Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe CIPB riritaho impfuvyi n’abapfakazi

DSC02540tttyrKw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2019, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi yarashimiye ishirahamwe CIPB ku bikorwa vyiza vy’iterambere rirangura. Ivyo yabimenyesheje ku munsi ishirahamwe CIPB ryari ryateguye gusangira ibifungurwa n’impfuvyi n’abapfakazi basanzwe bakorana mu ntumbero yo gusozera amafungo y’ukwezi kwa Rhamadani. Nk’uko umushikiranganji yabandanije abimenyesha mw’ijambo ryiwe, yarakeje umuryango w’aba Islam kuko ushira imbere ukubaha Imana babicishije mu mafungo n’uko bayarangije mu mahoro n’umutekano. Kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2019, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi yarashimiye ishirahamwe CIPB ku bikorwa vyiza vy’iterambere rirangura. Ivyo yabimenyesheje ku munsi ishirahamwe CIPB ryari ryateguye gusangira ibifungurwa n’impfuvyi n’abapfakazi basanzwe bakorana mu ntumbero yo gusozera amafungo y’ukwezi kwa Rhamadani. Nk’uko umushikiranganji yabandanije abimenyesha mw’ijambo ryiwe, yarakeje umuryango w’aba Islam kuko ushira imbere ukubaha Imana babicishije mu mafungo n’uko bayarangije mu mahoro n’umutekano. Yarabakeje kandi ko  umuryango wabo wahimirije gukora mu mashirahamwe, ashima ko amashirahamwe yabo yavutse yifashe neza, agakora n’ibikorwa vy’iterambere, na cane cane ko iryo  ishirahamwe  ririko rikora ibikorwa vy’iterambere harimwo ugufasha impfuvyi n’abapfakazi. Yasozereye abasaba kwitabira umugambi wo gufasha mu gukura abana n’abakuze basegerereza mw’ibarabara, yongera atera akamo amashirahamwe gutanga imfashanyo bakayishikiriza kandi abo yagenewe kuko hari ayo batuma igikorwa bakagikora ukundi. Ikindi n’uko yabemereye ko Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji izobaha akandi gaseke ko kuzofasha iryo shirahamwe.Umukuru w’ishirahamwe CIPB nawe, yarakengurutse ukuntu ubushikiranganji bwama bwabafashije uko bagize amafungo, acamenyesha ko bateguye urwo rubanza kugira basangire ibifungurwa  n’abapfakazi n’impfuvyi kuko biri mu migenzo yabo bakora ijanye n’uguhimbaza umunsi mukuru w’irayidi. Ngo kubera umunsi w’irayidi usanga bawuhimbaza mu miryango, bashimye kuwuhimbaza mu muryango wabo CIPB ubahuza bose, kugira basangire uwo munezero w’amafungo wa Rhamadani nabo basanzwe bakorana buri munsi. Ikindi naco yamenyesheje n’uko hari mu ntumbero yo kubaremesha no kwerekana ko bari mu muryango umwe, bongere banabandanye urukundo rwo gushigikirana hagati yabo. Yarongeye amenyesha ko kabaye akaryo ko kuja hamwe bashimira Imana ko muri ayo mafungo ata n’umwe yabavuyemwo, bakayaheraheza mu gihugu hatekanye. Yaheraheje asaba abanywanyi ba CIPB kubandanya bafatanye mu nda mu gutsimbataza amahoro kandi ngo baze bitabe amatora yo mu 2020.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir