Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundikazi batewe akamo ko kwitoza ku nzego zitandukanye mu matora yo mu mwaka w’2020

mulamulaMu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2020, ngo abakenyezi bariko barayitegurira kugira umwe wese  azogire uruhara mu bijanye no kwitoza no guharanira amahoro. Haruhande yo kwitoza, abakenyezi b’abarundi barafashe ingingo mu nama yabahuje, mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze  barongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, iyo ngingo ikaba yari ijanye no guterera amatora yo mu mwaka w’2020, aho bashoboye kwegeranya imiriyoni zirenga 78 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, mu gatondo ko ku wa 7 Ruheshi 2019, aho yari ahejeje guha umubonano abakenyezi basanzwe bari mu rwego rwo gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika no karere duherereyemwo, abo nabo akaba ari uwahoze arongoye igihugu ca Centrafrique, Catherine Sambapanza na Libérate Muramula, uwo nawe akaba yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’inama mpuzamakungu y’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini CIRGL.Mu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2020, ngo abakenyezi bariko barayitegurira kugira umwe wese  azogire uruhara mu bijanye no kwitoza no guharanira amahoro. Haruhande yo kwitoza, abakenyezi b’abarundi barafashe ingingo mu nama yabahuje, mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze  barongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, iyo ngingo ikaba yari ijanye no guterera amatora yo mu mwaka w’2020, aho bashoboye kwegeranya imiriyoni zirenga 78 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, mu gatondo ko ku wa 7 Ruheshi 2019, aho yari ahejeje guha umubonano abakenyezi basanzwe bari mu rwego rwo gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika no karere duherereyemwo, abo nabo akaba ari uwahoze arongoye igihugu ca Centrafrique, Catherine Sambapanza na Libérate Muramula, uwo nawe akaba yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’inama mpuzamakungu y’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini CIRGL.Nk’uko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza inyuma y’uwo mubonano, ngo muri ico gihe, yaboneyeho akaryo ko kubacira ku mayange ibikorwa asanzwe akorana n’abakenyezi bo mu Burundi mu bijanye no gutsimbataza amahoro. Mu gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2020, ngo abarundikazi bariko baritegura kugira umwe wese azogire uruhara ku bijanye no kwitoza no gutsimbataza amahoro. Mu rukurikairane rw’ibikorwa umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ariko ararangura mu Burundi, ngo mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze, ngo harabaye inama yahuje abakenyezi, aho bavanye bapfunditse ingingo y’uko igihe bazoba bariko bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi bazoheza bagaterera amatora yo mu mwaka w’2020. Imvugo rero ngo yajanye n’ingiro kubera ko imbere yo guhimbaza uwa 8 Ntwarante umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, abarundikazi baraterereye amatora yo mu mwaka w’2020, ku rugero rw’imiriyoni zirenga 78 z’amafaranga y’amarundi. Ico rero ngo ni ikimenyetso c’uko abakenyezi b’abarundi bashigikiye amahoro. Vyongeye, ngo umukenyezi w’umurundi arashoboye. Ako ngo ni akarorero kamwe mu bundi kerekana ko ico umukenyezi yemeye aheza akagikora.Bisubiye, ngo umukenyezi w’umurundi arashima ko yahawe ikibanza mu nzego zitandukanye. Abo bakenyezi bajejwe amabanga y’igihugu, ngo baraganira aho bibukanya gukora neza kugira bazokwitoze mu matora yo mu mwaka w’2020. Abakenyezi nibatora bakongera bakitoza  ngo bashobora kuzorenza ibibanza bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro ndetse umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu akabahimiriza gukorana n’abakenyezi ku rwego rwa Afrika n’isi yose.Abashitsi bakiriwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu nabo barashima uruhara ariko mu guhimiriza abakenyezi b’abarundi kugira bagire uruhara mu bijanye no gutsimbataza amahoro hamwe no kwitoza mu matora ku nzego zitandukanye. Urwo rugendo abo bashitsi bagize mu Burundi ngo ruje rukurira urundi bari bagize mu Burundi mu kwezi kwa Myandagaro mu mwaka w’2018.

Déo Misigaro                                                                                                      

Ouvrir