Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa guteramira intahe yo kwikukira y’igihugu cabo na demokarasi

Mu gihe abansi b’Uburundi bagizwe n’abarundi b’ibihemu bafatanije n’abanyamahanga na cane cane abakoroni b’ababirigi bahoze babufukamye mu nda, babucura bufuni na buhoro, barota bwakwa ubwigenge bwabwo bufise imizi mu ntahe yo kwikukira yahabujwe n’umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore yayirwaniye gushika akayigura, ashigikiwe n’abarundi isinzi, ikinyamakuru canyu UBUMWE caregereye uwusanzwe arongoye umugambwe UPRONA , Abel Gashatsi n’umwe mu bigeze kurongora uwo mugambwe wa Rwagasore, Emile Mworoha kugira bibutse urwaruka rw’ubu akamaro k’intahe yo kwikukira abarundi batsindiye biciye mu matora mu 1961 kugira ntibayanjanjweko na cane cane ubu twimirije amatora yo mu mwaka w’2020.Mu gihe abansi b’Uburundi bagizwe n’abarundi b’ibihemu bafatanije n’abanyamahanga na cane cane abakoroni b’ababirigi bahoze babufukamye mu nda, babucura bufuni na buhoro, barota bwakwa ubwigenge bwabwo bufise imizi mu ntahe yo kwikukira yahabujwe n’umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore yayirwaniye gushika akayigura, ashigikiwe n’abarundi isinzi, ikinyamakuru canyu UBUMWE caregereye uwusanzwe arongoye umugambwe UPRONA , Abel Gashatsi n’umwe mu bigeze kurongora uwo mugambwe wa Rwagasore, Emile Mworoha kugira bibutse urwaruka rw’ubu akamaro k’intahe yo kwikukira abarundi batsindiye biciye mu matora mu 1961 kugira ntibayanjanjweko na cane cane ubu twimirije amatora yo mu mwaka w’2020.Akamaro ko kuronka intahe yo kwikukira ni kanini cane
Uburundi butararonka intahe yo kwikukira, abarundi bari babayeho nabi, bakubitwa ibimoko na ba kavamahanga n’ayandi mabi menshi bakorerwa ariko bumaze kuronka intahe yo kwikukira, abanyagihugu baciye baza baritunganiriza ivyabo gutyo n’igihugu kiraheza kiragira izina mu makungu. Ivyo ni ivyashikirijwe n’Umukuru w’umugambwe UPRONA akaba n’Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe « Mutuelle », Abel Gashatsi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Yabandanije amenyesha ko Umwami Ntare Rushatsi Cambarantama yakoze igikorwa gihambaye kuko ariwe yashizeho igihugu c’Uburundi mu gihe imbere yaho cari igihugu c’ubudumbidumbi gitwarwa n’abatware benshi, gutyo igihugu kiraheza kiraronka izina congera kiraronka n’umwami umwe ariwe Segaba, Sebarundi. Inyuma yaho haciye haza umwami Ntare Rugamba aho nawe yarwaniye cane cane imbibe z’Uburundi yongera arazagura. Mu bami bagiye barakurikira gutwara Uburundi, umwami Mwezi Gisabo akaba na Sekuru wa Rwagasore ngo yakoze ibikorwa bikomakomeye kuko ku ntwaro yiwe yahanganye n’abakoroni gushika n’aho bamushira imbere amasezerano ngo ayatere ko igikumu bashaka gucura bufuni na buhoro abarundi. Ariko abarundi baraheza baragiteramira, barakirwanira mbere bamwe baranahasiga ubuzima. Niho rero umwana w’umwami mwamutsa ariwe Rwagasore yaraba ingene abarundi benewabo bafatwa, ngo aca arahaguruka atangura kurondera intahe yo kwikukira ari kumwe n’abandi barundi b’imboneza. Ariko kugira bashike kuri iyo ntambwe ntivyari vyoroshe, niho Rwagasore yaheza agashiraho umugambwe UPRONA mu 1958, abakoroni baragerageza kumubohera amaboko i mugongo bashiraho iyindi migambwe ariko vyose biratsindwa kuko mu 1961 haciye haboneka intsinzi y’umugambwe UPRONA utsinze amatora y’abashingamateka gutyo Uburundi buca bwirikukira mu 1962 mu kwezi kwa Mukakaro, maze