, yabanje gushikiriza indamutso y’Umukuru w’igihugu aho yashimiye cane abarundi k’umutima wo gushigikirana ubaranga na cane cane mugufata mu mugongo umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba, guterera amatora yo mu mwaka w’2020,  gufasha abafise amikoro make hamwe no kwiyamiriza abashaka gusubiza Uburundi mu buja. Yaribukije  abarundi n’amakungu ko Uburundi ari igihugu cikukiye gishira imbere iteka n’itekane ry’abarundi agasaba abarundi n’abarundikazi kuzirikana no gukunda igihugu cabo uwubuze ico akimarira areke kucambika ibara no kugitukisha. Nk’uko Jean Claude Karerwa    yabandanije abimenyesha,   Umukuru w’igihugu  arasaba  Abarundi kubungabunga umwimbu wabo bagume ku kivi barime kandi bavomere imirima yabo kugira bazoronke umusesekara bongere bakingire ibidukikije mu kugwanya imiriro ya Nyakanga. Yasavye abanyeshure bagiye gutangura uburuhuko bw’ici guterera agacumu k’ubumwe mu gukingira isi ndimwa n’amasoko. Vyongeye, Umukuru w’igihugu yaribukije ko ibanki yagenewe ugwaruka igiye gutangura ibikorwa nyezina muri uno mwaka w’2019 abasaba gukerebuka bazirikane ko umubangabanga urya uwubangutse kandi ko atawuheka uwutisimbiza. 

Kuvyerekeye imigenderanire na poritike 
Ngo haramaze   kw’ibonekeza mu bibanza bimwe bimwe vy’ivyibutso ivyivugo vyahindutse nk’akarorero ku ntatemwa y’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore. Abamenyeshamakuru barashatse kumenya ko hoba hari itegeko ryasohotse rivyemeza nk’uko bivugwa mw’Ibwirizwa Shingiro canke hoba hariho umugambi w’uko Uburundi buzogarukana intwaro ya cami.Prosper Ntahogwamiye Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo  yamenyesheje ko icivugo c’Uburundi kikiri Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere kandi ngo ntakirahinduka nk’uko biri mu ngingo y’ 11 y’Ibwirizwa Shingiro ariko mu ngingo y’ 4 y’Ibwirizwa Shingiro baravuga ko mu gihe biciye mu matora abarundi bakavyiyemerera bishoboka ko Uburundi bwosubira mu ntwaro ya cami. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa  yaramwunganiye  amenyesha ko abahinduye ivyandiko biri ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore bosubizaho ivyahahora na rirya mu mico y’Abarundi intatemwa ari ikintu cubahwa.   Kucerekeye  imyiyerekano y’urwaruka rw’imbonerakure yoba igomba kuzoba  igamije gusaba Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA   kwitoze mu matora yimirije y’2020, Karerwa  umuvugizi w’Umukuru w’igihugu yishuye amenyesha ko iryo tegurwa ry’imyiyerekano ataryo bazi kandi Umukuru w’igihugu akaba yaratangarije Abarundi n’amakungu ko atazokwitoza. Iyo ngingo Umukuru w’igihugu akaba kandi  atayifashe ari wenyene kuko yarahanuje Imana gushika ubu  ikaba ari ntabanduka. Kuvyerekeye amafaranga yoba akenewe mu guterera amatora, ayamaze gutangwa n’ayoba asigaye, umuvugizi w’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI Philippe Nzobonariba, yamenyesheje ko biteguriye neza amatora kuko n’ivyegeranyo vy’ibikenewe vyashikirijwe ababijejwe.  Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta mu kwumwunganira yamenyesheje ko   amahera yose amaze gutangwa avuye mu migwi itandukanye agera ku miriyaridi 61 ariko mu ndwi iza bakaba bazoshikiriza amahera yose uko angana.

Kuvyerekeye umutekano
Ibibazo vy’abajijwe umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi vyari vyerekeye abasoda bakomerekeye ku rugamba boba batakivuzwa bakabaza ico Reta yoba iriko irakora  kugira  batunganirizwe. Floribert Biyereke avugira ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko atanumwe yibagiwe kuko abubakiwe inzu ku mitumba bafise abaganga babasangayo bakaraba ibibazo bafise bagaheza bakabashira imiti bakeneye. Ngo hari n’abamaze igihe kirekire mu bitaro bivanye n’ubumuga bafise abo nabo ngo baravugwa bakongera bakagaburirwa aho nyene ku bitaro. Ikindi naco ngo hari ubudasa ku bijanye n’abasoda bapfuye  bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somariya, abasigwa babo bagaca bakwa ikarata yo kwivurizako ariko ababuriye mu Burundi bakaguma bayikoresha vyoba. Biyereke akaba yishuye amenyesha ko ivyo vy’ubusumbasumbane canke akarenganyo kuri abo basigwa atavyo bazi  kuko  bose bafatwa kumwe.

Kuvyerekeye ubutunzi
Abamenyeshamakuru barashatse kumenya ryari uburusho bwahabwa abakozi ba Reta uko umwaka utashe bwahagaritswe ariko ikiringo cari carategekanijwe  c’imyaka ine gisa nicarangiye none vyoba vyifashe gute ? umugwi ujejwe gutunganya imishahara woba ubigejeje he ? Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi,  Rosette Nizigiyimana  yamenyesheje ko uburusho buzosubira gutangwa kandi  ico gikorwa ngo kigeze kure abakozi borema kuko icegeranyo carashikirijwe abategetsi mu gihe bazoba babihejeje kuvyihweza bizoca bija mu ngiro. Harabajijwe kandi   ibijanye n’ubutare buriko burimbwa ko batazohava basanga ababwimba batwara iwabo ibice vyinshi kurusha ivyo igihugu kironka. Umuvugizi yaratanze umuco amenyesha ko bikurikiranwa neza ku buryo amahera agaruka mu kigega ca Reta ata busuma bubayemwo.

Kuvyerekeye indero 

Mu gisata c’indero  ngo abanyeshure bo mu gice ca kabiri  c’ishure nshingiro mu gisata c’ubuhinga  bize batagira ibikoresho, n’ishigwa mu ngiro ry’urutonde gw’ivyigwa ryoba  ritarahera ndetse bikaba vyarahagaze n’abafashije ku vyakozwe  ngo ntibaronse udushirukabute. Abamenyeshamakuru bakaba barashatse kumenya ico vyoba vyaravuyeko Juma Edouard umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero yamenyesheje ko igitabu umwigisha akoresha gitanga intumbero   gikomeye cane atacobuza ko umwigisha atanga icigwa. Ariko naho biri uko ngo bariko baritunganya mu bisata  birenga 26.

Kuvyerekeye amagara y’abantu
Harabajijwe nimba umugambi wo kuvuza abana bafise imyaka iri munsi y’itanu n’abavyeyi bibungenze   woba warahindutse kuko hari abasigaye baja kwibaruka bakariha ijana kw’ijana canke n’abana bagasubizwa inyuma. MugangaBosco girukwishaka avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yamenyesheje ko uwo mugambi ukiriko urakurikizwa ariko basanze hariho abantu bakora mu mashirahamwe abavuza ariko bagaca bashaka ko babavura ku buntu kandi ayo mahera yofasha mu bindi bikorwa vy’igihugu. Ngo amashirahamwe abarihira ibice bimwe kukazi Reta  nayo ica ibarihira ivyo bice bisigaye.               

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir