Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakoresha ubumwanya baragabishwa kuko ikiringo co kubukoresha kiri mu kurangira

Reta imaze kubona ko hariho ingaruka mbi z’ubumwanya hirya no hino ku binyabuzima vyaba ivyo mu mazi, ibitungwa ndetse n’abantu umuntu aravye ukuntu babukoresha yaciye igerageza kuraba ingene yokinga mu gushiraho itegeko  ribuza kwinjiza no kudandaza ubumwanya mu gihugu. Iryo tegeko rikaba ryemejwe ku 8 Myandagaro 2018 ikaba yihaye ikiringo c’amezi 18.  Jeanne Francine Nkunzimana ajejwe igisata c’isuku n’ibidukikije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 14 Ruheshi 2019 akaba yamenyesheje ko intambwe bagezeko ari uko abantu batari bake bamaze kumenya iryo tegeko kuko ari co kintu ca mbere bihutiye gukora. Ariko ngo amakenga aracahari kuko batabona abantu bipfuza gukora ivyosubirira ubwo bumwanya.Reta imaze kubona ko hariho ingaruka mbi z’ubumwanya hirya no hino ku binyabuzima vyaba ivyo mu mazi, ibitungwa ndetse n’abantu umuntu aravye ukuntu babukoresha yaciye igerageza kuraba ingene yokinga mu gushiraho itegeko  ribuza kwinjiza no kudandaza ubumwanya mu gihugu. Iryo tegeko rikaba ryemejwe ku 8 Myandagaro 2018 ikaba yihaye ikiringo c’amezi 18.  Jeanne Francine Nkunzimana ajejwe igisata c’isuku n’ibidukikije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 14 Ruheshi 2019 akaba yamenyesheje ko intambwe bagezeko ari uko abantu batari bake bamaze kumenya iryo tegeko kuko ari co kintu ca mbere bihutiye gukora. Ariko ngo amakenga aracahari kuko batabona abantu bipfuza gukora ivyosubirira ubwo bumwanya.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo muri kino gihe rero bariko bihutira kubimenyesha abantu bose vyega kugirango ico kiringo kize cubahirizwe.   Abanyagihugu benshi ngo baramaze kurimenya na cane cane ababikoresha ku rwego rwa mbere rwo kubikura hanze.  Ikivyerekana ngo ni uko iyo bipfuza kuja kurangura babanza gusaba uruhusha ubushikiranganji bw’ibidukikije uburimyi n’ubworozi kugirango barabe ko biri muri ivyo bibujijwe canke mu bishobora kwemererwa.  Jeanne Francine akaba yamenyesheje ko iyo ntambwe bayishima kuko ababwirizwa gusaba impusha bazisaba kandi ngo akabona ko no mu kigo kijejwe gutororokanya amakori OBR bagerageza kubifasha . Ku vyerekeye rero ikibazo c’ivyosubirira ubwo bumwanya ngo ni ikibazo kitoroshe kuko ngo ntibarabona vy’ukuri abantu bariko barakora ibisubirira ubwo bumwanya ariko ngo hariho ikigo bita « PACOBU » kiri ngaha mu gihugu kiriko kirakora udukarato dushobora  kubusubirira.Aho rero ngo bakizera ko bazorwiza umuntu agereranije n’igitigiri bari basanzwe bakora. Ikindi ngo ni uko no muri iryo tegeko harimwo ko Reta izokworohereza abanyamitahe bipfuza gukora ibintu bisubirira ubwo bumwanya.Ikindi bariko barakora ngo ni ukugenzura bahereye ku bantu bari basanzwe babukora mu gihugu kugirango bamenye ko ico kiringo cegereje guhera kandi hageze ata muntu azosubira guhingura akamwanya ngaha mu gihugu.Muri iki gihe ababukoresha ngo n’ababa bafise ico bita «matières premières» basanzwe bari barazanye kuko ntawurekuriwe kuzana ivyo bibuhingura mu gihugu. Bariko baragerageza kubagendera baraba aho bigeze bongera babasaba kwiyumvira gukora ivyobusubirira.Ku bijanye n’intambamyi bagiye baragira ngo ni uko hibonekeje abantu batari bake batari bazi iryo tegeko aho basanga hari uwabitumye hanze akanabirihira bibujijwe bimaze gushika aho vyokwinjiye mu gihugu bigashika ntiyemererwe. Ico rero ngo ntikibahimbara kuko mu bisanzwe ubushikiranganji buba bwifuza ko babanza gusaba uruhusha.  Ikindi ngo n’ayo makenga bafise yo kuronka ibibisubirira ariko ngo babandanya bahimiriza abafise uburyo kugirango bashobore kubikora.  Ikindi ngo ni uko hari abasaba impusha bavuga ko bashaka kuyakoresha ivyo bita « tank » mugabo bagasanga ni bimwe nyene vy’ubumwanya. Hari n’abandi ngo bababwira ko bashobora kuzana ubumwanya bubora ariko ingorane ni uko badafise ibikoresho bikwiye vyoheza bigapima ko vy’ukuri ubwo bumwanya bubora. Ariko ngo n’aho biri uko mu kazi kenshi na kenshi amakenga yamaho ngo ntakizobuza ko itegeko ryagiyeho ritegerezwa kuja mu ngiro kugirango bashike kw’ihangiro bihaye.Jeanne Francine  Nkunzimana yarangije yibutsa ko ingaruka mbi z’ubumwanya ari uko iyo babuturiye umwotsi wabwo ufise  ingaruka mbi ziturutse kuguhema, indwara zituma amaraso adatembera neza. Ikindi naco iyo bagataye mw’isi ndimwa ntikabora kandi igitungwa kikariye gica gipfa. 

Christine Manirambona

Ouvrir