Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amakungu akwiye kwima amatwi abavuga Uburundi uko butari

Duhere iyi  ntangamarara  ku bibazo bimwe bimwe nk’ibi: Ni kuki ibihugu biri mw’shirahamwe rya Buraya n’ubwo atari vyose, vyama vyashatse kwononera abarundi mu buryo bariko baratwarwa kandi aribo bonyene babwishiriyeho ?  Ni kuki ivyo bihugu na cane cane ibihugu vy’Ububirigi n’Ubufaransa vyama vyarondeye ingene amakungu yofatira ibihano Uburundi ?  Ni kuki ivyo bihugu vyama vyarondeye ingene vyotoba amatora Uburundi bwiteguriye mu 2020 ?  Ni kuki ivyo bihugu nyene vyama vyavuze Uburundi uko butari, bigashikiriza amakungu ko ibintu bitifashe neza mu Burundi, bibicishije mu nyandiko canke mu maradiyo ? Ivyo ni ibibazo bimwe bimwe abarundi bashobora kwibaza muri kino gihe bariko baratsimbataza amahoro n’umutekano vyo soko ry’iterambere rirama, bongera bitegurira amatora yo mu 2020 na cane cane mu kubandanya bayaterera. Tubabwire ko inyuma y’Inama itabaye yari yategekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2019, ibihugu bimwe bimwe bigize ishirahamwe rya Buraya  nk’Ububirigi n’Ubufaransa vyagerageje kurondera ingene  iyindi nama yoba mu mpisho, mugabo ivyo bihugu ntaco vyashitseko. Iyo nama yari yerekeye Uburundi yari kugirishwa n’urwego rukuru rwa ONU rujejwe umutekano kw’isi. Mugabo naho vyagenze uko, turazi ko ivyo bihugu biticaye. Turazi ko biriko birakoresha amayeri yose kugira ngo habe inama yerekeye Uburundi, iyo nama igaha akaryo abansi b’Uburundi ko kububeshera bongere babucapfuze. Duhere iyi  ntangamarara  ku bibazo bimwe bimwe nk’ibi: Ni kuki ibihugu biri mw’shirahamwe rya Buraya n’ubwo atari vyose, vyama vyashatse kwononera abarundi mu buryo bariko baratwarwa kandi aribo bonyene babwishiriyeho ?  Ni kuki ivyo bihugu na cane cane ibihugu vy’Ububirigi n’Ubufaransa vyama vyarondeye ingene amakungu yofatira ibihano Uburundi ?  Ni kuki ivyo bihugu vyama vyarondeye ingene vyotoba amatora Uburundi bwiteguriye mu 2020 ?  Ni kuki ivyo bihugu nyene vyama vyavuze Uburundi uko butari, bigashikiriza amakungu ko ibintu bitifashe neza mu Burundi, bibicishije mu nyandiko canke mu maradiyo ? Ivyo ni ibibazo bimwe bimwe abarundi bashobora kwibaza muri kino gihe bariko baratsimbataza amahoro n’umutekano vyo soko ry’iterambere rirama, bongera bitegurira amatora yo mu 2020 na cane cane mu kubandanya bayaterera. Tubabwire ko inyuma y’Inama itabaye yari yategekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Rusama 2019, ibihugu bimwe bimwe bigize ishirahamwe rya Buraya  nk’Ububirigi n’Ubufaransa vyagerageje kurondera ingene  iyindi nama yoba mu mpisho, mugabo ivyo bihugu ntaco vyashitseko. Iyo nama yari yerekeye Uburundi yari kugirishwa n’urwego rukuru rwa ONU rujejwe umutekano kw’isi. Mugabo naho vyagenze uko, turazi ko ivyo bihugu biticaye. Turazi ko biriko birakoresha amayeri yose kugira ngo habe inama yerekeye Uburundi, iyo nama igaha akaryo abansi b’Uburundi ko kububeshera bongere babucapfuze. Muri kino gihe Abarundi biteguriye amatora yo mu 2020, ababarwanya hamwe n’ibikoresho vyabo ntibicaye. Amaradiyo, amatereviziyo hamwe n’ibinyamakuru vyo mu Bufaransa no mu Bubirigi vyama vyahaye ijambo abarundi bahunze igihugu cabo, kubera ivyaha bagirizwa, bakongera bagakurikiranwa n’ubutangane bw’Uburundi. Abo barundi nibo basigaye ari ibikoresho vy’ibihugu birwanya Uburundi. Mu biganiro bama batanze haravugirwa ibinyoma vyinshi ku Burundi,  ku barundi no ku nzego abanyagihugu bo nyene bishiriyeho biciye mu matora yo mu 2005, mu 2010 no mu 2015 mu kurindira ayandi yo mu 2020. Muri ivyo biganiro vy’ibinyoma hari ikiganiro cavuze ko ku wa gatandatu  w’indwi iheze, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yariko araha imbonerakure zo mu Kirundo ivyuma vyo guhanahana amakuru, kandi muri ico gihe  nyene yari i Bururi kurangura amabanga yari yahamagariwe. Amaradiyo yo mu bihugu bimwe bimwe bigize ishirahamwe rya Buraya yoba ari ayo kubesha ?  Umuntu arashobora kuvyemera. Tubandanye twitegurira amatora yo mu 2020, azotume twerekana Uburundi uko buri koko, abama babuvuga uko butari bamaramare.

Louis KAMWENUBUSA

Ouvrir