Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imiryango y’abatwa ifise amatongo isabwa kurima ikiteza imbere

gopppUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba imiryango ya bantahonikora ahanini igizwe n’abatwa bo mu ntara ya Ngozi, gukura amaboko mu mpuzu bakarima na cane cane abafise amatongo. Abatayafise nabo ngo bagakorera abandi kugira baronke ico bifashisha. Aho hari ku wa 4 Ruheshi 2019 ku kibuga co kw’ishengero rya Anglikani ry’i Buye muri Komine Mwumba intara ya Ngozi, imfashanyo ikaba yaronkejwe imiryango y’abatwa n’abandi ba ntahonikora bashika 988 aho umuryango wose waronswa ibiro 7 vy’umuceri. Iyo mfashanyo bakaba bayishikirijwe n’umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu Nicaise Ndibadibe na musitanteri wa komine Mwumba Emmanuel Ndayizeye bari batumwe n’Umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba imiryango ya bantahonikora ahanini igizwe n’abatwa bo mu ntara ya Ngozi, gukura amaboko mu mpuzu bakarima na cane cane abafise amatongo. Abatayafise nabo ngo bagakorera abandi kugira baronke ico bifashisha. Aho hari ku wa 4 Ruheshi 2019 ku kibuga co kw’ishengero rya Anglikani ry’i Buye muri Komine Mwumba intara ya Ngozi, imfashanyo ikaba yaronkejwe imiryango y’abatwa n’abandi ba ntahonikora bashika 988 aho umuryango wose waronswa ibiro 7 vy’umuceri. Iyo mfashanyo bakaba bayishikirijwe n’umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu Nicaise Ndibadibe na musitanteri wa komine Mwumba Emmanuel Ndayizeye bari batumwe n’Umukuru w’igihugu. Bamwe mu baronse iyo mfashanyo barashimiye Umukuru w’igihugu yabarungikiye imfashanyo y’umuceri, bakavuga ko bari bashonje narirya ibiharage barimye bitarera kandi ibirere vyagenze nabi ntibaronke umwimbu w’agatasi. Ivyo birangiye Umukuru w’igihugu yarishikiye kuraba ihiganwa ry’imodoka mu mabarabara yo mu Vyerwa vya Ngozi. Ku muhingamo naho yarishikiye ku kibuga c’inkino “Urukundo” kwirabira inkino zariko zirahabera zatunganijwe n’ishure ry’umupira w’amaguru le “Messsager.”  Tubamenyeshe ko ku wa 3 Ruheshi, Prezida NKURUNZIZA yishikiye ku musozi Rutanga, komine Gashikanwa, intara ya Ngozi kwirabira ingene imirima yiwe imeze hamwe n’ibitungwa ahatungiye. Yaboneyeho n’akaryo ko kuraba ifumbire izana umwimbu mwiza hagati y’ifumbire FOMI-Imbura ikorerwa mu Burundi n’ifumbire z’ikizungu zikorerwa mu bindi bihugu. 
Epitace Nduwayo

Ouvrir