Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarongoye intara n’amakomine bakiri inyuma mu mugambi wo guca imikobeko bategetswe kwiriha umwanya batakaje

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahaye ikiringo c’amezi atatu intara ziri ku rugero ruto mu mugambi wo guca imikobeko mu ntumbero yo gukingira ibidukikije kugira zibe zikubise agashi kuko hari izigeze ku rugero rw’ibice 48 kw’ijana n’izindi zikiri ku rugero rw’ibice 5 kw’ijana. Ivyo yabishikirije ku wa 6 Ruheshi 2019 mu nama yagirishije ba buramatari na bamusitanteri bose yo kwirimbura hamwe n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije n’ubwo intwaro hagati mu gihugu bahuriye mu ntara ya Gitega.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahaye ikiringo c’amezi atatu intara ziri ku rugero ruto mu mugambi wo guca imikobeko mu ntumbero yo gukingira ibidukikije kugira zibe zikubise agashi kuko hari izigeze ku rugero rw’ibice 48 kw’ijana n’izindi zikiri ku rugero rw’ibice 5 kw’ijana. Ivyo yabishikirije ku wa 6 Ruheshi 2019 mu nama yagirishije ba buramatari na bamusitanteri bose yo kwirimbura hamwe n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije n’ubwo intwaro hagati mu gihugu bahuriye mu ntara ya Gitega.Iyo nama rero yatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe ibidukikije inyuma y’amezi abiri aheze umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije hamwe n’uwujejwe intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu bashize umukono ku ngingo ishinga ko umunsi wa kane ku ndwi ku ndwi uhariwe ibidukikije. Iyo ngingo rero isaba ba musitanteri na ba buramatari bose gushira mu ngiro iyo ngingo. Uwo munsi nawo wari uwo kwirimbura kugira barabe aho bagejeje kugira bamenye uko bazobandanya babikora. Umukuru w’igihugu amenyesha ko mu Burundi abatari bake bamaze gutahura inyigisho zo gukunda igihugu bamaze guhabwa zigeze ku mwaka ugira gatatu ariko batarashobora kuzishira mu ngiro. Kuri uwo munsi wa kane uhariwe ibidukikije ukaba urimwo umugambi wo kwimba imikobeko, uwo nawo ukuba urimwo no gutera ibiti biri muri wa mugambi wundi w’igihugu “Ewe Burundi urambaye”.  Intumbero yo kwimba iyo mikobeko akaba ari ukugira amasoko y’amazi ariho agera ku bihumbi 25 ntaze arakama.  Kubera Uburundi bufise imisozi ihanamye imvura iguye amazi aca abandanya agenda mu nzuzi aho yonona imirima canke agasambura ibiraro. Muri uwo mugambi kandi harimwo no kwimba ibinogo kugira amazi abandanye anyengetera mu kuzimu gutyo n’amasoko y’amazi abandanye aboneka. Ikindi yabahimirije ni ugutera ivyatsi kuri iyo mikobeko, ivyo bikazonabafasha mu kugaburira ibitungwa n’itegeko ryo kutayerereza ibitungwa ku misozi rizoja mu ngiro mu mwaka w’2021. Iyo mikobeko rero izofasha kubungabunga ibidukikije no kugaburira ibitumgwa gutyo n’umwimbu wiyongere. Arongera agasaba ba musitanteri na buburamatari gushira mu ngiro uwo mugambi na cane cane muri kino gihe abanyeshure bimirije kuja mu kiruhuko co mu ci. Aho akaba yababwiye ko botegekanya ibikorwa vyo kubumba amatafari canke kugira izindi nyubako kugira umwaka uzorangire bamaze guheza. Niko kubamenyesha ko ukwo amezi atatu arangiye bazokwama bagira inama yo kuraba aho bageze nka kurya bama baraba uko umutekano wifashe uko haheze iminsi 45.  Yabasavye no guhimiriza abanyagihugu bubaka inzu za kijambere kubika amazi y’imvura ava ku nzu kugira bayakoreshe nko mu kuvomera no gusukura inzu, kwoza imodoka gutyo bagabanye amazi y’ishirahamwe REGIDESO bakoresha.   Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yarerekanye urugero bagezeko; icegeranyo yashikirije naco kikaba cerekana ko hari intara zigeze ku rugero rushimishije n’izindi zikiri inyuma zitarabifata nkama haba ku rwego rw’amakomine canke rw’intara. Aho akaba yerekanye neza yuko ibiriko birakorwa muri kino gihe atari bishasha kuko na basogokuru bari bafise indinganizo zo kubungabunga isi n’ibidukikije.  Umushikiranganji yarerekanye ko hari intara zigeze ku rugero rw’ibice 48 kw’ijana mu guca iyo mikobeko ariko hakaba n’izindi zikiri ku rugero rw’ibice 5 kw’ijana. Yarongeye arashikiriza ko hariho intambamyi zatumye uwo mugambi utaja  mu ngiro neza , aho akaba yamenyesheje ko hari abajejwe intwaro batahimirije abanyagihugu; hari abitwaza ko badafise ibikoresho bikwiye; abandi nabo bakavuga ko batarasarura imirima n’abandi bitaho inyubakwa z’iterambere gusa. 

Epitace Nduwayo

Ouvrir