Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu basabwa kubandanya bashira mu ngiro amabwirizwa y’isuku

IMG 20190619 WA0001Mu ntumbero yo gukinga indwara zituruka kw’isuku rike, abantu basabwa kubandanya bashira mu ngiro ya mabwirizwa cumi y’isuku. Nikunywa amazi meza, ugukaraba n’isabuni, abadashoboye kuronka ayo mu mabombo bakayateka, ni bimwe mu bizotuma izo ndwara ziranduranwa n’imizi. Ako kamo katewe n’umushikiranaganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Thadée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Mu ntumbero yo gukinga indwara zituruka kw’isuku rike, abantu basabwa kubandanya bashira mu ngiro ya mabwirizwa cumi y’isuku. Nikunywa amazi meza, ugukaraba n’isabuni, abadashoboye kuronka ayo mu mabombo bakayateka, ni bimwe mu bizotuma izo ndwara ziranduranwa n’imizi. Ako kamo katewe n’umushikiranaganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Thadée Ndikumana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo mu minsi iheze hateye ikiza ca Korera mu gisagara ca Bujumbura muri zone Kanyosha iri muri Komine Muha, kikaba carabonetse no mu ntara ya Cibitoke Komine Rugombo. Avuga ko bashoboye kuvura abafashwe n’iyo ndwara mbere benshi muri bo bakaba bamaze no kuva mu bitaro. Hambavu yo kubavura harabaye ibikorwa vyo gupompa mu mihana iwabo kugira imigera yoba yarahasigaye ishobore kwicwa. Harabaye no guhimiriza abanyagihugu mu kubandanya bagira isuku aho baherereye. Mu duce basanze hari amabombo atuguruye, amenyesha ko bashoboye kuyugurura kugira abanyagihugu babandanye baronka amazi meza. Kubera ko ayo mazi asanzwe ari make, ngo barashoboye gufashanya n’abajejwe umutekano n’abandi basanzwe babashigikira nka UNICEF kugira babaronse ayandi mazi meza. Ikindi ashikiriza abanyagihugu n’uko imiti yo kuvura iyo ndwara ihari, ariko akabandanya abasaba ko babonye uwufise ikimenyetso co gucibwamwo bokwihutira kwa muganga kugira babatunganirize. Abasaba kandi gukoresha utuzu twa surwumwe aho tutari naho bakadutunganya. Mu cigwa bakoze bahereye mu Rugombo gushika i “Nyanza-lac”, amazi yose yisuka mu nzuzi nka Rusizi canke mu kiyaga ca Tanganyika, bapimye basanze harimwo imigera itera Korera. Nico gituma bagiye kuraba ingene abanyagihugu bo mu kiyaya c’imbo boronswa urucanco rw’iyo ndwara.Ku kibazo kijanye n’ikiza Ebola, amenyeha ko gushika uno munsi ico kiza kitaraboneka ngaha mu Burundi. Ngo baragerageje barashira abaganga ku mipaka, bapima abinjiye mu gihugu kugira ntihagire uwuza ayifise. Babonye uwufise ikimenyetso c’ubushuhe, ico gihe abaganga baca baraba icatumye haba ubwo bushuhe harimwo na Ebola. Ngo barahimiriza kandi abanyagihugu kugira bamenye uko iyo ndwara ifata. Hari n’abaremeshakiyago bigishije barenga 4626 bari mu burere bw’ubuvuzi bwegereye imbibe z’igihugu, nabo bakaba bafasha mu kwigisha mu mihana ingene iyo ndwara ifata n’ibimenyetso vyavyo. Hari abaganga 962 bigishijwe ubuhinga bwo gushobora gupima iyo ndwara, gushobora kumenya ingene bayikingira, n’igihe hoza uwuyirwaye ntashobore kwanduza abandi. Ikiriko kirakorwa rero cihuta ngo n’uko abakozi b’ubushikiranganji bari muri ubwo burere bw’ubuvuzi bagiye kubaha urucanco rukinga Ebola kugira bakore batekaniwe kandi n’iyo bobona uwuyirwaye bashobore kumutunganiriza nabo nyene bakingiwe. Hari n’ibindi bikoresho bigiye kuboneka vuba ico bita (laboratoire mobile) kugira ngo bababwiye bati  aha naha turabonye uwufise ibimenyetso vya Ebola, iyo laboratoire ice ijayo kugira borohereze uwo muntu bamufate amaraso hanyuma bayapimireyo. Bazoheza bamuvure indwara bamutoye. Basanze agwaye Ebola naho, ico gihe  ngo hariho imiduga rusehabaniha izoheza ikamujana mu kigo bateguye kuyivuriramwo.  Ikindi yashikirije nuko mu burere bumwe bumwe na cane cane mu burere bwo mu buraruko no mu buseruko hari marariya nyinshi navyo bikava ahanini ko habaye ihindagurika ry’ibihe navyo vyatumye haba imibu myinshi. Hari n’ibindi bikorwa vy’iterambere biriko birakorwa mu gihugu hagati usanga intara nka zose barima umuceri hamwe n’ubworozi bw’amafi navyo bituma imibu ironka aho yarikira ikaba myinshi. Ico bakoze rero nuko bashikirije Reta umugambi wuko hambavu y’amavuriro hoboneka abandi baganga boshobore kwegera mu mihana y’abategereye amavuriro kugira ngo babapime ningoga hanyuma babashire ku miti. Baciye rero bashira abaganga barenga 360 aho bari babonye  yuko iyo ndwara imaze kugwirirana. Ico gihe vyatumye bapima abantu benshi kandi barabavura ari naco cerekanye ko marariya ari nyinshi. Umushikiranganji Thadée Ndikumana, akaba yarangije ahamagarira abanyagihugu gukoresha neza imisegetera ndetse bakaba bariko barategura isekeza ryo kuyitanga ku banyagihugu bose. Ariko akabasaba kuyikoresha igikorwa yagenewe, abatabikora nabo bagatuzwa kuko aribo batuma badashika kuco bifuza.  

Gloriose Nshimirimana                                                                                           

Ouvrir