Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu mwiza w’impeshi w’2019 watumye ibiciro bigabanuka

IMG 341Umwimbu w’impeshi y’umwaka w’2019 wifashe neza cane ku biterwa nka vyose na cane cane ibiterwa mbumbarugo nk’ibiharage, ibijumbu, ibitoke, ibigori  n’ibiraya nk’uko vyibonekeza ku masoko atandukanye yo mu gihugu ,mu bubiko,  no mu miryango. Ivyo vyamenyeshejwe  na Déo Guide Rurema umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi, n’ubwozi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2019.Umwimbu w’impeshi y’umwaka w’2019 wifashe neza cane ku biterwa nka vyose na cane cane ibiterwa mbumbarugo nk’ibiharage, ibijumbu, ibitoke, ibigori  n’ibiraya nk’uko vyibonekeza ku masoko atandukanye yo mu gihugu ,mu bubiko,  no mu miryango. Ivyo vyamenyeshejwe  na Déo Guide Rurema umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi, n’ubwozi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2019.Twobamenyesha ko ugereranije n’umwimbu wo  ku mpeshi y’umwaka uheze w’2018 n’iy’uwu mwaka w’2019 biribonekeza ko umwimbu w’ibiharage wo mu mwaka uheze wari amatoni 189.268 ubu naho hakaba habonetse amatoni 563.236, ibijumbu mu mwaka uheze vyari amatoni 895.228 ubu ni 1.243.446,ibitoke yari amatoni 2.029.428 ubu habonetse  3.856.456, umuceri wari amatoni 179.468 ubu naho hakaba habonetse 245.673, ibiraya vyari amatoni 75.566 ubu naho baronse 112.331. Nk’uko Déo Guide Rurema  yabimenyesheje umwimbu mwiza wabonetse kuri iyi mpeshi watumye ibiciro vy’ibifungurwa kw’isoko bigabanuka, nk’uko vyagiye biribonekeza kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante gushika mu kwezi kwa Ruheshi 2019. Kugira umwimbu wiyongere   kuri urwo rugero  hari imvo zabitumye kuko abarimyi bararonkejwe ivya nkenegwa nk’ifumbire  ku giciro kitavuna,  imbuto zirobanuye, gutunganya imyaba n’imisozi ihanamye, kuvomera imirima, kuja inama n’ingingo n’abegwa bose n’ico gikorwa co kurwiza umwimbu, kuronsa inyigisho z’ubuhinga  abarimyi n’aborozi mu bijanye no gukingira ibidukikije mu guca imikobeko mu gutera ibiti babicishije muri wa mugambi EWE BURUNDI URAMBAYE no gukingira amasoko y’amazi.Uwo mushikiranganji yaboneyeho  gutera akamo abikorera ivyabo, abagwizatunga n’abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abadandaza ko bokwitabira akamo bama babateye ko kuza kubasahiriza mu guhingura  umwimbu bawuhe akanovera imbere yo kuwushira ku masoko mbere bizobabere n’amahirwe yo kuwubika bitabagoye. Yasavye kandi abanyagihugu n’abajejwe  intwaro kwiyamiriza no gushengeza abacuruza baza kugurira umwimbu mu mihana babaha ibiguzi vy’intica ntikize, budakeye bakagaruka kuwubashorako ku biciro vy’umurengera,  aho rero ngo  abazofatwa bazohanwa bimwe vy’akarorero. Mu kurangiza yarashimiye Reta y’Uburundi  n’abasanzwe bayunganira ukungene  badahengeshanya kubafata mu mugongo.  

Josélyne Ndayegamiye                        

Ouvrir