Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi Merankabandi urafasha cane gutegekaniriza kazoza keza abenegihugu

Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa mu mugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Arcade Nimubona amenyesha ko igisata arongoye cishimira cane ibiriko birangurwa n’uwo mugwi. Ivyo akabivuga afatiye ku mugambi MERANKABANDI washizweho kugira ngo ufashe abenegihugu kwiyungunganya no gutegura kazoza kabo ubu uriko urangurirwa mu ntara zine. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 6 Ruheshi 2019 i Bujumbura. Nimu kurikirane ido n’ido ry’ikiganiro yaduhaye.Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa mu mugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Arcade Nimubona amenyesha ko igisata arongoye cishimira cane ibiriko birangurwa n’uwo mugwi. Ivyo akabivuga afatiye ku mugambi MERANKABANDI washizweho kugira ngo ufashe abenegihugu kwiyungunganya no gutegura kazoza kabo ubu uriko urangurirwa mu ntara zine. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 6 Ruheshi 2019 i Bujumbura. Nimu kurikirane ido n’ido ry’ikiganiro yaduhaye.UBUMWE : Muriko mutegura inama igira gatanu ya bose y’Inama nkuru y’umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu uwo na wo ukaba urongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, murashobora kutubwira ico mwishimira mwaranguye mu vyo mwari mwarategekanije kuzoshikako inyuma y’inama bene iyo mwateguye mu mwaka w’2018 ?
Arcade Nimubona (A.N) : Nk’uko mubivuze turiko dutegura inama ya bose y’Inama nkuru y’abagize umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza keza abenegihugu mu mpera z’uku kwezi kwa Ruheshi. Hari ivyo rero twishimira cane twashoboye kurangura. Aha novuga umugambi ukomeye MERANKABANDI usanzwe uriko urafasha cane imiryango ishika 48 000 iri mu ntara za Gitega, Ruyigi, Karusi na Kirundo. Gushika rero uno munsi iyo miryango iraronswa udufaranga tungana 20.000 uko ukwezi guheze kugira ngo ishobore kwikenura mutwo ikeneye. Uwo mugambi kandi uzotuma umuryango wose ushobora kuronka amafaranga 600.000 mu mezi mirongo itatu akurikirana. Ihangiro rya Reta ni uko iyo miryango yoba nk’abandi, ntigume mu bukene budasanzwe. Hariko harakorwa ibitari bike kugirango uwo mugambi ushikire n’izindi ntara. Ikindi cari carasabwe mu nama ya bose yo mu mwaka uheze ni uko abavuka ntara bokwama nankaryo bashigikira imigambi yo guteza imbere abavuka muri izo ntara kugira ngo umugambi uba ugenewe intara ku rwego rw’igihugu ushobore gushirwa mu ngiro neza. Aha hari harasabwe ko abavukantara bofasha gushinga amashirahamwe y’iterambere nk’amakoperative n’ibindi. Ikindi cari casabwe muri iyo nama ni uko abarongoye intara n’amakomine bofasha cane kugirango hashingwe amashirahamwe y’abikorera ivyabo afasha abenegihugu kwivuza. Ayo mashirahamwe rero yo kuvuzanya yarashinzwe mu ntara zose z’igihugu uko ari cumi n’umunani eka no mu makomine bene ayo mashirahamwe henshi aramaze gushingwa. Gusa igisigaye kikigoranye gatoya ni uko abenegihugu bacijijanya imitima yo kuja muri ayo mashirahamwe. Turishimira rero ko ayo mashirahamwe yamaze gukwira mu ntara zose z’igihugu. Igikorwa turiko rero dukora ni uko twohimiriza kugirango abenegihugu bijukire kuja mari ayo mashirahamwe.Ikindi twari twariyemeje gushikako ni ugutegura uburyo bwo gufasha abanyeshure bantahonikora gufungurira kw’ishure. Ico gikorwa kiramaze gutera intambwe kuko Reta imaze kuganira neza n’abasanzwe bayifasha nk’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe ibifungurwa PAM ingene ukugaburira abanyeshure kw’ishure kwotegurwa neza. Baramaze rero kumvikana ingene ico gikorwa kizorangurwa. Ico kumenya kandi ni uko uwo mugambi wo kugaburira abanyeshure kw’ishure utaraba abanyeshure bose. Uraba gusa abanyeshure bava mu miryango ikenye cane kurusha iyindi. Ihangiro ngaha ni uko Reta yipfuza ko ata mwana yoheba ishure kubera atagira ico afungura. Ngo bene uwo mugambi urafasha cane kugumiza abana ku mashure. 
UBUMWE : Hari inzitizi mubona mu gihe muriko murarangura imigambi nk’iyo ifasha abenegihugu ?
A.N : Muri iki gikorwa co gukinga no gutegekaniriza kazoza keza abenegihugu hari uguhindura ingendo dusaba umwenegihugu wese. Kumenya gukinga no kwitegekaniriza kazoza kiwe ni kimwe mu bintu bituraza ishinga. Umwenegihugu rero wese yategerezwa kumenya kwikingira no kwitegekaniriza kazoza kiwe hanyuma Reta ikaza imushigikira. Ico rero nticoroha kuko hari benshi baguma biteze ko Reta ariyo izobakorera vyose. Hari n’abandi benegihugu bibuka kwikingira bamaze kwonerwa aha novuga nk’abo usanga barondera gutegekanya kazoza kabo kubera biboneyeko impanuka zibashikiye. 
UBUMWE : Musaba iki abazokwitaba iyo nama ya bose muriko mutegura kugira ngo ibizoyigirwamwo bizobe ivy’ingirakamaro koko ?
A.N : Ubwa mbere ho urwego rujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza keza abenegihugu  rurongowe n’Umukuru w’igihugu cacu. Iyo nama izoba irongowe n’Umukuru w’igihugu. Abazoyitaba harimwo abashikiranganji cumi n’umwe bakorera mu bisata ahanini bisabwa kwama bishigikira kazoza k’umwenegihugu kurusha abandi. Iyo nama ya bose kandi iba yitabwe n’abarongoye intara bose kuko aribo batwara uwo mugwi mu ntara barongoye. Haba hari kandi abarongoye amakomine bose kuko nabo barongoye uwo mugwi mu makomine barongoye. Abandi bitaba iyo nama ni abahinga eka mbere n’abasanzwe bafasha Reta mu gutanga ubumenyi n’uburyo. Abandi bitaba iyo nama ni abikorera ivyabo bamwe muri abo usanga barashinze imigambi y’amakoperative canke amashirahamwe yo kuvuzanya n’ibindi. Mbwira abo bose rero batumirwa muri iyo nama kwitegura neza kuko muri uku kwezi kwa Ruheshi kurangiza umwaka w’akazi nk’uko biri mw’Ibwiriza Shingiro twitoreye ryerekana ko umwaka w’akazi utangura muri Mukakaro ukarangira muri Ruheshi k’umwaka ukurikira. Iyo nama izoba irongowe n’Umukuru w’igihugu ari nawe arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza keza abenegihugu kazoba ari akaryo keza ko gutegura ibindi bizorangurwa mu mwaka ugiye gukurikira uzotangura muri Mukakaro uwu mwaka turimwo w’2019.

Nathan Ntahondi

Ouvrir