abarundi bakira ikimoko bakira ubukoroni naho Rwagasore yaciye aba incungu.Abel Gashatsi yamenyesheje ko hambavu yo gukira ikimoko akamaro ko kwikukira ari kanini cane kuko igihugu giheza kikagira izina mu makungu, abanyagihugu bagaheza bakaba aribo bitunganiriza ivyabo, imigambi yabo haba mu bijanye n’intwaro, ubutunzi, umutekano, imibano n’ibindi. Igihugu gifise intahe yo kwikukira ngo uko kingana kwose kiba gifise imbibe zizwi zitegerezwa gukingigwa kuko kiba ari igihugu gifise izina mu makungu. Eka ngo kiba ari igihugu cigenga, citunganiriza ivyaco kitarinze kuzera inze mu makungu.Abel Gashatsi yarongeye amenyesha ko mu rwaruka rwa kino gihe bigoye kumenya ko hariho aboshobora gukunda Uburundi bakabwigura nkuko Rwagasore yabwiguze kandi yari akiri muto. Ku bwiwe ngo yitegereje mu mugambwe arongoye, ngo hariho urwaruka rukunda umugambwe n’igihugu kandi ruzi ubwenge, ngo bashobora kuba bahari rero kumbure ntibaronke akaryo ko kumenyekana canke ugasanga bazibirwa n’imboneza. Gashatsi yashimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi yama ariko araronsa urwaruka ndetse n’abarundi bose inyigisho zo gukunda igihugu. Ku ruhande rw’urwaruka rero, Gashatsi abasaba gufatira akarorero kuri Rwagasore, rugakunda igihugu cabibarutse gushika n’aho bocigura nk’uko rwagasore yabikoze, bakama biyumvira icoteza imbere igihugu n’abanyagihugu gusa. Ikindi naco ni uko bogerageza ku myaka mike baba bafise bashobora kugira ico berekanye bagakora ikintu ciza cotuma abantu baza barabibuka. Yasavye urwaruka kandi kwirinda inyosha mbi, imigumuko, ubusuma nk’uko Rwagasore yabirwanya gutyo bakitwararika ivyotuma igihugu c’Uburundi gitera imbere.
Amatora yo mu 2020 yoba akaryo keza ko gutsimbataza intwaro rusangi
Umwigisha muri Kaminuza akaba ari n’uwahoze arongoye umugambwe Rwagasore yasize, Emile Mworoha yamenyesheje ko Rwagasore yitanze imbere y’abarundi bose, arondera ko Uburundi bworonka intahe yo kwikukira. Uko kwitanga kwiwe kwatumye umugambwe wiwe ushikana igihugu ku ntahe yo kwikukira. Ku bw’ivyo Rwagasore ngo yabereye akarorero abarundi bose, abakuru n’abakiri bato, ntiyigeze ashira imbere inyungu ziwe ahubwo yashira imbere inyungu z’abanyagihugu bose kuko yabona akamaro ko kuronka intahe yo kwikukira ari kanini cane ku gihugu. Muri ivyo harimwo ingene abanyagihugu bashobora kwitorera ababarongora ata munyamahanga abari kw’isozi, bakishingira demokarasi, igihugu cibwira imigambi yo gutera imbere muri vyose haba mu bijanye n’uburimyi, n’ubutunzi, mu guteza imbere urwaruka n’ibindi. Rwagasore yari afitiye imigambi myiza kandi myinshi abarundi kugirango batere imbere aho bamugandaguye amaze gutanguza umugambi w’amakoperative wafashije abatari bake mu gihugu. Ku bijanye n’amatora yo mu 2020, Emile Mworoha akaba yamenyesheje ko abanyagihugu bama bipfuza ko amatora agenda neza, mu mwidegemvyo no mu mahoro ntangere hanyuma abarundi bakitorera neza ababarongora nk’uko biri mw’Ibwirizwa Shingiro. Amatora yo mu 2020 rero ngo yoba akaryo keza ko gutsimbataza intwaro rusangi, intwaro ya demokrasi gutyo abarundi bakomeze intahe yo kwikukira hanyuma amahoro n’umutekano bitsimbatare mu gihugu. Urwaruka narwo ngo rwogerageza rukaja mu matora rutekanye, rufise intumbero nziza gutyo rukabera akarorero abo basumba. Yasavye abanyeporitike kugendera iragi rya Rwagasore, ntibashire imbere inyungu zabo ariko bashire imbere inyungu z’abanyagihugu bose. 

Estella Niyongere

Ouvrir