Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA asaba abarundi kurangwa n’umutima wo kurinda

DSC 0366551Inyigisho zo kuzirikana igihugu Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagirishije abanyagitega muri komine Makebuko ku mutumba Murenda ku wa 7 Ruheshi 2019 ntizari izisanzwe kuko zabereye mu kibanza gifise insiguro zikomeye kubera ariho yavugiye ijambo rya mbere intambara ihagaze inyuma y’aho bari bahejeje gushira umukono ku masezerano yo kuyihagarika burundu. Mu nyigisho z’uwo munsi  Prezida NKURUNZIZA akaba yasavye abanyagitega n’abarundi bose kurangwa n’umutima wo kurinda nk’uko  vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana inyuma y’izo nyigisho. Inyigisho zo kuzirikana igihugu Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagirishije abanyagitega muri komine Makebuko ku mutumba Murenda ku wa 7 Ruheshi 2019 ntizari izisanzwe kuko zabereye mu kibanza gifise insiguro zikomeye kubera ariho yavugiye ijambo rya mbere intambara ihagaze inyuma y’aho bari bahejeje gushira umukono ku masezerano yo kuyihagarika burundu. Mu nyigisho z’uwo munsi  Prezida NKURUNZIZA akaba yasavye abanyagitega n’abarundi bose kurangwa n’umutima wo kurinda nk’uko  vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana inyuma y’izo nyigisho. Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu akaba rero yavuze ko bwabaye ubwa mbere  izo nyigisho zari zitunganirijwe ku kibuga, hanze. Izari zimaze kuba zabera mu nyubakwa zugaye kandi zishajije. Yarongeye amenyesha ko izo nyigisho zihuriranye n’uko haheze imyaka 116 umwami Mwezi Gisabo ashize umukono ku masezerano y’i Kiganda n’abakoroni b’Abadagi abo nabo bakaba bari baje gushira mu ngiro intwaro y’abo ishira mu buja Uburundi kuko hari haheze imyaka 7 abarwanya. Uwo munsi kandi wahuriranye n’uko harangiye umwaka Umukuru w’igihugu ashize umukono kw’Ibwirizwa Shingiro rishasha, bikaba vyabereye muri komine Bugendana, intara ya Gitega. Iryo Bwirizwa Shingiro naryo rikaba ryaje rishira Imana imbere.

Ico gihe Umwami Mwezi Gisabo akaba yatanze inka zishika 424 n’ibikorwa vy’agahahazo.  Muri iyo myaka 7 hakaba hari hamaze gupfa abantu bashika ibihumbi bitanu bahambwe ahari (minoterie de Muramvya) muri kino gihe. Umukuru w’igihugu yasavye abarundi kurangwa n’umutima wo kurinda.Yarangije abasobanurira icitwa iyerekwa kuko ari ikintu gikomeye cane co kwubakirako ubuzima bwabo bwose. Bisubiye uwufise iyerekwa arangwa no gukora ibintu vyiza abantu bose baguma bamwibukirako mbere harimwo n’abana biwe, abuzukuru n’abuzukuruza.  Ikindi akaba ari uko Umukuru w’igihugu yariko arifatanya n’abanyagitega mu nyigisho zigira gatatu, aho naho abahanuzi bakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu bariko barashikiriza ibintu bikuru bikuru biranga iyo ntara ya Gitega vyiza n’ibindi bitari vyiza kugira urwaruka rw’ubu n’abakuze babizirikane babizi. Barongeye bamenyesha ko vyagaragajwe n’abashakashatsi ko intara ya Gitega yabayemwo abantu kuva kera, aho bavuga imyaka ishika amajana 5 imbere ya Yezu Kristu. Bisubiye ngo n’ivyo abarundi bita Uburundi bwa Nyaburunga ni mu ntara ya Gitega. Ikindi caranze abanyagitega ni uko igihe Maconco na Kirima bariko barahiga umwami ngo bamugirire nabi, aribo bamutwaye ubusho bw’inka bakamunyegeza mu kigega mu kiringo c’umwaka wose. Ico gihe rero abanyagitega barashoboye kumurinda abansi mu kiringo c’umwaka wose. Muri iyo ntara ngo hari abantu barangwa no kurinda nk’intare mbere kikaba ari naco kimenyetso c’Uburundi.  Muri ukwo kurinda ariko hariho n’abandi bantu bitanze nka Bihome vyerekana ko abarundi ari abantu barinda. Bisubiye ingoma z’Uburundi zifise isoko mu ntara ya Gitega none ubu zisigaye ari itunga ry’isi nk’uko vyemejwe n’ishirahamwe UNESCO.

Epitace Nduwayo       

Ouvrir