Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igiporisi c’Uburundi kigiye gutuza burundu abasuma bitwaje ibirwanisho

maouIgiporisi c’Uburundi kigiye gutuza burundu imigwi y’abasuma yitwaza ibirwanisho kugira abanyagihugu baronke amahoro n’umutekano. Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umuvuguzi w’igiporisi MoÏse Nkurunziza inyuma y’aho bafatiye abasuma kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2019 bategeye umupfasoni yitwa Mélanie Nduhirubusa yaragiye gusuma kw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya avuye mu Gisuru mu ntara ya Ruyigi.Igiporisi c’Uburundi kigiye gutuza burundu imigwi y’abasuma yitwaza ibirwanisho kugira abanyagihugu baronke amahoro n’umutekano. Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umuvuguzi w’igiporisi MoÏse Nkurunziza inyuma y’aho bafatiye abasuma kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2019 bategeye umupfasoni yitwa Mélanie Nduhirubusa yaragiye gusuma kw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya avuye mu Gisuru mu ntara ya Ruyigi.Moïse Nkurunziza yabandanije amenyesha ko iyo migwi y’abasuma bashika kuri 8 bategereye uwo mupfasoni wo muri komine Gisuru umutumba Nyabitaka . Ngo amaze kurengana urubibe rw’igihugu c’Uburundi ajabutse mu gihugu ca Tanzaniya, yahuye n’uwo mugwi baramwambura ivyo yari afise vyose bongera bamutwara n’amahera yari afise ibihumbi 206 vy’amashiringi y’igihugu ca Tanzaniya. Akaba yaravuze ko uwo mufasoni yatabaje igiporisi baca barakorana hamwe n’abo mu gihugu ca Tanzaniya ako kagwi karabura iyo gaca, gaca kagaruka mu gihugu c’Uburundi. Ngo bamaze kugaruka mu gihugu c’Uburundi bageze i Kinyinya bararasanye n’abajejwe umutekano aho muri bo hapfuye 3 hongera hafatwa 3,uwundi umwe akaba yafatiwe mu gihugu ca Tanzaniya bakaba barindiye ko bamuzana mu gihugu c’Uburundi hamwe n’umwe bakirondera atarafatwa.Yaramenyesheje kandi ko muri ino minsi hiharaje imigwi nk’iyo yitwaje inkoho igitera imiryango, nk’ivyibonekeje muri zone Kinama komine Ntahangwa aho bateye abaporisi bakongera bakiba n’inkoho. Ahandi vyabaye ngo ni muri komine Nyabihanga aho bishe uwutwara igiporisi muri iyo komine. Yararemesheje abanyagihugu avuga ko abo babikora igiporsi kiri maso kizobarwanya ivuye inyuma kugeza n’aho babiheba.

Thèrèse Niyonkuru

Ouvrir