Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igisata co gutwara abantu n’ibintu kigiye gutunganywa neza

kanyaooooUbushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu, bwaratunganuje ku wa 31 Rusama 2019, inama yo kwemeza icigwa  co guteza imbere igisata co kwunguruza abantu n’ibintu mu Burundi. Icigwa cakozwe n’umuhinga Abdelhak Salhi akomoka mu gihugu ca Tunisiya. Ibikorwa  vyabereye mw’ihoteri Panolamique iri mu gisagara ca Bujumbura, bikaba vyuguruwe n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu Jean Bosco Ntunzwenimana. Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu, bwaratunganuje ku wa 31 Rusama 2019, inama yo kwemeza icigwa  co guteza imbere igisata co kwunguruza abantu n’ibintu mu Burundi. Icigwa cakozwe n’umuhinga Abdelhak Salhi akomoka mu gihugu ca Tunisiya. Ibikorwa  vyabereye mw’ihoteri Panolamique iri mu gisagara ca Bujumbura, bikaba vyuguruwe n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu Jean Bosco Ntunzwenimana .Nk’uko yabimenyesheje mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama, ngo intumbero nyamukuru y’ico cigwa ni uko mu Burundi haciye imyaka myinshi ata poritike ihari yo gutwara abantu n’ibintu. Ico cigwa rero ngo kikaba kije gutanga inyishu ku kungene boringaniza neza igisata co gutwara abantu n’ibintu. Kije cishura ku bibazo bihari ubu no ku bibazo vyoshobora gushika mu nyuma, ari naco gituma kizofata imyaka icumi. Ni kuvuga kuva mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027. Ku kibazo kijanye n’uko abantu badashobora kwiyunguruza neza bitagoranye bivanye n’ubukene bw’imiduga, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu Egide  Nijimbere, amenyesha ko ari ingaruka mbi ivuye kuba ata vyigwa vyari bwabe vyo gutunganya ico gisata. Ico cigwa rero ngo kiza kibaha umuco ; intumbero ; ivyiyumviro bazoshikiriza kugira bagire umugambi uri hamwe wo kugira bashobore kwishura kuri ivyo bibazo vyose bihanze ico gisata co kwunguruza abantu n’ibintu. Ingorane y’uko abantu biyunguruza bigoranye ashikiriza ko bazi ko ihari kandi ko bariko baragerageza kuyitorera umuti, ndetse  n’Inama Nshingamateka ikaba yaremeye ko bokworohereza abinjiza imiduga yo kwunguruza abantu minini minini (bus-coaster) kugira bashobore kuyinjiza ningonga ku mahera make. Icigwa kirerekana ko icihutirwa cane ari kubanza gukora amabarabara neza yo mu gisagara ca Bujumbura. Mu ntumbero yo kugwanya amasanganya mw’ibarabara, ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta no gutwara abantu n’ibintu, buriko buratunganya umugambi wo gusuzuma umurindi w’abashoferi biruka cane. Muri ico cigwa kandi umuhinga arerekana uburyo bwo guteza imbere ukwiyunguruza kw’abantu mu buryo bwose haba mu kirere, mu mazi no mu mabarabara.

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir